Ikigabane ca 12

Yezu aratwigisha gusenga

Yezu aratwigisha gusenga

WOBA uganirira Yehova Imana?— Ashaka ko umuganirira. Igihe uganirira Imana, bivugwa ko uriko urasenga. Yezu kenshi yarakunda kuganirira Se wiwe wo mw’ijuru. Rimwe na rimwe, yashima kuba ari wenyene igihe aganirira Imana. Bibiliya ivuga yuko igihe kimwe, ‘Yezu yaduze ku musozi gusenga yiherereye. Naho bwamwiriyeko, yagumyeyo ari wenyene’.—Matayo 14:23.

Ushobora kuja hehe kugira ngo usenge Yehova uri wenyene?— Kumbure imbere y’uko uja kuryama, urashobora kuba uri wenyene, ukaganirira Yehova. Yezu yavuze ati: “Iy’usenga, uje haruguru mu nzu yawe, wugare urugi, usenge So” (Matayo 6:6). Woba usenga Yehova imisi yose mw’ijoro imbere y’uko uja kuryama?— Urakwiye kubigira.

Yezu yarasenga igihe yaba ari wenyene . . . n’igihe yaba ari kumwe n’abandi

Yezu yarasenga n’igihe yaba ari kumwe n’abandi bantu. Igihe umukunzi wiwe Lazaro yapfa, Yezu yarasenze ari kumwe n’abandi, aho bari bashinguye Lazaro (Yohana 11:41, 42). Yezu yarasenga kandi igihe yaba akoraniye hamwe n’abigishwa biwe. Woba uja ku makoraniro, aho isengesho riturwa?— Ku makoraniro, umuntu akuze kenshi ni we atura isengesho. Nutege yompi ivyo avuga, kubera yuko aba ariko arasaba Imana ku bwawe. Niwatega yompi, iryo sengesho rirangiye uzoshobora kuvuga uti: “Amen”. Woba uzi ico bisigura kuvuga ngo: “Amen”, igihe isengesho rirangiye?— Bisigura yuko ushimye iryo sengesho. Bisigura yuko wemeye ivyavuzwe muri iryo sengesho, yuko ushaka ko ivyo vyasabwe Imana ibikugirira na wewe.

Ni kubera iki ukwiye gutega yompi amasengesho aturwa ku makoraniro?

Yezu kandi yarasenga mu bihe vyo gufungura. Yarashimira Yehova ku bw’ibifungurwa yaba agira afungure. Woba wama imisi yose usenga imbere y’uko ufungura?— Imbere yo gufungura, ni vyiza ko dushimira Yehova ku bw’ivyo bifungurwa. Hari igihe uwundi muntu yotura isengesho igihe mugira musangire n’abandi. Mugabo, vyogenda gute mu gihe wisangije? Canke vyogenda gute mu gihe ugire usangire n’abantu badashimira Yehova?— Muri ico gihe, uba ukeneye gutura isengesho ryawe ubwawe.

Woba utegerezwa kwama usenga n’ijwi ryumvikana? Canke Yehova yoba ashobora kukwumva mu gihe wotura isengesho mu gacerere?— Turashobora kumenya inyishu y’ico kibazo mu kwihweza ivyashikiye Nehemiya. Yari umuntu asenga Yehova akaba yakora ku kirimba c’Umwami w’Ubuperesi Aritazeruzi. Umusi umwe, Nehemiya yaragize umubabaro mwinshi kubera yumvise yuko impome za Yeruzalemu zasambutse, Yeruzalemu ukaba wari umurwa mukuru w’igihugu cabo.

Ni ryari ushobora gutura isengesho mu gacerere nk’uko Nehemiya yabigize?

Igihe umwami yabaza Nehemiya igituma yari afise umubabaro, Nehemiya yabanje gutura isengesho mu gacerere. Maze, Nehemiya abwira umwami igituma yari afise umubabaro, hanyuma amusaba niba yoshobora kuja i Yeruzalemu gusubira kwubaka izo mpome. Vyagenze gute?—

Emwe, Imana yarishuye isengesho rya Nehemiya. Umwami yaramwemereye kujayo! Umwami mbere yarahaye Nehemiya ibiti vyinshi vyo gukoresha mu kwubaka izo mpome. Rero, Imana vy’ukuri irashobora kwishura amasengesho yacu, n’igihe nyene tuyatuye mu gacerere.—Nehemiya 1:2, 3; 2:4-8.

