Ikigabane ca 48

Wokora iki kugira ngo uzobe mw’isi nshasha y’Imana irimwo amahoro?

Wokora iki kugira ngo uzobe mw’isi nshasha y’Imana irimwo amahoro?

IMANA yashize Adamu na Eva mw’itongo ry’i Edeni. Naho bagambarariye Imana maze bagapfa, Imana yaratumye bishoboka ko uruvyaro rwabo, ushizemwo na twebwe muri iki gihe, rubaho ibihe bidahera mw’Iparadizo. Bibiliya isezerana iti: “abagororotsi bazoragwa igihugu, bakibemw’ibihe bidashira”.—Zaburi 37:29.

Bibiliya iravuga ivyerekeye “ijuru risha” n’ “isi nsha” (Yesaya 65:17; 2 Petero 3:13). “Ijuru” ry’ubu rigizwe n’intwaro z’abantu zo muri iki gihe, ariko Yezu Kirisitu be n’abazofatanya na we kuganza bari mw’ijuru, bazoba bagize “ijuru risha”. Ese ukuntu bizoba ari vyiza cane igihe iryo juru risha, ari ryo ntwaro y’Imana igororotse irimwo amahoro, rizoba riganza isi yose!

None, “isi nsha” yoyo ni iki?— Isi nshasha izoba igizwe n’abantu beza bakunda Yehova. Ukwiye gutahura yuko igihe Bibiliya ivuga “isi”, rimwe na rimwe iba ishaka kuvuga abantu baba kw’isi, ntiba ishaka kuvuga iyi si tubako (Itanguriro 11:1; Zaburi 66:4; 96:1). Rero, abantu bazoba bagize isi nshasha, bazoba ngaha nyene kw’isi.

Iyi si y’abantu b’abanyakibi ntizoba ikiriho. Uribuka yuko wa Mwuzure wo mu misi ya Nowa wakuyeho isi mbi igizwe n’abantu. Kandi, nk’uko twavyize, iyi si mbi izohonywa kuri Harumagedoni. Ubu na ho, reka turabe ingene ubuzima buzoba bumeze mw’isi nshasha y’Imana inyuma ya Harumagedoni.

Ntiwipfuza none kubaho ibihe bidahera mw’Iparadizo uri mw’isi nshasha y’Imana irimwo amahoro?— Nta muganga n’umwe ashobora gutuma tubaho ibihe bidahera. Nta muti n’umwe ushobora kudukingira urupfu. Uburyo bumwe rudende bushobora gutuma tubaho ibihe bidahera, ni ukwiyegereza Imana. Wa Mwigisha Ahambaye na we, aratubwira ukuntu dushobora kwiyegereza Imana.

Dutore Bibiliya zacu maze tuzingurure muri Yohana ikigabane c’17, umurongo wa 3. Tuhasanga amajambo yavuzwe na wa Mwigisha Ahambaye agira ati: “Ubu ni bgo bu[zima] budashira, ko bamenya wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’uwo watumye, Yesu Kristo”.

None, Yezu yavuze yuko dukwiye gukora iki kugira ngo tubeho ibihe bidahera?— Ubwa mbere, dutegerezwa kumenya Dawe wa twese wo mw’ijuru ari we Yehova, tukongera tukamenya Umwana wiwe yatanze ubuzima bwiwe ku bwacu. Ivyo bisobanura ko dukeneye kwiga Bibiliya. Iki gitabu kivuga ngo Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye, kiriko kiradufasha kwiga Bibiliya.

Mugabo none kwiga ivyerekeye Yehova bizodufasha gute kubaho ibihe bidahera?— Urumva, nk’uko nyene dukeneye gufungura imisi yose, turakeneye no kwiga ivyerekeye Yehova imisi yose. Bibiliya ivuga iti: “Umuntu ntatungwa n’umutsima gusa, arikw atungwa n’ijambo ryose riva mu kanwa k’Imana”.—Matayo 4:4.

Turakwiye kandi kumenya Yezu Kirisitu kubera ko Imana yarungitse Umwana wayo kugira ngo adukize ivyaha. Bibiliya ivuga iti: “Nta wundi agakiza kabonerwamwo”. Bibiliya ivuga kandi iti: “Uwizeye Umwana arafise ubu[zima] budashira” (Ivyakozwe 4:12; Yohana 3:36). None ‘kwizera’ Yezu bisobanura iki?— Bisobanura yuko twizera vy’ukuri Yezu kandi tukemera ko tudashobora kubaho ibihe bidahera bidaciye kuri we. Ivyo twoba tuvyemera?— Niba tuvyemera, tuzobandanya kwigira kuri wa Mwigisha Ahambaye imisi yose twongere dukore ivyo avuga.

Uburyo bumwe bwiza bwo kwigira kuri wa Mwigisha Ahambaye, ni ugusoma iki gitabu incuro nyinshi kandi ukihweza amafoto yose ukongera ukayazirikanako. Nurabe nimba woshobora kwishura ibibazo bijanye n’ayo mafoto. Ikindi kandi, nusome ico gitabu uri kumwe n’abavyeyi bawe. Nimba abavyeyi bawe ata bahari, nugisome uri kumwe n’abandi bantu bakuze canke abandi bana. None ntivyoba ari vyiza cane nka hamwe wofasha abandi kwigira kuri wa Mwigisha Ahambaye ivyo bakwiye gukora kugira ngo bazobeho ibihe bidahera mw’isi nshasha y’Imana?—

Bibiliya itubwira iti: “Isi irikw irashira”. Mugabo irasigura kandi ico twokora kugira ngo tuzobeho ibihe bidahera mw’isi nshasha y’Imana. Ivuga iti: “Ūkora ivy’Imana igomba yamah’ibihe bidashira” (1 Yohana 2:17). None twokora iki kugira ngo tuzobeho ibihe bidahera mw’isi nshasha y’Imana?— Twokwironsa ubumenyi bwerekeye Yehova be n’Umwana wiwe mukundwa Yezu. Ariko kandi dutegerezwa gushira mu ngiro ivyo twiga. Ese kwiga iki gitabu vyogufasha kugira ivyo bintu!