HARAHEZE imyaka nka 500 hafi y’isesero ry’Uruzi Sierra Leone hanaze umuvyaro w’igiti co mu bwoko bw’umusufe hanyuma kirakura. Mu myaka 300 yahaciye imbere yaco haza hararengana imigwi igizwe n’abantu batonze umurongo batagira gitabara, ico giti carakuze kiraba inganzamarumpu. Abantu batagira akagongwe badandaza abashumba baratwara mu bwato abantu hafi 150.000 bagizwe n’abagabo, abagore be n’abana, babajanye mu masoko y’abashumba yo mu mahanga.

Ca giti c’umusufe kizwi cane mu nkuru za kahise co mu gisagara ca Freetown

 Ku wa 11 Ntwarante 1792 abashumba amajana bo muri Amerika bari barekuwe barakoraniye munsi y’ico giti c’umusufe kugira bagire umusi mukuru kubera bari basubiye iwabo muri Afrika. Kuri uwo musi barashinze igisagara cagereranya icizigiro gikomeye bari bafise, ico gisagara bakaba bacise Freetown (bisigura igisagara c’umwidegemvyo). Abashumba barekuwe barabandanije kuza gushika naho ico gisagara gisigara kirimwo imigwi 100 itandukanye y’Abanyafrika. Abo benegihugu bashasha ico giti c’umusufe bakigize ikimenyetso c’umwidegemvyo n’icizigiro.

Haraheze imyaka hafi 100 Ivyabona vya Yehova bo muri Sierra Leone bariko barahumuriza ababanyi babo bakoresheje icizigiro kizotuma baronka umwidegemvyo uruta kure n’iyo uwo baronse, uwo na wo akaba ari “umwidegemvyo w’ubuninahazwa w’abana b’Imana.” (Rom. 8:21) Uwo mwidegemvyo uzoba ari kubohorwa tukava mu buja bw’icaha n’urupfu igihe Ubwami bw’Imana burongowe na Mesiya buzozana amahoro n’Iparadizo kw’isi.Yes. 9:6, 7; 11:6-9.

Haraheze kandi imyaka 50 ibiro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova vyo muri Sierra Leone ari vyo bihagarikira igikorwa co kwamamaza kirangurirwa muri Guinée. Ico gihugu gihana urubibe na Sierra Leone carashikiwe n’uruhagarara mu vya politike, mu kibano no mu vy’ubutunzi, ivyo bikaba vyatumye benshi mu benegihugu baho bakira ubutumwa bweza umutima bwo muri Bibiliya.

Ivyabona vya Yehova bo muri Sierra Leone no muri Guinée baramamaza inkuru nziza naho bashikirwa n’intambamyi zitari nke. Muri izo ntambamyi harimwo ubukene butagira izina, abantu benshi batazi gusoma no kwandika, imigenzo yashinze imizi, amacakubiri ashingiye ku moko be n’ubukazi bubabaje. Inkuru ikurikira irerekana ukuntu abo basavyi ba Yehova b’intahemuka bari bafise ukwizera kutanyiganyiga be n’ukwihebera Imana. Turizigiye ko inkuru yabo iza kubakora ku mutima kandi igakomeza ukwizera mufitiye “ya Mana itanga icizigiro.”Rom. 15:13.