Ubu naho, zirikana kuri ibi. Woba ukwiye kwunamika umutwe igihe usenga? Woba ukwiye gupfukama? Wibaza ko ukwiye gukora iki?— Rimwe na rimwe, Yezu yarapfukama ariko arasenga. Mu bindi bihe, yarahagarara. Mu bihe bimwe na bimwe yaratarika amaboko mu kirere igihe yaba ariko arasenga, nk’uko yabigize igihe yasengera Lazaro.

None, ivyo vyerekana iki?— Ivyo vyerekana yuko ukuntu wifata atari co kintu gihambaye. Rimwe na rimwe ni vyiza kwunamika umutwe no guhumiriza. Mu bindi bihe, woshobora mbere gushima gupfukama, nk’uko Yezu yabigize. Mugabo, uribuka yuko dushobora gusenga Imana igihe ico ari co cose ku murango canke mw’ijoro, kandi ko izotwumva. Ikintu gihambaye ku biraba isengesho, ni uko twemera vy’ukuri ko Yehova aba ariko arumviriza. Woba wemera ko Yehova yumva amasengesho yawe?—

Ushobora kubwira iki Imana mw’isengesho?

Dukwiye kubwira iki Yehova mu masengesho dutura?— Ndakubaze: Igihe usenga, ubwira Imana iki?— Yehova araduha ibintu vyinshi cane vyiza, kandi birabereye ko umushimira kubera ivyo aduha, si ko?— Turashobora kumushimira ku bw’imfungurwa aduha. Mugabo, woba umaze kumushimira ku bw’ikirere gisa neza, ibiti bitotahaye be n’amashurwe y’akaroruhore?— N’ivyo nyene ni we yabiremye.

Igihe kimwe, abigishwa ba Yezu baramusavye ngo abigishe gusenga. Wa Mwigisha Ahambaye yarabibigishije, kandi arabereka ibintu bihambaye kuruta boshira mw’isengesho. Woba uzi ivyo bintu ivyo ari vyo?— Fata Bibiliya yawe, maze uzingurure muri Matayo ikigabane ca 6. Kuva ku murongo w’9 gushika ku wa 13, tuhasanga ico abantu benshi bita Igisabisho ca Dawe wa Twese. Reka tugisomere hamwe.

Aho, turiga yuko Yezu yatubwiye gusenga ku bw’izina ry’Imana. Yatubwiye ngo dusenge dusaba ko izina ry’Imana rininahazwa, ni ukuvuga yuko rifatwa ko ari ryeranda. Izina ry’Imana ni irihe?— Ni Yehova, kandi turakwiye gukunda iryo zina.

Ica kabiri, Yezu yatwigishije gusenga dusaba ko Ubwami bw’Imana bwoza. Ubwo Bwami burahambaye kubera yuko buzozana amahoro kw’isi bukongera bukayihindura iparadizo.

Ica gatatu, wa Mwigisha Ahambaye yavuze ko twosenga dusaba yuko ivyo Imana igomba bikorwa kw’isi nk’uko nyene bikorwa mw’ijuru. Nitwasenga dusaba ivyo, tuzoba rero dukwiye gukora ivyo Imana igomba.

Ubukurikira, Yezu yatwigishije gusenga dusaba imfungurwa dukeneye ku musi ku musi. Yavuze kandi yuko dukwiye gusaba Imana ikigongwe igihe twakoze ibintu bibi. Vyongeye, dukwiye gusaba Imana ngo iduharire. Mugabo, imbere y’uko iduharira, dutegerezwa guharira abandi mu gihe badukoreye ikintu kibi. Ivyo vyoba bikworohera kugira?—

Ica nyuma, Yezu yavuze yuko dukwiye gusenga dusaba Yehova Imana ngo adukingire wa mubisha, Shetani wa Mucokoranyi. Ivyo bintu vyose rero ni ibintu vyiza dushobora gusaba mw’isengesho dutura Imana.

Dukwiye kwemera yuko Yehova yumva amasengesho dutura. Ntidukwiye gusa kumusaba ngo adufashe, ariko turakwiye no kuguma tumushimira. Arahimbarwa igihe tumubwira ibintu tubikuye ku mutima, n’igihe tumusaba ibintu bibereye. Bimeze gutyo, ivyo bintu azobiduha. Ivyo woba uvyemera?—

Izindi mpanuro nziza ku vyerekeye isengesho tuzisanga mu Baroma 12:12; 1 Petero 3:12; no muri 1 Yohana 5:14.