Ikigabane ca 45

Ubwami bw’Imana ni iki? Twokwerekana gute ko tubushaka?

Ubwami bw’Imana ni iki? Twokwerekana gute ko tubushaka?

WOBA uzi rya sengesho Yezu yigishije abigishwa biwe?— Niba utarizi, turashobora kurisomera hamwe muri Bibiliya, muri Matayo 6:9-13. Iryo sengesho, iryo abantu benshi bita Dawe wa twese, ririmwo aya majambo: “Ubgami bgawe buze”. None urazi Ubwami bw’Imana ico ari co?—

Urumva, umwami ni umuntu atwara igihugu canke akarere kanaka. Intwaro yiwe yitwa ubwami. Mu bihugu bimwebimwe uwuri hejuru ya bose mu ntwaro yitwa umukuru w’igihugu. None Umukuru w’intwaro y’Imana yitwa gute?— Yitwa Umwami. Ni co gituma intwaro y’Imana yitwa Ubwami.

Woba uzi uwo Yehova Imana yatoye kugira ngo abe Umwami w’intwaro yiwe?— Yatoye Umwana wiwe Yezu Kirisitu. Kubera iki Yezu ari we mutware mwiza kuruta umutware uwo ari we wese abantu botora?— Ni kubera yuko Yezu akunda vy’ukuri Se wiwe Yehova. Ni co gituma Yezu yama imisi yose akora ibigororotse.

Kera cane imbere y’uko Yezu avukira i Betelehemu, Bibiliya yaravuze ivy’ukuvuka kwiwe yongera ivuga yuko Imana yomutoye akaba Umutware. Reka tubisome muri Yesaya 9:6, 7. Havuga hati: “Umwana a[ra]tuvukiye, duhawe umwana w’umuhungu; ubutware buzoba ku bitugu vyiwe: azokwitwa . . . [Umuganwa] w’amahoro. Ukugwira kw’ubutware bgiwe n’amahoro ntibizogira iherezo”.—Ni twe tubihiritse.

Woba uzi igituma ngaha Umutware w’Ubwami bw’Imana yitwa ‘Umuganwa’?— Urumva, umuganwa ni umwana w’umwami. Yezu na we akaba ari Umwana wa wa Mwami Ahambaye Yehova. Mugabo kandi Yehova yaragize Yezu Umwami w’intwaro yiwe, iyo ntwaro ikazoganza isi imyaka igihumbi (Ivyahishuriwe 20:6). Yezu amaze kubatizwa yaciye atangura “kwigisha, ati Mwi[gaye], kuk’ubgami bgo mw ijuru buri hafi”.—Matayo 4:17.

Wibaza ko ari kubera iki Yezu yavuze ko Ubwami buri hafi?— Ni kubera yuko Umwami yohavuye aganza mw’ijuru, yari kumwe na bo! Ni co gituma Yezu yabwiye abantu ati: “Ubgami bg’Imana buri muri mwebge” (Luka 17:21). Ntiwoshima none kuba hafi cane y’Umwami yashizweho na Yehova ku buryo ushobora no kumukorako?—

Mbwira rero, ni igikorwa gihambaye ikihe Yezu yaje gukora ngaha kw’isi?— Yezu yarishuye ico kibazo mu kuvuga ati: “Nkwiye kuvuga ubutumwa bgiza bg’ubgami bg’Imana no mu bindi bisagara, kukw ari co natumwe” (Luka 4:43, ni twe tubihiritse.). Yezu yari azi yuko atari gushobora kwamamaza inkuru nziza ahantu hose ari wenyene. None wibaza ko yakoze iki?—

Ni igikorwa ikihe Yezu yaje gukora kw’isi?

Yezu yarajana n’abantu maze akabereka ingene bokora igikorwa co kwamamaza. Aba mbere yamenyereje bari abantu 12 yatoye ngo bamubere intumwa (Matayo 10:5, 7). Ariko none, intumwa ziwe ni zo zonyene yamenyereje gukora ico gikorwa? Oya. Bibiliya ivuga yuko hariho n’abandi benshi Yezu yamenyereje kwamamaza. Mu nyuma, yararungitse abandi bigishwa 70, atuma babiribabiri, ngo bagende imbere yiwe. None bagenda bigisha iki abantu?— Yezu yavuze ati: “Mubabgire mut’Ubgami bg’Imana burabēgereye” (Luka 10:9). Muri ubwo buryo abantu baramenye ivy’intwaro y’Imana.

Kera muri Isirayeli, umwami mushasha yaragendagenda mu gisagara ari ku ndogoba ikiri ntoyi kugira ngo abantu bamubone. Ni vyo Yezu agira agiye i Yeruzalemu ubwa nyuma. Urabona, Yezu agiye kuba Umutware w’Ubwami bw’Imana. Abantu boba bipfuza ko aba Umwami?—

Urumva, akiriko aragendagenda, benshi mu bantu bari ngaho batangura gusasa imitamana yabo mu nzira aho agira ace. Abandi na bo baca amashami y’ibiti maze bayashira mu nzira. Mu kugira ivyo, bariko barerekana ko bipfuza ko Yezu ababera Umwami. Bavuga n’ijwi rirenga bati: “Hashemezwe Umwami, aje mw izina ry’Uhoraho”! Ariko rero si bose banezerewe. Nkako, indongozi zimwezimwe z’idini zibwira mbere Yezu ziti: ‘Bwira abo bigishwa banume’.—Luka 19:28-40.

