Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2015

 RÉPUBLIQUE DOMINICAINE

Igitero gikaze

Igitero gikaze

“Bazoba bazimanganye”

Uwitwa Borbonio Aybar yabatijwe ku wa 19 Nzero 1955, igihe igikorwa cari kikibujijwe. Inyuma y’aho abatirijwe, yarayoboye inyigisho za Bibiliya nyinshi i Monte Adentro no muri Santiago. Mu 1956 igihe igikorwa casubira kwemerwa, bamwe mu nyigisho ziwe barabatijwe, harimwo n’umugore wiwe.

Ukwezi kwa Mukakaro 1957 kugeze hagati, abategetsi barahuriye i Salcedo kugira bigire hamwe ivyo kurwanya Ivyabona. Umuvukanyi Aybar avuga ati: “Francisco Prats-Ramírez, uwari ayoboye iyo nama, yavuze ati: ‘Mu misi mikeyi gusa, bazoba bazimanganye.’” Budakeye na kabiri, ku wa 19 Mukakaro 1957, abapolisi barafashe Ivyabona vya Yehova b’i Blanco Arriba, b’i El Jobo, b’i Los Cacaos, n’ab’i Monte Adentro.

Umuvukanyi Aybar yigana ati: “Mu bafashwe narimwo. Twaciye tujanwa ku cicaro gikuru c’abasirikare i Salcedo. Tugishikaho, umukoloneli yitwa Saladín yarankubise. Mu maso hiwe hari harunguye n’ishavu igihe yariko aradukubita. Baciye badutondesha mu mirongo ibiri, umwe w’abagabo uwundi w’abagore. Abarinzi baciye batangura gukubita imigere abagabo, abagore na bo bakabakubita inkoni. Ivyo babigira bigamba ngo ‘Ndi umugatolika kandi ndica.’”

“Narasomye Bibiliya, kandi ndazi ko Yehova ari Imana”

Umuvukanyi Aybar baramuciye amande n’umunyororo w’amezi atatu. Aybar abandanya ati: “Igihe twari dupfunzwe,  hari umujenerali yitwa Santos Mélido Marte yaje kuturaba. Yatubwiye ati: ‘Narasomye Bibiliya, kandi ndazi ko Yehova ari Imana. Nta kintu na kimwe mwakoze cotuma babacira umunyororo, ariko nta co nshobora kubafasha kubera ko abari inyuma y’ipfungwa ryanyu ari abasenyeri ba Gatolika. Abantu bonyene boshobora kubarekuza ni abo basenyeri nyene canke jefe (“kizigenza,” Trujillo).’”

“Wewe rero ni we uri shefu?”

Mu bafashwe harimwo umukobwa wa mushiki wacu Fidelia Jiménez n’abakobwabo, abo bose akaba ari we yari yarabigishije Bibiliya. Naho Fidelia atari mu bari bafashwe, yarishikanye ku bategetsi ngo bamupfunge kugira ngo abari bapfunzwe bareme. Muri ico gihe umukomanda mukuru yitwa Ludovino Fernández, uwari azwi ko yari n’amanyama akaba n’inkozi y’ikibi, yaragendeye iryo bohero. Yaratumyeko Fidelia, aca amubaza ati: “Wewe rero ni we uri shefu?”

Fidelia yishuye ati: “Oya. Mwebwe ni mwe muri abashefu.”

Fernández yasubijeyo ati: “Ok, uri pasitori.”

Fidelia na we ati: “Habe namba. Yezu ni we pasitori.”

Fernández yaciye amubaza ati: “None si we watumye aba bantu bose bapfungwa? Si we wabigishije?”

Fidelia asubizayo ati: “Eka data. Bibiliya ni yo yatumye abo bantu bose bapfungwa. Bariko bashira mu ngiro ivyo bize muri Bibiliya.”

Muri ako kanya nyene, hari abavukanyi babiri na bo nyene bari bapfunzwe barenganye muri koridoro. Bari Pedro Germán na Negro Jiménez, basazabo ba Fidelia. Bari babajanye mu gasho gasanzwe babakuye aho bari bapfungiwe umwumwe ukwiwe. Ishati ya Negro yari yumiyeko amaraso menshi, ijisho rya Pedro na ryo ryari rivyimvye cane. Fidelia abonye ko bari bakubiswe cane, yaciye abaza  uwo mukomanda ati: “Ukwo ni ko mufata abantu bameze neza, b’imvugakuri kandi bubaha Imana?” Fernández abonye ko adashobora gutera ubwoba Fidelia, yaciye amusubiza mu gasho.

Abasavyi ba Yehova b’intahemuka babwirizwa kugira umutima rugabo mu gihe c’urwo ruhamo rukaze, kandi barawugize koko! N’abategetsi ivyo baravyiboneye. Nk’akarorero, ku wa 31 Mukakaro 1957, Luis Arzeno Colón, umutegetsi umwe wo mu biro vy’umukuru w’igihugu, yarandikiye umunyamabanga wa Leta yidoga ati: “Naho itegeko riheruka gusohorwa n’Inama nkenguzamateka rivuga ko ibikorwa bijanye n’idini bikorwa n’akadumbi k’Ivyabona vya Yehova bitemewe n’amategeko, ivyo Vyabona nka bose ntibarota badohoka.”