Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2014

Nusome ibintu nyamukuru vyerekeye igihugu ca Sierra Leone n’ica Guinée be n’ivyabonywe biremesha vyo hirya no hino kw’isi.

Icanditswe c’umwaka wa 2014

Icanditswe cacu c’umwaka wa 2014 ni “Ubwami bwawe nibuze.”—Matayo 6:10

Ikete rivuye ku Nama Nyobozi

Murakomezwa n’ikete riremesha kandi ryubaka mu vy’impwemu rivuye ku nama nyobozi.

Ishirahamwe ririko ririmuka

Biragaragara ko Yehova ariko arayobora igikorwa co kwimura icicaro gikuru kikava mu gisagara ca New York.

JW.ORG—“Intahe ku mahanga yose”

Umuhora wacu uriko uratuma inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana ishikira “amahanga yose.”

Barakunda ICEGERANYO C’IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower

Abakoresha ico gikoresho c’agaciro co kugira ubushakashatsi gishingiye kuri Bibiliya bararungitse amakete yo gukenguruka.

Amavidewo ya dessin animé arakora ku mitima igororotse

Raba ikintu ciza ayo mavidewo ariko aragira ku bana be n’imiryango yo hirya no hino kw’isi.

Kugendera iratiro riteye igomwe

Nusome amakuru agutumira kugendera iratiro rishasha ririmwo ibijanye na kahise k’Ivyabona vya Yehova be n’umurongo werekana igihe ibintu bijanye n’abakirisu vyabereyeko.

Raporo y’ivy’imanza

Izo raporo z’ivy’imanza zavuye mu bihugu 12 zirerekana ko Ivyabona vya Yehova bagifise ibibazo bitari bike ku bijanye n’umwidegemvyo wo gusenga.

Udukuru two hirya no hino kw’isi

Ivyabona vya Yehova baragira utwigoro dukomeye mu kwubaka ibibanza biteye iteka vyo gusengeramwo no mu kuja kuvyikoranirizamwo.

Kwegurira Imana ibiro vy’amashami

Raba ibintu bimwebimwe vyaranze ivyo biringo biteye umunezero vyabaye mu bihugu bitandukanye.

Afrika

Abantu muri Afrika bariko barakira ukuri kwo muri Bibiliya, kandi kuriko kuragira ikintu gikomeye gukoze ku buzima bwabo. Soma ivyerekeye umuntu yanywa inzoga nyinshi n’amatabi 60 ku musi.

Amerika

Ivyabonywe bikurikira birerekana ko gufasha abandi mu buryo bufadika be no kuvuga ukuri kwo muri Bibiliya naho umuntu yoba arwanywa, bishobora kuvamwo ivyiza.

Aziya be n’ibihugu vy’Abarabu

Kugira akigoro kadatezura mu gikorwa co kwamamaza biravamwo ivyiza. Raba akigoro kagizwe kugira ngo umugabo w’impumyi, atumva kandi atavuga afashwe gutahura ko Imana imwitwararika.

Uburaya

Ukwinuba kurashobora kuva ku makuru atari yo. Raba ingene ikiganiro co kw’iradiyo catumye ukwinuba Ivyabona vya Yehova kuhava.

Oseyaniya

Kwandika amakete ni uburyo bumwe buriko burakwiragiza ukuri kwo muri Bibiliya i Christchurch muri Nouvelle-Zélande. Kubera iki hari abita ayo makete ngo “Amakete ava ku Mana?”

Ibintu nyamukuru biranga Sierra Leone na Guinée

Raba ivyerekeye ivyo bihugu, abantu baho, idini ryaho be n’ururimi rwaho.

1915-1947 Mu myaka ya mbere (Igice ca 1)

Mu 1915, umusavyi wa Yehova wa mbere yabatijwe yarashitse i Freetown. Abantu benshi barashimishwa na Bibiliya.

1915-1947 Mu myaka ya mbere (Igice ca 2)

Abakuru b’amadini bari bateguye kunumya abasavyi b’Imana, ariko Yehova ‘yarabasubijeko ibibabaza vyabo.’

1915-1947 Mu myaka ya mbere (Igice ca 3)

Ishengero ry’i Freetown ‘ryarafatīriwe cane na rya jambo.’

“Mu mwaka umwe uzoba upfuye”

Kabiri mu ndwi Zachaeus Martyn yaragira urugendo n’amaguru rw’ibilometero umunani, aduga yongera amanuka umusozi, yitavye amakoraniro ya gikirisu. Ni igiki camujijuye ko yari yubuye ukuri kwo muri Bibiliya?

Bamwita ngo Bibiliya Brown

William R. Brown yaramamaje hirya no hino mu mazinga ya Karayibe no muri Afrika y’ubuseruko. Raba igituma yabona ko yari yatewe kamwe mu duteka ntangere umuntu ashobora guterwa.

