Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2015

 RÉPUBLIQUE DOMINICAINE

Ekleziya Gatolika na Trujillo

Ekleziya Gatolika na Trujillo

TRUJILLO na Ekleziya Gatolika bari bafitaniye ubucuti bumeze gute? Umuhinga umwe mu vya politike yavuze ati: “Mu kiringo kirekire Trujillo yamaze atwara, kuva mu 1930 gushika mu 1961, Ekleziya na Leta ya République dominicaine vyarashigikirana. Iyo ntwazagikenye yarashigikira Ekleziya, ino na yo igashigikira intwaro yiwe.”

Mu 1954, Trujillo yaragiye i Roma arasinyiranira amasezerano na Papa. Uwahoze ari umwishikira kwa Trujillo yitwa Germán Ornes, yanditse ati: “Kubera ko muri République dominicaine Ekleziya yemera cane Trujillo, yarashigikira cane uwo ‘mukuru’ [Trujillo]. Abakuru b’idini bari mu bantu bashigikira cane intwaro yiwe; abari kw’isonga bari Musenyeri Ricardo Pittini na Octavio Beras.”

Ornes yabandanije ati: “Igihe cose haba habonetse akaryo keza, Papa yararungikira Trujillo indamukanyo. . . . Mu nama ikomeye ya Gatolika yabereye i Ciudad Trujillo mu 1956 ifashwe  mu mugongo na [Trujillo], umukaridinali yitwa Francis Spellman, uwari aje aserukiye Papa, yazanye ubutumwa bweza umutima. Uwo mukaridinali Spellman yaje ava i New York yakiranywe urweze na Jenerali [Trujillo] ubwiwe. Ifoto yabo bariko bararamukanya n’igishika yarashizwe ku rupapuro rwa mbere rw’ibinyamakuru vyose vyo muri République dominicaine bukeye.”

Mu 1960, ikinyamakuru kimwe (citwa Time) cavuze giti: “Gushika ubu, Trujillo na Ekleziya ni somambike. Musenyeri Ricardo Pittini, patiri mukuru wa Amerika, ubu afise imyaka 83 kandi ntabona, ariko haraheze imyaka ine arungikiye ikete ikinyamakuru New York Times rishimagiza Trujillo, rikavuga yuko ‘uwo bita ko atwaza igikenye akundwa kandi aterwa iteka n’abantu atwara.’”

Ariko, inyuma y’imyaka 30 ishigikira idahemuka iyo ntwaro y’igikenye ya Trujillo, Ekleziya Gatolika yaratanguye guhindura ingendo igihe ivya politike vyatangura guhinduka. Wa muhinga mu vya politike yavuze ati: “Uko abarwanya iyo ntwaro y’igikenye barushiriza kwongerekana, kandi mu nyuma bakaba bararondeye gushinga intwaro ya demokrasi mu gihugu, ni ko Ekleziya, iyari imaze igihe ari somambike na Trujillo, yabwirijwe kuza irasokora akarenge.”

Amaherezo, mu 2011 Ekleziya yarasavye ikigongwe abanyagihugu bo muri République dominicaine. Amajambo yo mw’ikete ryavuye muri Ekleziya yashizwe mu kinyamakuru kimwe (Dominican Today) yavuga ati: ‘Turemeye ko twakoze amakosa, kandi ko tutagumye twumiye ku kwizera kwacu, ku vyo twiyemeje no ku mabanga tujejwe. Ku vy’ivyo, turasavye imbabazi kandi turasavye abanyagihugu bo muri République dominicaine ngo badutahure.’