Ikigabane ca 33
Yezu arashobora kudukingira
Yezu wewe umubona gute? Woba ubona ko ari Umwami w’umunyabubasha canke ko ari akayoya ata co kishoboje?
EZU amaze gukura akamenya ingene yakingiwe igihe yari akiri muto, woba wiyumvira yuko yaciye asenga Yehova akamushimira?— Wiyumvira ko Yezu mu nyuma ashobora kuba yabwiye iki Mariya na Yozefu, amaze kumenya yuko bakijije ubuzima bwiwe mu kumujana mu Misiri?—
Ego ni ko, ubu Yezu ntakiri umwana. Eka mbere ntakiba kw’isi nka kera. Mugabo, woba warabonye yuko muri iki gihe abantu bamwebamwe umenga Yezu bamwiyumvira gusa nk’akayoya kari mu bwato bw’ibitungwa?— Ivyo bigaragara mu gihe ca Noweli, aho usanga ahantu henshi hari amashusho ya Yezu ari akayoya.
Naho Yezu atakiba kw’isi, woba wemera yuko ari muzima?— Yarazuwe mu bapfuye, ubu na ho akaba ari Umwami w’umunyabubasha mw’ijuru. Wiyumvira yuko ashobora gukora iki kugira ngo akingire abamukorera?— Nk’akarorero, igihe Yezu yari kw’isi, yarerekanye ingene yoshobora gukingira abamukunda. Reka turabe ingene ivyo yavyerekanye umusi umwe, igihe yari yajanye n’abigishwa biwe mu bwato.
Ni ku mugoroba. Yezu yamaze umusi wose yigisha ku nkombe y’Ikiyaga c’i Galilaya, kikaba ari ikiyaga gifise uburebure bw’ibirometero nka 20 n’ubwaguke bw’ibirometero nka 12. Hanyuma abwira abigishwa biwe ati: “Tujabuke, tuje hakurya y’ikiyaga”. Nuko burira ubwato maze batangura gusoza ngo bajabuke ico kiyaga. Yezu ararushe cane, ari co gituma aja mu gice c’inyuma c’ubwato hanyuma akaryama yiseguje umusego. Haciye akanya aca arasinzira umukondorazosi.
Yezu ariko abwira iki umuyaga n’imipfunda?
Nya bigishwa baguma bari maso kugira ngo babandanye gusoza ubwo bwato. Vyose biragenda neza cane mu gihe gito, mugabo haca haduka umuyaga ukomeye. Urushiriza guhuhuta cane, kandi imipfunda iguma iba myinshi. Nya mipfunda itangura kwisuka mu bwato, maze ubwo bwato butangura kwuzuramwo amazi.
Abigishwa baratinya ko bagiye kuzama. Mugabo Yezu we nta bwoba afise. Aracasinziriye mu gice c’inyuma c’ubwo bwato. Amaherezo, nya bigishwa baramukangura, bati: ‘Mwigisha, Mwigisha, dukize; tugiye gupfira muri iki gihuhusi’. Bavuze ivyo, Yezu aca arikangura maze abwira umuyaga n’imipfunda ati: “Hora, utekereze”!
Buno nyene nya muyaga uca uracureha, ikiyaga na co gica kirahwama. Nya bigishwa baratangara. Ntibari bwigere babona ikintu nk’ico. Batangura kubazanya bati: “Mbeg’uyu n’umuntu ki, kw abarira n’umuyaga n’amazi bikamwumvira?”.—Luka 8:22-25; Mariko 4:35-41.
Woba uzi Yezu uwo ari we?— Woba uzi aho akura ububasha bwiwe buhambaye?— Abo bigishwa ntibari bakwiye kugira ubwoba kandi Yezu yari kumwe na bo, kubera yuko Yezu atari umuntu asanzwe. Yarakora ibintu bitangaje ata wundi muntu n’umwe yashobora gukora. Reka ndakwiganire ikindi kintu yigeze gukora ku kiyaga carimwo igihuhusi.
Hari haciye igihe, ku wundi musi. Bugorovye, Yezu abwira abigishwa biwe ngo burire ubwato bamwitangire imbere gushika hakurya ku yindi nkombe y’ikiyaga. Nuko Yezu aduga umusozi ari wenyene. Ni ahantu hatekanye ashobora gusengera Se wiwe, Yehova Imana.
