Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2015

République dominicaine

République dominicaine

MU 1492, uwitwa Christophe Colomb yaragiye n’ubwato arashika mu karere yahavuye yita Isi nshasha. Hari ahantu hashasha hateye igomwe, hari ubutunzi n’ibintu vyinshi vyo kuratira ijisho. Mu mazinga yubuye, rimwe yaryise La Isla Española, canke Hispaniola, igice kinini c’iryo zinga ubu kikaba citwa République dominicaine. Mu myaka iheze, abantu ibihumbi baba muri République dominicaine barubuye ikintu gitandukanye cane n’ico Colomb yubuye. Ico kintu bubuye ni ukuri kwerekeye isi nshasha yimirije y’ubugororotsi izoba itwarwa n’Ubwami bw’Imana. (2 Pet. 3:13) Tugira twiganirwe inkuru ikora ku mutima yerekeye abantu b’imitima nziraburyarya bubuye ico kintu c’agaciro.

IBIRI MURI IKI GIHIMBA

Ibintu nyamukuru biranga République dominicaine

Nurabe ibigize ico gihugu mu ncamake be n’abantu baho.

Kwubura

Igihe abamisiyonari ba mbere bo muri République dominicaine bashika, haciye igihe kingana iki imbere y’uko batanguza inyigisho ya Bibiliya?

“Tuzobamenya”

Haheze imyaka 13 Pablo González yahavuye aronka abo yarondera.

Gupfungwa no kubuzwa

Ivyabona bamwebamwe bashoboye gute kwihanganira imyaka bamaze bafatwa nabi mu gasho?

Igikorwa co kwamamaza kibandanya

Abamamaji mu gutanga raporo aho kwandika ngo amasubirayo n’amasaha, bandika urutonde rw’ibisumwa ruriko amashu n’amapinari.

Bemererwa, bagaca basubira kubuzwa

Ivyabona vya Yehova bamaze imyaka itandatu babujijwe muri République dominicaine, bemererwa mu 1956, haheze amezi 11 baca barasubira kubuzwa.

Ekleziya Gatolika na Trujillo

Ekleziya yamaze igihe ishigikira umukuru w’igihugu yatwaza igikenye wo muri République dominicaine, ariko yahavuye isokora akarenge yongera irasaba ikigongwe abanyagihugu bo muri République dominicaine.

Igitero gikaze

Ivyabona baragiriwe nabi koko; ariko none ababagiriye nabi barashitse ku co bashaka?

Umukuru ni nde?

Imashini yitwa ronéo, umugereni munini uvamwo amavuta, igunira, n’imyumbati ni vyo vyakoreshwa kugira haboneke ibifungurwa vyo mu vy’impwemu no kugira bikwiragizwe igihe igikorwa cari kibujijwe.

Bari mu kaga

Naho Ivyabona bo muri République dominicaine bari babujijwe kugira amakoraniro, bararondeye ubundi buryo bwo kubandanya bayagira mu kinyegero.

Kwumira kw’ibanga bivamwo kwemererwa

Haheze imyaka Leta ibarwanya, Ivyabona bo muri République dominicaine barafashijwe n’umuntu batiyumvira.

“Nararwanye nk’intambwe”

Luis Eduardo Montás, uwagerageje incuro zibiri kwica umukuru w’igihugu ciwe yatwaza igikenye, yarubuye ukuri kwo muri Bibiliya igihe yariko arondera ukuntu yosubira kugerageza kumwica.

Icizigiro c’Ubwami si indoto

Efraín De La Cruz yarapfunzwe mu busho indwi yongera arakubitwa bunyamaswa kubera ko yamamaza inkuru nziza. Ni igiki catumye aguma ari umunyamwete mu myaka irenga 60?

Nzoguma ndi Icabona ca Yehova

Mary Glass yaratewe ubwoba n’umupadiri ngo asomye Bibiliya yociye asara, ariko yarayisomye kandi yarabonye igituma yari yamubujije kuyisoma.

Umwidegemvyo wo kwamamaza

Inyuma y’aho Trujillo agandaguriwe, haraje abandi bamisiyonari, baratangura kwamamaza. Buhorobuhoro baratumye abantu bareka kwinuba Ivyabona vya Yehova.

Barashinze imizi

Igikorwa co kwamamaza carateye imbere naho hari imigumuko mu vya politike. Ni igiki cerekanye ko Ivyabona vya Yehova bashinze imizi muri République dominicaine?

Hakenerwa abandi bamamaji

Ntitworangiza inkuru y’Ivyabona vya Yehova bo muri République dominicaine tutavuze abitavye akamo batewe basabwa kuza kwamamaza.

Barakunda abavukanyi babo

Igihe igihuhusi ciswe Georges catera muri République dominicaine mu 1998, ibintu biranga urukundo Ivyabona bakoze vyariruye abantu benshi vyongera biraninahaza Yehova Imana.

Guhuza n’iyongerekana

Uko igitigiri cabo caguma ciyongera, Ivyabona bari gukora iki kugira ngo biyemeze ko hariho ibibanza vyo gusengeramwo bikwiye, hamwe n’abavukanyi bahumuye bo kuja imbere abandi?

Kwamamaza mu gikrewole co muri Hayiti

Ivyabona vya Yehova barabwira inkuru nziza y’Ubwami abantu bavuga igikrewole co muri Hayiti. Hahavuye hashingwa amashengero, kandi harabaye n’ivyigwa vyo kwigisha urwo rurimi.

Ikinyamugigima cateye muri Hayiti

Ibiro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova vyo muri République dominicaine vyaratanze imfashanyo nyinshi inyuma ya ca kinyamugigima catera muri Hayiti mu 2010. Abantu benshi cane baritanze barafasha.

Ivyizigiro biteye umunezero

Igikorwa co kwamamaza no guhindura abantu abigishwa muri République dominicaine kiraremvye kuva mu 1945. Hariho imvo ikomeye yo kwitega ko hazoba iyongerekana.

Yehova yaruguruye imitima y’abantu benshi

Mu kiringo cose Leonardo Amor yamaze i La Vega, nta n’umwe yashimishijwe n’ukuri kwo muri Bibiliya. Abantu boba bari kwigera bahindura imitima?

Abantu 22 baravuye mw’idini ryabo

Vyavugwa ko Ivyabona vya Yehova bariko baronona abanyagisagara n’inyigisho za Shetani. Yamara, Ivyabona bakoresha ivyanditswe vya Bibiliya kugira ngo bishure mu buryo bujijura ibibazo abantu baba babajije.

Mva ku kuba umuhakanamana nkaba umusavyi w’Imana

Juan Crispín yari umuhakanamana yiyumvira ko isi yobaye nziza biciye kw’ihindagurika. Ni igiki camuhinduye akava ku kuba umuhakanamana akaba umusavyi w’Imana?

Umuragi wa mbere yemeye ukuri

José Pérez ni we muragi wa mbere wo muri République dominicaine yabaye Icabona. José yashoboye gute kwumva ubutumwa bwo muri Bibiliya yongera aratahura inyigisho zabwo mu buryo bwimbitse kandi yari umuragi?

Ubuzima bwiwe bugira intumbero

José Estévez n’umuryango wiwe bararonse ubuzima buri n’intumbero. Biboneye gute ko Yehova ashitsa ivyo asezerana?

Numvise noheba gukorera Imana

Naho Martín Paredes yariko arigira ubupadiri, yarumvise yoheba gukorera Imana. Igitabu yatijwe n’umunyabigega wo mw’iseminari cahinduye gute ubuzima bwiwe?