Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2014

 SIERRA LEONE NA GUINÉE

Agakarata karanzi ni ko kari nka murekarengane

Agakarata karanzi ni ko kari nka murekarengane

“MU 1987, abantu barenga 1.000 baritavye Ihwaniro ry’intara ryari rifise umutwe uvuga ngo ‘Amahoro ava ku Mana’ ryabereye i Guékédou, muri Guinée. Kubera ko ahari kubera iryo hwaniro hari hafi y’urubibe igihugu ca Guinée gihana na Sierra Leone be na Liberiya, abantu benshi bo muri ivyo bihugu bahisemwo kugira iryo hwaniro baza barataha. Yamara, ntibari bafise impapuro z’inzira zisabwa. Rero abavukanyi bajejwe amabanga baraganiriye n’abategetsi bo ku mupaka maze baragira ico bumvikanyeko. Abo bantu bari gukenera urupapuro rumwe gusa, na rwo rukaba rwari agakarata karanzi k’ihwaniro! Abapolisi bo ku mupaka babonye agakarata kasa n’umuhondo ubenjuye, baca ubwo nyene bareka abo bantu bakarengana.”—Everett Berry, uwahoze ari umumisiyonari.

Abavukanyi barafunguye kuri iryo hwaniro