Ni kubera iki abantu ubwa mbere bipfuza ko Yezu ababera Umwami ariko mu nyuma bakanka ko ababera Umwami?

Haciye imisi 5, Yezu arafatwa ajanwa mu ngoro kurengutswa imbere ya buramatari Ponsiyo Pilato. Abansi ba Yezu bavuga ko yigira umwami kandi ko arwanya intwaro y’Abaroma. Maze Pilato asaba Yezu kwisigura. Yezu avuga yuko atariko aragerageza gufata ubutegetsi. Abwira Pilato ati: “Ubgami bganje s’ubgo mur’iyi si”.—Yohana 18:36.

Nuko Pilato arasohoka maze abwira abantu ko ata gicumuro yabonye kuri Yezu. Ariko rero, abantu ntibashaka ko Yezu ababera Umwami. Ntibashaka ko arekurwa (Yohana 18:37-40). Pilato ahejeje kuvugana na Yezu ubugira kabiri, arabona neza yuko ata kibi na kimwe Yezu yakoze. Amaherezo, amaze gusohora Yezu ubwa nyuma, Pilato avuga ati: “Ehe rāba umwami wanyu”. Mugabo abantu barasemerera bati: ‘Mukureho, mukureho, umumanike’!

Pilato arababaza ati: ‘Manike umwami wanyu?’. Abaherezi bakuru bavuga bati: “Nta mwami dufise, atari Kayisari”. Umve ntuze ivyo bintu! Abo baherezi b’ababisha bashoboye kujijura abantu ngo barwanye Yezu.—Yohana 19:1-16.

Muri kino gihe, ibintu birasa cane n’uko vyari bimeze mu gihe ca Yezu. Mu vy’ukuri abantu benshi ntibashaka ko Yezu ababera Umwami. Bivugisha ko bizera Imana mugabo ntibashaka ko Imana na Kirisitu bababwira ico bokora. Bishakira intwaro zabo bwite zo kw’isi.

Tweho tubibona gute? Igihe tumenye ivy’Ubwami bw’Imana be n’ibintu vyiza vyose buzokora, ivyo bituma twumva tumerewe gute ku vyerekeye Imana?— Duca twumva tuyikunze, si ko none?— None dushobora kwerekana gute yuko dukunda Imana koko be n’uko dushaka gutwarwa n’Ubwami bwayo?—

Ni kubera iki Yezu yabatijwe, kandi Imana yerekanye gute ko yemeye ibatisimu yiwe?

Turashobora kwereka Imana ukuntu twumva tumerewe mu mutima mu gukurikira akarorero ka Yezu. None Yezu yakoze iki kugira ngo yerekane ko akunda Yehova?— Yezu yasiguye ati: “ Na ntaryo nama nkora ibimuhimbara” (Yohana 8:29). Egome, Yezu yaje kw’isi kugira ngo ‘akore ivyo Imana igomba’, yongere ‘aheraheze igikorwa c’Imana’ (Abaheburayo 10:7; Yohana 4:34). Reka turabe ico Yezu yakoze imbere y’uko atangura igikorwa co kwamamaza.

Yezu yagiye kuri Yohani Umubatizi ku Ruzi Yorodani. Bamaze gushika mu mazi, Yohani yibiza Yezu hanyuma amukura mu mazi. Woba uzi igituma Yohani yabatije Yezu?—

Ni hehe twobwirira abandi ivyerekeye Ubwami bw’Imana?

Yezu ni we yasavye Yohani ngo amubatize. Mugabo none, tuzi gute ko Imana ari yo yashatse ko Yezu abatizwa?— Ivyo turabizi kubera ko igihe Yezu yava mu mazi, yumvise ijwi ry’Imana rivuye mw’ijuru rivuga riti: “Ni wewe Mwana wanje nkunda ukampimbara”. Mbere Imana yararungitse impwemu yayo yera mw’ishusho y’inuma igwa kuri Yezu. Rero mu kubatizwa, Yezu yarerekanye ko ashaka gukorera Yehova ubuzima bwiwe bwose, ni ukuvuga ibihe bidahera.—Mariko 1:9-11.

Ubu uracari muto. Mugabo none niwakura uzokora iki?— Mbega uzoba nka Yezu maze ubatizwe?— Ukwiye kumwigana, kubera yuko Bibiliya ivuga ko yagusigiye ‘akarorero kugira ngo ugere ikirenge mu ciwe’ (1 Petero 2:21). Niwabatizwa uzoba uriko urerekana yuko ushaka koko gutwarwa n’Ubwami bw’Imana. Ariko kubatizwa vyonyene ntibihagije.

Turakeneye kugamburuka ibintu vyose Yezu yigishije. Yezu yavuze yuko tudakwiye ‘kuba ab’isi’. None twoba turiko turamugamburukira nka hamwe twokwisuka mu vy’iyi si? Yezu n’intumwa ziwe ntibisutse mu vy’iyi si (Yohana 17:14). