Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2015

 IBINTU BIKURUBIKURU VYARANZE UMWAKA UHEZE

Udukuru two hirya no hino kw’isi

Udukuru two hirya no hino kw’isi

Baraha abandi ivyo bavomye kuri internet

Naho internet itarakwira hose muri Kiba, ubu umuntu arashobora kuyironka agiye mu bibanza vyugurujwe n’ishirahamwe rimwe ryo gutumatumanako amakuru biciye kuri telefone. Ariko rero, birazimvye cane. Ku bw’ivyo, kugira ngo ibiro vy’ishami bifashe abavukanyi kwungukira kuri jw.org, vyararemesheje buri shengero gutunganya ivy’uko hogira umwamamaji umwe avoma ibisohokayandikiro, ivyafashwe amajwi, n’amavidewo vyo ku muhora wacu maze akabiha abandi bo mw’ishengero. Iyo ntunganyo iriko iragenda neza cane.

 Aho kugura telefone bashigikiye ubwubatsi bw’Ingoro y’Ubwami

Agakobwa kitwa Teona k’imyaka cumi, be na gatoyi kako k’imyaka umunani kitwa Tamuna, baba muri Jeworojiya. Utwo dukobwa twashaka telefone ngendanwa. Kugira ngo inakuru watwo adufashe kuyironka, yatwemereye ko azoza araduha ku mahera yiwe ya pansiyo buri kwezi. Ikibabaje, uwo inakuru watwo yarapfuye giturumbuka. Naho vyagenze ukwo, abagize umuryango barahaye utwo dukobwa amahera yiwe ya nyuma ya pansiyo kugira tugure iyo telefone twashaka. Utwo dukobwa twaravyiyumviriye maze duca twandikira ishengero turimwo duti: “Turazi ko mu ndwi zibiri ibikorwa vyo kwubaka Ingoro y’Ubwami nshasha mu kigwati cacu ca T’erjola bizotangura. Nyokuru yaripfuza vy’ukuri gufasha muri ivyo bikorwa, rero twempi twafashe ingingo yo guha ishengero amahera yose ya nyuma ya pansiyo ya nyokuru aho kwigurira telefone ngendanwa. Muze mutwubakire Ingoro y’Ubwami nziza!”

Ivyanditswe vy’ikigiriki mu rurimi rwitwa tetum

Ku wa 17 Nzero 2014, i Dili, muri Timor oriental, Geoffrey Jackson wo mu Nama Nyobozi yarasohoye Impinduro y’isi nshasha y’Ivyanditswe vy’ikigiriki mu rurimi rwitwa tetum. Urwo ni rwo rurimi ruvugwa n’abantu benshi muri ico gihugu. Imbere y’aho, Gatolika ni yo yacapura Bibiliya y’Ivyanditswe vy’ikigiriki mu rurimi rwitwa tetum ikongera ikayitanga, ariko yaranka ko igurwa n’Ivyabona vya Yehova canke abantu bikekwa ko biga Bibiliya n’Ivyabona. Yamara, iyo mpinduro ya Gatolika yarimwo ibintu vyinshi bitahinduwe neza, ibintu vyinshi bakuyemwo, imvugo zataye igihe, be n’amakosa ajanye n’inyandiko. Ariko ku bijanye na Bibiliya y’isi nshasha yoyo, umumisiyonari akorera muri ico gihugu yitwa Darren, yavuze ati: “Abantu bo muri  Timor oriental basoma Bibiliya y’isi nshasha baratangazwa cane n’ukuntu yahinduwe neza, bagaca basaba ko boyironswa. Basanze yoroshe gusoma, kandi barashima ukuntu yanditswe mu ndome nininini, canecane kubera ko mu mazu menshi usanga hatabona neza. Benshi mu bayironse ubu bariko bariga Bibiliya.”

‘Yehova ambona ko mbereye’

Muri Macédoine: Bariko baramamaza bakoresheje igisohokayandikiro co mu kiromani

Muri Nzero 2014, harabaye ikintu c’intibagirwa mu bijanye n’igikorwa co guhindura mu kiromani. Urwo rurimi ruvugwa muri Macédoine. Harashinzwe umugwi w’abahinduzi wamaho, kandi baremerewe gusohora ibisohokayandikiro vy’urwo rurimi atari gusa mu ndome z’ikiromani (zimeze nk’izi z’ikirundi) ariko kandi no mu ndome z’igisirilike. Ivyo birafasha cane abantu bavuga ururimi rw’ikiromani, bano bakaba bamenyereye cane indome z’igisirilike. Izo ndome ni zo zikoreshwa mu nzego za Leta muri Macédoine.

 Abantu benshi bavuga ikiromani barakorwa ku mutima no kuba ishirahamwe rya Yehova risohora ibisohokayandikiro mu rurimi rwabo. Mushiki wacu umwe yavuze ati: “Kubera ko mvuga ikiromani, akenshi mbona ko abantu tudasangiye ubwoko banyinuba, nkaba rero nshimira cane Yehova kuko ambona ko mbereye kuronka ibisohokayandikiro mu rurimi rwanje. Ivyo biratuma ndushiriza kumwiyegereza cane.”

‘Ndashimira cane Yehova kuko ambona ko mbereye kuronka ibisohokayandikiro mu rurimi rwanje’

Ishami rya Leta Zunze Ubumwe rihabwa ibindi bihugu rihagarikira

Kuva ku wa 1 Ruhuhuma 2014, ibiro vy’ishami vyo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika vyaratanguye guhagarikira akarere ka Jamayike n’ak’Amazinga ya Caïmans hamwe n’amashengero yaho. Ntiworaba ubumwe abamamaji barenga umuliyoni n’ibihumbi amajana abiri bo mu karere gahagarikiwe n’ishami ryo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika bafitaniye! Mu bigize ako karere harimwo amaleta 50 agize Leta Zunze Ubumwe za Amerika, hakabamwo Bahamas, Bermudes, Îles Vierges britanniques, Îles Vierges des États-Unis, Porto Riko, Îles Turks-et-Caïcos.

Abatsimvyi mu Buyapani

Agatima k’ubutsimvyi karabandanya kururumba mu bavukanyi na bashiki bacu bo mu Buyapani, kandi ico gihugu ni co kigira kane mu bihugu bifise abatsimvyi basanzwe benshi kw’isi. Mu ntango z’umwaka w’umurimo wa 2014, abamamaji 2.646 barabaye abatsimvyi, ivyo bica bituma igitigiri c’abatsimvyi kigera ku 65.668. Muri Ntwarante 2014, abarenga ica kabiri c’abamamaji baragize uruhara mu muce kanaka w’ubutsimvyi.