Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2015

 RÉPUBLIQUE DOMINICAINE

Ibintu nyamukuru biranga République dominicaine

Ibintu nyamukuru biranga République dominicaine

Igihugu République dominicaine ni yo igize igice kinini c’izinga ryitwa Hispaniola; igice gitoyi gisigaye kigizwe na Hayiti. Mu bintu bitandukanye bigize ico gihugu harimwo amashamba cimeza, imisozi miremire, ibiti vyitwa mangrove, n’ubugaragwa. Umusozi muremure kuruta iyindi muri République dominicaine witwa Pico Duarte, ukaba uri ku metero 3.175 hejuru y’urugero rw’ibahari. Ku nkengera nka hose hari agasenyi kera karyoheye ijisho. Mu gihugu hagati hariyo imyonga yimbuka cane, nk’uwitwa Cibao.

Abanyagihugu Abanyagihugu baho ni imvange z’Abanyaburaya n’Abanyafrika. Hariyo imigwi mitomito y’amoko menshi; Abanyahayiti ni bo benshi muri yo.

Ururimi Igisupanyoli ni rwo rurimi rukoreshwa mu nzego za Leta.

Abavukanyi na bashiki bacu bariko bararyohererwa hamwe

 Ibibatunze Amahinguriro y’ubutare, y’isukari, y’ikawa, n’ay’itabi ni yo kuva kera yamye yinjiza amahera menshi. Ico gihugu giheruka gutera imbere mu vy’ubutunzi kubera ingenzi n’amahinguriro.

Ikirere Muri iryo zinga harasusurutse; umuntu agize incahagati mu mwaka urugero rw’ubushuhe rugera kuri dogere 25. Mu misozi yo mu buraruko bushira ubuseruko imvura igwa ari nyinshi cane ariko mu bugaragwa igwa ari nkeyi. Rimwe na rimwe muri iryo zinga haratera ibihuhusi n’ibivumbuzi.

Imico kama Imfungurwa nyamukuru ni umuceri, ibiharage, n’imboga z’insoromano. Abanyagihugu bo ng’aho barakunda kandi gufungura ibintu baroba mu mazi, ibiterwa vyo mu turere dushushe, ipiripiri be n’amafiriti y’imizuzu. Bimwe muri ivyo bifungurwa usanga babikoresha mu guteka imfungurwa zikundwa cane zitwa La Bandera Dominicana (Ibendera rya République dominicaine). Ababa muri iryo zinga barakunda urukino rwitwa baseball, umuziki, no gutamba canecane umuziki witwa mérengué. Barakunda kandi kuvuza igitari, ingoma, umwironge be n’ico bita marimba.