Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2015

 RÉPUBLIQUE DOMINICAINE

Barashinze imizi

Barashinze imizi

Barubuye ukuri

Juana Ventura yatanguye kwiga Bibiliya igihe igikorwa co kwamamaza cari kibujijwe, kandi yabatijwe mu 1960 mu Ruzi Ozama. Igihe kimwe, hari umupasitori umwe w’i Santo Domingo yashaka kumupfungisha kubera ko ngo “yariko aramutwara abayoboke.” Mu ntumbero yo kwerekana ko Ivyabona vya Yehova ari ababeshi be no kumaramaza Juana, uwo mupasitori yaramubwiye ngo aze mu rusengero rwiwe yishure imbere y’abantu ibibazo bijanye n’ivyo yari asigaye yemera.

Juana yigana ati: “Yambajije ibi bibazo bitatu: ‘Kubera iki mudatora? Kubera iki mutaja mu ntambara? Kubera iki mwiyita Ivyabona vya Yehova?’ Igihe nariko ndishura ivyo bibazo vyose nkoresheje Bibiliya, abayoboke biwe bose baguma bakurikira muri Bibiliya kandi baratangajwe n’ivyo basomye. Benshi muri bo barabonye ko bari bubuye ukuri. Bose baratanguye kwiga Bibiliya kandi 25 muri  bo bahavuye biyegurira Yehova.” Ico kintu gitangaje cabaye caratumye igikorwa kirushiriza gutera imbere i Santo Domingo.

Ivyabona vya Yehova barashinze imizi

Inyuma y’igandagurwa rya Trujillo, ivya politike vyagumye bimera nabi. Igitabu c’umwaka 1963 cavuze giti: ‘Abasoda bari buzuye mu mabarabara, kandi ku murango abantu barakubitwa bakongera bakagirirwa nabi.’ Naho ivya politike vyari vyifashe nabi, igikorwa co kwamamaza no guhindura abantu abigishwa caguma gitera imbere nk’umuzinga, kandi mu mpera z’umwaka w’umurimo wa 1963, igitigiri c’abamamaji cari 1.155.

Igihe umuvukanyi Nathan Knorr yagendera République dominicaine avuye ku cicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova mu 1962, yaratunganije ivy’uko hagurwa itongo ryo kwubakamwo inyubakwa zagutse zo gukoreramwo ibikorwa bijanye no kwitwararika igikorwa co kwamamaza caguma gitera imbere. Muri iryo tongo hubatswe inyubakwa y’amagorofa abiri hamwe n’Ingoro y’Ubwami. Ku wa gatandatu, igenekerezo rya 12 Gitugutu 1963, Frederick Franz, uwundi mushitsi yavuye ku cicaro gikuru, yarashikirije insiguro yo kwegurira Imana izo nyubakwa nshasha z’ishami. Vyaragaragara ko Ivyabona vya Yehova bari bashinze imizi muri République dominicaine. Gatoyi inyuma y’aho izo nyubakwa zeguriwe Yehova, Harry Duffield n’umukenyezi wiwe Paquita barashitse, abo bakaba ari bo bamisiyonari b’Ivyabona ba nyuma birukanywe muri Kiba.

Batera imbere naho hari imigumuko

Ku wa 24 Ndamukiza 1965, imigumuko yarakomeye mu gihugu. Mu misi itoroshe yakurikiye, abasavyi ba Yehova barabandanije gutera imbere mu vy’impwemu. Mu 1970, hari abamamaji 3.378 mu mashengero 63. Abarenga igice cabo bari baje mu kuri mu myaka itanu yari iheze. Igitabu c’umwaka 1972 cavuze giti: “Abaje bakora ubuzi  butandukanye: Uri abakanika imiduga, abarimyi, abashoferi b’amabisi, abanyabigega, abubatsi, ababaji, abashingwamanza, abaganga b’amenyo, emwe, eka n’abahoze ari abanyapolitike ntibasigaye inyuma; bose bakwegerewe n’urukundo bakunda ukuri na Yehova.”