Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2015

 RÉPUBLIQUE DOMINICAINE

Ikinyamugigima cateye muri Hayiti

Ikinyamugigima cateye muri Hayiti

Igikorwa co kwamamaza mu gishinwa gitera imbere

Mu 2005, ibiro vy’ishami vyaragenye umunyabeteli yavuga igishinwa yitwa Tin Wa Ng kugira abe umutsimvyi adasanzwe yamamaza ku bantu benshi bavuga igishinwa bari muri ico gihugu. Yavukiye muri République dominicaine yongera arahakurira. Abavyeyi biwe baje kuba i Santo Domingo bavuye mu Bushinwa.

Kw’igenekerezo rya 1 Nzero 2008, i Santo Domingo harashinzwe ishengero ry’igishinwa c’ikimandarini, kandi mu 2011 i Santiago harashinzwe umugwi. Abamamaji 70, ushizemwo n’abatsimvyi basanzwe 36 hamwe n’abatsimvyi bo gufasha batari bake, usanga bayobora inyigisho za Bibiliya 76 buri kwezi, tugize incahagati.

 Haronderwa abigishwa bavuga icongereza

Mu 2007, hari abamamaji 27.466 bagira uruhara mu busuku mu mashengero 376, kandi bayobora inyigisho za Bibiliya 49.795. Yamara, nta shengero ry’icongereza ryariho kandi abantu bavuga icongereza bari benshi. Ku bw’ivyo, muri Ndamukiza 2008, ishami ryararungitse i Santo Domingo abamisiyonari Donald Elwell n’umukenyezi wiwe Jayne ngo batanguze umugwi w’icongereza. Uwo mugwi mutoyi ariko ugizwe n’abamamaji b’abanyamwete wabanje kurondera aho abantu bavuga icongereza baba. Baciye batunganya icibare kugira ngo bashobore gushinga intahe inogangije.

Bivuye kuri utwo twigoro, uwo mugwi w’icongereza w’i Santo Domingo warabandanije gutera imbere, kandi muri Mukakaro 2009 harashinzwe ishengero ryari rigizwe n’abamamaji 39. No mu tundi turere two mu gihugu babigenjeje gutyo. Gushika muri Munyonyo 2011, muri ico gihugu hari hamaze gushingwa amashengero y’icongereza indwi n’umugwi umwe.

Umuragi akaba n’impumyi aja ku ruhande rwa Yehova

Umutsimvyi adasanzwe ariko araganira na Lorys akoresheje vya bimenyetso bagirira mu maboko y’umuntu atumva kandi atabona

Lorys arwaye indwara itera uruhumyi n’ukutumva (iyo bita Syndrome d’Usher). Yakuze ari impfuvyi. Yavutse atumva, kandi igihe yari afise imyaka 16 yaratanguye guhuma. Ku murango arashobora guhwihwisha ariko mw’ijoro ntabona namba. Bwije, uburyo bumwe gusa bwo kumuvugisha ni mu gukoresha vya bimenyetso bagirira mu maboko y’umuntu atumva kandi atabona.

Hari umugabo n’umugore wiwe b’abatsimvyi badasanzwe baganiriye na Lorys igihe yari afise imyaka 23. Ico gihe, yabana n’umugabo w’umuragi hamwe n’agakobwa kabo k’umwaka umwe kumva. Lorys yaremeye kwitaba amakoraniro y’ishengero kandi yarakozwe ku mutima n’ivyo yahigiye.

Lorys ntiyatevye kugira ivyo ahinduye mu buzima bwiwe. Nk’akarorero, igihe yamenya ko ari bibi kubana n’uwo  mugabo wiwe kandi batubakanye mu mategeko, yaraganiriye na we akamaro ko kwandikisha umubano wabo, yongera aramusigurira ko adashobora kurenga ku ngingo ngenderwako za Bibiliya zigenga inyifato runtu. Uwo mugabo yaratangajwe n’ukuntu yavuze ashize amanga, aca aremera kumwandikisha.

Bamaze kwandikisha umubano wabo, Lorys yarabaye umwamamaji kandi haciye igihe gito yarabatijwe. Muri ico  gihe nyene, abikesheje kuba yariga Bibiliya n’Ivyabona, yarize ururimi rw’ibimenyetso rw’Abanyamerika. Kuva agitangura kurwiga, yaciye afasha agakobwa kabo kwiga urwo rurimi rw’ibimenyetso kandi ariko arakigisha ukuri.