Nya bigishwa burira ubwato maze batangura gusoza kugira ngo bajabuke ico kiyaga. Ariko haciye akanya umuyaga uca utangura guhuhuta. Uguma urushiriza guhuhuta. Ico gihe burije. Nya bagabo bamanura amahema, maze batangura gusoza. Ariko ntibashika kure kubera yuko nya muyaga ukomeye uriko urahuhuta ubasubiza inyuma. Nya bwato buriko buzungazunga imbere n’inyuma mu mipfunda minini, amazi na yo akaba ariko yisuka mu bwato. Nya bagabo barihata uko bashoboye bagerageza gushikira inkombe, mugabo nta vyo bashobora.
Yezu aracari ukwa wenyene ku musozi. Ahamaze umwanya utari muto. Mugabo ico gihe arabonye yuko abigishwa biwe bageramiwe n’imipfunda myinshi. Ni co gituma aciye amanuka umusozi agashika ku nkombe y’ikiyaga. Yezu ashaka gufasha abigishwa biwe, ari co gituma atangura kugenda agana iyo bari, atambuka kuri ico kiyaga kirimwo ibihuhusi!
Vyogenda gute nka hamwe wogerageza kugendera ku mazi?— Wozama, kandi hari aho wosoma nturi. Mugabo Yezu we aratandukanye natwe. Afise ububasha budasanzwe. Yezu ategerezwa kugenda urugendo rurerure kugira ngo ashikire nya bwato. Ni co gituma mu mutwenzi ari ho abigishwa babona Yezu aza agana iyo bari agendera ku mazi. Ariko ntibemera ivyo babona. Baragira ubwoba bwinshi, maze nya bwoba butuma bakoma induru. Nuko Yezu ababwira ati: “Hūmura, ni jewe, ni mureke gutinya”.
Ni kubera iki Yezu yakoze ibitangaro?
Yezu yuriye mu bwato, ico gihuhusi gica kirahagarara. Abigishwa bongera gutangara. Barunama imbere ya Yezu bavuga bati: “N’ukuri ur’Umwana w’Imana”.—Matayo 14:22-33; Yohana 6:16-21.
None ntivyobaye biteye umunezero kubaho muri ico gihe tukabona Yezu akora ibintu nk’ivyo?— Woba uzi icatumye Yezu akora ivyo bintu bitangaje?— Yakoze ivyo bintu kubera yakunda abigishwa biwe kandi agashaka kubafasha. Ariko kandi, yakoze ivyo bintu kugira ngo yerekane ububasha buhambaye yari afise kandi yokoresheje muri kazoza igihe azoba ari Umutware w’Ubwami bw’Imana.
Yezu akingira gute abayoboke biwe muri iki gihe?
No muri iki gihe nyene, Yezu akenshi arakoresha ububasha afise mu gukingira abayoboke biwe, kugira ngo Shetani ntababuze kubwira abandi ivyerekeye Ubwami bw’Imana. Mugabo, Yezu ntakoresha ububasha afise mu gukingira abigishwa biwe ngo ntibarware canke mu kubakiza igihe barwaye. Mbere washaka, intumwa za Yezu zose amaherezo zarapfuye. Yakobo mwene nyina wa Yohani yaragandaguwe, Yohani na we ubwiwe aratabwa mw’ibohero.—Ivyakozwe 12:2; Ivyahishuriwe 1:9.
No muri iki gihe ni ukwo bimeze. Abantu bakorera Yehova n’abatamukorera bose barashobora kurwara mbere bakanapfa. Mugabo ubu bwa vuba, igihe Yezu azoba ari Umwami mu ntwaro y’Imana, ibintu bizoba vyahindutse. Ico gihe nta muntu n’umwe azokwigera agira ubwoba, kubera yuko Yezu azokoresha ububasha afise ku neza y’abamugamburukira bose.—Yesaya 9:6, 7.
Ibindi vyanditswe vyerekana ububasha buhambaye bwa Yezu, we muntu Imana igira Umutware mu Bwami bw’Imana, ni Daniyeli 7:13, 14; Matayo 28:18; n’Abanyefeso 1:20-22.

