Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2015

 IBINTU BIKURUBIKURU VYARANZE UMWAKA UHEZE

Kwegurira Imana inyubakwa z’ishami rya Sri Lanka

Kwegurira Imana inyubakwa z’ishami rya Sri Lanka

ABAVUKANYI na bashiki bacu bo muri Sri Lanka, bambaye umwambaro kavukire, barakiriye n’igishika cinshi abashitsi 130 bari bavuye mu bihugu 19 baje kwitaba urubanza rwo kwegurira Imana inyubakwa z’ishami ryo muri iryo zinga ribereye ijisho. Umugwi w’abana wararirimvye indirimbo z’Ubwami, kandi bose barahimbawe no kuraba ibintu vyiza cane biranga imico kama yaho, barahimbarwa n’imfungurwa zaho ziryoshe cane, umuziki uryoheye ugutwi, bongera barahimbarwa no kwifatanya n’abakirisu bagenzi babo.

Ku wa gatandatu igenekerezo rya 11 Nzero 2014, inyubakwa zari zubatswe n’izari zasanuwe zareguriwe Yehova, abantu 893 bakaba barakurikiranye bitonze iyo porogarama mu ndimi zitatu. Barakomye amashi menshi cane igihe Mark Sanderson wo mu Nama Nyobozi yabaza ati: “Murashaka kwegurira Yehova Imana izi nyubakwa nshasha?”

 Bukeye, abantu 7.701 barakurikiranye porogarama yari igizwe n’isubiramwo ry’ivyabaye ku wa gatandatu hamwe n’insiguro iremesha yashikirijwe n’umuvukanyi Sanderson. Abavukanyi bari mu bibanza bitanu binini vyo hirya no hino mu gihugu na bo nyene barakurikiranye iyo porogarama biciye ku buhinga bwa internet. Biciye kuri ubwo buhinga, vyarashobotse ko abavukanyi na bashiki bacu bari muri ivyo bibanza vyose babonana kandi bamwe bose bakumva amajwi ya bagenzi babo igihe baba bariko bararirimba indirimbo z’Ubwami, ivyo rikaba ryari ryo rya mbere bibaye. Ico kintu c’intibagirwa caratumye vy’ukuri abavukanyi bagira “akanyamuneza kenshi.”Neh. 12:43.

Raba n'ibindi

Ni ibiki birangurirwa ku Biro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova?

Abipfuza gutemberezwa ku Biro vyacu vy’ishami ivyo ari vyo vyose barahawe ikaze. Turabahaye ikaze!

Amabiro / Kutugendera: Sri Lanka

Abatugendera barahawe ikaze ngo batemberezwe ku buntu.