Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2015

 RÉPUBLIQUE DOMINICAINE

Icizigiro c’Ubwami si indoto

Efraín De La Cruz

Icizigiro c’Ubwami si indoto
  • YAVUTSE 1918

  • YABATIJWE 1949

  • IVYIWE MURI MAKE Naho yapfunzwe mu busho indwi akongera agakubitwa bunyamaswa, ntiyigeze ava ku mwiyemezo yari afise wo kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana.

MU 1948, twe n’umukenyezi wanje Paula hamwe n’umukobwa wacu twaratanguye kwitaba amakoraniro y’Ivyabona vya Yehova i Blanco Arriba. Twabwirizwa kugira urugendo rw’ibilometero 40 kugenda no kugaruka, ariko ntitwigeze dusiba amakoraniro. Kw’igenekerezo rya 3 Nzero 1949, twe na Paula twarabatijwe.

Haciye amezi atandatu, jewe n’abandi bo mw’ishengero ryacu twarafashwe ducirwa umunyororo w’amezi atatu. Twarara hasi kandi batugaburira rimwe gusa ku musi ibitoke n’icayi. Igihe baturekura, hari abategetsi bamwe baduteye ubwoba bibwira ko twociye duhagarika kwamamaza. Ariko, dusubiye muhira, twaciye dusubira kugira amakoraniro no kwamamaza mu mpisho. Kubera ko abategetsi baguma baturereka, twagirira amakoraniro mu mazu, mu mirima y’ikawa canke mu mayororero. Aho kuguma dukoranira mu kibanza kimwe, igihe cose twaba duhejeje amakoraniro twaca tuvuga aho amakoraniro akurikira  azobera. Mu kwamamaza, umwe wese yaba ari wenyene; twambara inkima, kandi ntitwakoresha ibisohokayandikiro canke Bibiliya. Naho vyari ukwo, hagati y’umwaka wa 1949 n’uwa 1959, narapfunzwe akatari gake, mpfungirwa mu busho indwi butandukanye, nkaba naza ndapfungwa amezi ari hagati y’atatu n’atandatu.

Nategerezwa kwiyubara cane kuko bamwe mu bampama bari incuti zanje. Naho narara mu misozi canke mw’iyororero kugira ntibamfate, rimwe na rimwe baramfata. Igihe kimwe baramfashe banjana kumpfungira mu gasho kitwa La Victoria k’i Ciudad Trujillo, mu kumba kamwekamwe hakaba hari abanyororo bari hagati ya 50 na 60. Ng’aho, batugaburira kabiri ku musi. Mu gitondo baduha ibigori, sasita na ho bakaduha imfungurwa z’inticantikize zigizwe n’umuceri n’ibiharage. Ariko ntiwumve, Ivyabona bose twari ng’aho twarabwira inkuru nziza abanyororo bagenzi bacu kandi twaragira amakoraniro tudahorereza. Muri ayo makoraniro twarasubiramwo ivyanditswe twafashe ku mutwe tukongera tukigana ivyabonywe bijanye n’ubusuku bwacu.

Igihe napfungwa ubwa nyuma, hari umusoda yankubise ikirindi c’inkoho mu mutwe no mu mbavu. Naho bishika nkumva ububabare buva kuri ukwo kuntu nakubiswe nkongera ngafatwa nabi, ivyo vyarakomeje ukwizera kwanje, birakomeza ukwihangana kwanje vyongera birakomeza umwiyemezo mfise wo gukorera Yehova.

Ubu mfise imyaka 96, kandi ndi umukozi w’ishengero. Naho ntagishobora kugenda cane, ndicara imbere y’inzu yanje nkabwira inkuru nziza abahita bose. Icizigiro c’Ubwami si indoto kuri jewe. Ubwami buriho koko, kandi maze imyaka irenga 60 ndabwamamaza. Isi nshasha ni ntakekeranywa kuri jewe ubu nk’uko vyari ku musi wa mbere numva ubutumwa bw’Ubwami. *

^ ing. 3 Efraín De La Cruz yapfuye igihe iyi nkuru yari ikiriko irategurwa.