Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2015

 RÉPUBLIQUE DOMINICAINE

Bemererwa, bagaca basubira kubuzwa

Bemererwa, bagaca basubira kubuzwa

Turonka umwidegemvyo tutari tuvyiteze

Manuel Hierrezuelo yishwe ariko arasambishwa n’abategetsi

Muri iyo myaka igoye, aho igikorwa cari kibujijwe, abamisiyonari Lennart Johnson n’umukenyezi wiwe Virginia hamwe na Roy Brandt n’umukenyezi wiwe Juanita ntibagiye. Lennart yavuze ati: “Abategetsi baradutumyeko twe na Roy Brandt kugira ngo badusambishe. Imbere y’aho, abategetsi bo muri Leta ya Trujillo bari baratumyeko umuvukanyi Manuel Hierrezuelo.” Ikibabaje, Manuel yahavuye yicwa ariko arasambishwa, apfa akiri intahemuka. None Lennart na Roy bo vyabagendeye gute? Lennart yabandanije ati: “Twapfuye gushika umwe wese baca bamujana kumusambisha ukwiwe, bikaba biboneka ko badufata amajwi. Inyuma y’aho, nta kindi kintu cabaye, ariko haheze amezi abiri ibinyamakuru vyaciye bitangaza ko Leta ya Trujillo yakuyeho itegeko ryo kubuza Ivyabona vya Yehova gukora.”

Imbere y’uko igikorwa cacu kibuzwa mu 1950, muri République dominicaine hari abamamaji 261. Igihe twasubira kwemererwa muri Myandagaro 1956, abantu 522 ni bo bamamaza inkuru nziza. Abavukanyi barahimbawe no kumenya ko bokwamamaje ku mugaragaro inyuma y’imyaka itandatu baza barapfungwa, baburabuzwa, kandi barerekwa.

None abasavyi ba Yehova bakiriye gute ayo mahinduka ateye umunezero? Ubwo nyene baciye batangura gutunganya igikorwa! Bararondeye ibibanza vyo kugiriramwo amakoraniro, baracapa ivyibare gushasha bongera baratunganya amadosiye y’ishengero. Abavukanyi barahimbawe no gusubira kugira amakomande y’ibisohokayandikiro  no kubironka. Barungukiye babigiranye umwete kuri uwo mwidegemvyo bari bironkeye wo kwamamaza. Ico vyavuyemwo ni uko mu mezi atatu gusa, nko muri Munyonyo 1956, abamamaji bari 612.

Abakuru b’idini bahagurukira Ivyabona vya Yehova

Urwete Toledano yanditse rwarimwo umugambi wo kubuza ko ibisohokayandikiro vyacu vyinjira mu gihugu

Ariko, abakuru ba Gatolika baciye ubwo nyene batangura gutegura umugambi wo gutyoza Ivyabona vya Yehova. Abo bakuru b’idini, bishimikije ya masezerano Trujillo yari yarasinyiraniye na Vatikano, bararushirije kwosha Leta ngo irandurane n’imizi Ivyabona. Umupatiri w’umugatolika yitwa Oscar Robles Toledano yararungikiye urwete umunyamabanga w’intwaro yo hagati Virgilio Álvarez Pina asaba Leta kumushigikira mu mugambi yari afise wo “gukangura imitima y’abo muri République dominicaine kugira ngo babone akaga gakomeye kari katewe n’akadumbi k’‘Ivyabona vya Yehova.’”

 Toledano yasiguye ko umugambi wiwe nyamukuru wari uwo “gutuma Ivyabona vya Yehova bataroranirwa mu gikorwa bakora co gukwegakwegera abantu mw’idini ryabo.” Muri urwo rwete, Toledano yasavye kandi ko ibisohokayandikiro vyacu bitokwemererwa kwinjira mu gihugu, “canecane igitabu ‘Ukuri kuzokugira uwidegemvya’ be n’ikinyamakuru Umunara w’Inderetsi.”

Igikorwa gisubira kubuzwa

Abakuru b’amadini hamwe n’abategetsi bo muri Leta ya Trujillo babashigikira, baragiye hamwe mu kwunga umugambi wo kurwanya Ivyabona. Umukuru w’umugambwe wari ku butegetsi yitwa Francisco Prats-Ramírez yarandikiye urwete Trujillo muri Ruheshi 1957, avuga ati: “Ndiko ndategura amanama menshi yo kugwanya inyigisho z’Ivyabona vya Yehova zonona kandi zidakundisha abantu igihugu.”

Kuba bagenda baratyoza Ivyabona vya Yehova vyaragize ingaruka mbi, nk’uko vyasiguwe mu gitabu citwa Trujillo—Sezari mutoyi wo muri Karayibe. Ico gitabu cavuze giti: “Mu mezi y’ici ryo mu 1957, ikigo co kumenyesha amakuru co muri République dominicaine carasohoye urukurikirane rw’ibirego abategetsi bagiriza Ivyabona vya Yehova, bakabagiriza ko bakora ibikorwa vyo kurwanya Leta kandi biteye akaga. Ivyo vyatanguye igihe umupatiri w’umujezwite yitwa Mariano Vásquez Sanz yatyoza ako akadumbi akoresheje iradiyo ya Trujillo yitwa La Voz Dominicana (Ijwi rya République dominicaine), akavuga ko abari muri ako kadumbi ari Abakoministe kandi ko bataye ubuntu, ari ibijuju, inkozi z’ikibi, n’abansi b’igihugu. Budakeye na kabiri, hari ikete ryanditswe na Musenyeri Ricardo Pittini hamwe na Octavio Antonio Beras ryasaba abapatiri gukingira abayoboke babo izo ‘nyigisho z’ivyaduka.’”

 Abo bakuru b’idini na Leta bunze urunani mu kurwanya Ivyabona vya Yehova barashitse ku co barondera. Muri Mukakaro, Inama nkenguzamateka ya République dominicaine yarasohoye itegeko ryabuza ibikorwa vy’Ivyabona vya Yehova. Hadaciye igihe, abavukanyi bacu bari basigaye baza barakubitwa bunyamaswa n’abapolisi. Abavukanyi nka 150 barapfunzwe.