1945-1990 ‘Kuzana benshi ku bugororotsi’—Dan.12:3. (Igice ca 1)

Igikorwa co kwamamaza cotejwe imbere cane. Abamisiyonari bari barungitswe ngo batume haba iryo terambere.

Bipfuza kuyirorera

Mu 1956, ya sinema yavuga ngo ‘La Société du Monde Nouveau en action’ yarerekanywe i Freetown, muri Sierra Leone. Hoba hari aboje kuyiraba?

1945-1990 ‘Kuzana benshi ku bugororotsi’—Dan.12:3. (Igice ca 2)

Ivyabona vya Yehova barazwi hirya no hino muri Sierra Leone ko ari abantu batera iteka umubano w’ababiranye.

1945-1990 ‘Kuzana benshi ku bugororotsi’—Dan.12:3. (Igice ca 3)

Ni kubera iki aba abanyapolitike bo muri Poro bajanye mu Nama Nshingamateka integuro y’itegeko ryo kubuza igikorwa c’Ivyabona vya Yehova?

Amashirahamwe akorera mw’ibanga

Amashirahamwe akorera mw’ibanga arwiriye muri Afrika y’uburengero agira ico akoze gute ku buzima bw’abagabo n’abagore baho?

1945-1990 ‘Kuzana benshi ku bugororotsi’—Dan.12:3. (Igice ca 4)

Kugira ngo amashengero afashe abandi gutera imbere mu vy’impwemu, yarashinze amashure y’ivyo gusoma no kwandika. Uko abantu benshi bamenya gusoma, ni ko igikorwa c’ubuhinduzi carushiriza gukenerwa.

Agakarata karanzi ni ko kari nka murekarengane

Ni gute abari bagiye kw’ihwaniro, abatari bafise impapuro z’inzira canke murekarengane, bashoboye kwinjira muri Guinée kugira bitabe ihwaniro?

Yehova yarampagurukije

Jay Campbell, uwari arwaye ubukangwe, yipfuza kwitaba inyigisho ya Bibiliya y’ishengero. Yavuze ko mu kujayo azokoresha utubaho twiwe angenderako. Yoba yarabishoboye?

1991-2001 “Itanure . . . ry’amarushwa”—Yes.48:10 (Igice ca 1)

Naho hari i ntambara, Ivyabona barahaye Ivyabona bagenzi babo be n’abandi imfashanyo z’ivy’umubiri bongera barabahumuriza mu vy’impwemu. Ni igiki cabafashije kugaragaza inkomezi n’umutima rugabo?

1991-2001 “Itanure . . . ry’amarushwa”—Yes.48:10 (Igice ca 2)

Mu gihe c’intambara, Ivyabona vya Yehova ‘barabandanije kwigisha no kumenyesha inkuru nziza, badatezura.’

Uwabaye umusoda akiri umwana yahavuye aba umutsimvyi asanzwe

Uwabaye umusoda w’umuroberi igihe yari akiri muto yaribuka ingene bamwakiriye n’igishika igihe yitaba amakoraniro y’Ivyabona vya Yehova. Ni igiki catumye ahinduka?

Twaravuye mu vyara vy’abasoda b’abaroberi

Naho hari ubwicanyi n’imivurungano i Pendembu, ni kubera iki Ivyabona batari bake batishwe igihe intambara yaduka mu 1991?

Banyita ngo Umunara w’Inderetsi

Icabona ca Yehova yakora igikorwa co gutwara amakete mu gihe c’intambara y’abanyagihugu. Yashobora gute gutwara amakete n’imfashanyo abikuye i Freetown abijana i Conakry muri Guinée?

Ikintu gisumba kure n’iyo diyama

Tamba Josiah yakorera ahantu bimba diyama imbere y’uko aba Icabona ca Yehova. Ni kubera iki abona ko yaronse ikintu gifise agaciro kanini kurusha diyama?

2002-2013 Amaterambere ya vuba (Igice ca 1)

Inyuma y’intambara y’abanyagihugu, amashengero yarashinzwe, Ingoro z’Ubwami zirubakwa, abatsimvyi badasanzwe bararungikwa mu turere twarimwo Ivyabona bakeyi.

2002-2013 Amaterambere ya vuba (Igice ca 2)

Ubu, Ivyabona vya Yehova bo muri ivyo bihugu vyompi barajijutse ko n’abandi bantu benshi bazokwakira inkuru nziza y’Ubwami.

Twari twiyemeje gusukurira Yehova

Philip Tengbeh n’umukenyezi wiwe barahunze igihe abasoda b’abaroberi bigarurira igisagara babamwo ca Koindu. Barafashije kwubaka Ingoro z’Ubwami zitanu igihe baba mu makambi y’impunzi.

Narakunze Sierra Leone

Cindy McIntire yasukuye ari umumisiyonari muri Afrika kuva mu 1992. HS.2Aravuga igituma akunda cane kwamamaza muri Sierra Leone.

Haraciye imyaka ijana kuva mu 1914

1914, umwaka Abatohoji ba Bibiliya bari bamaze igihe batangaza wari ugiye washika.