Nyamugigima yatemye igatongora muri Hayiti

Umusi wa kabiri igenekerezo rya 12 Nzero 2010, uzoguma ari intibagirwa ku bantu bo muri République dominicaine no muri Hayiti. Kuri uwo musi muri Hayiti harateye ikinyamugigima gikomeye. Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova yaciye ubwo nyene iha uburenganzira ishami ryo muri République dominicaine bwo kurungika kw’ishami ryo muri Hayiti amahera yo gukoresha mu vyo gutabara. Kubera ko hari kurungikwa amahera menshi cane, umuvukanyi w’umuganga wa Beteli yitwa Evan Batista, uno akaba yareha n’imetero 1 na santimetero 90, agapima ibilo 127, ni we yagenywe ngo ayatware.

 Ingingo yo kurungika umuvukanyi Batista yaragaragaye ko yari ngirakamaro kubera ko igihe yashika ku mupaka, yamenyeshejwe ko hari hakenewe cane abaganga babishoboye bofasha. Abantu benshi bari bakomerekejwe cane n’ico kinyamugigima bariko barazanwa ku Ngoro y’amateraniro iri iruhande y’ishami ryo muri Hayiti kugira ngo bavugwe. Igihe abavukanyi bo muri Hayiti bamenya ko umuvukanyi barungikanye amahera ari umuganga wa Beteli, baciye baterefona kw’ishami ryo muri République dominicaine basaba ko uwo muvukanyi Batista yoguma muri Hayiti. Emwe, baravyemeye, maze aca aratangura igikorwa kitoroshe co gufasha abo bavukanyi bacu bo muri Hayiti, aho hakaba hari haciye amasaha makeyi ico kinyamugigima kibaye.

Abavukanyi barihutiye gufasha inyuma ya ca kinyamugigima catera mu 2010 muri Hayiti

Abo mu Rwego rujejwe kugura ibikenewe rwo kw’ishami ryo muri République dominicaine baciye ubwo nyene bavugana n’abantu basanzwe bashorera ibifungurwa. Rero, baciye baronka ibilo birenga 6.800 bigizwe n’ibiharage n’umuceri hamwe n’ibindi bifungurwa vya nkenerwa maze babirungika muri Hayiti ku wa kane igenekerezo rya 14 Nzero isaha umunani n’igice z’ijoro, bikaba biboneka ko yari yo mfashanyo ya mbere yinjiye muri ico gihugu ivuye mu mahanga. Mu nyuma kuri uwo musi, hari abandi baganga batatu bo muri République dominicaine bagize urugendo rw’amasaha indwi bagiye kw’ishami rya Hayiti. Bashitse bwije, ariko aho gutera baja aho bari kurara, baciye bagenda ubutarariye ahari abakomeretse, maze batangura gukora gushika mu gicugu. Bukeye bwaho, abandi baganga bane n’abaforomakazi bane barashitse bavuye muri République dominicaine. Barabaze abari bakeneye kubagwa, ariko ntivyari vyoroshe kubera babagira ku Ngoro y’amateraniro. Mu ndwi yakurikiye, abo baganga 12 bavuye abantu barenga 300 bari bakomeretse.

Buri musi, ababa baremvye cane bararungikwa muri République dominicaine kuvurirwayo. Vyarashika ugasanga  imodoka zaba zazanye imfashanyo muri Hayiti ni zo nyene ziciye zinyarukana abakomeretse ku bitaro bitandukanye vyo muri République dominicaine. Ishami ryaratunganije Imigwi igendera Ivyabona barwaye kugira ngo iremeshe abo bakomeretse no kugira ngo yiyemeze ko baronka imiti n’ibindi vya nkenerwa. Amashengero y’aho muri République dominicaine yararonsa ibifungurwa n’indaro ababa baherekeje abo mu miryango yabo barwaye.

Ivyabona vya Yehova batanze imfashanyo z’amatoni arenga 450, harimwo n’amatu y’imfungurwa 400.000

Ukuntu abasavyi ba Yehova bakora batiziganya kandi ata bwikunzi inyuma y’ico cago biragaragaza ko amajambo avugwa mu Migani 17:17 ari ay’ukuri, ayagira ati: “Umugenzi nyakuri akundana igihe cose, kandi ni uwo muvukana yavukiye kuhaseruka mu gihe c’amarushwa.” Ivyagiye biraba birerekana ko Yehova, akoresheje impwemu yiwe n’abavukanyi bagenzi bacu, yagumye ashigikira intahemuka ziwe, n’igihe baba bari mu kaga gakomeye. Ibikorwa bikomeye vyo gutabara vyaramaze amezi atari make. Ivyabona vya Yehova batanze imfashanyo z’amatoni arenga 450, harimwo n’amatu y’imfungurwa 400.000. Abavukanyi na bashiki bacu 78 b’abaganga bakanongoreye bo hirya no hino kw’isi baraje baratanga umwanya wabo n’ubuhanga bwabo bari kumwe n’abandi benshi cane bitanze. *

^ ing. 1 Kugira ubone raporo yose, raba Be maso! (y’igifaransa) yo muri Kigarama 2010, urupapuro rwa 14-19.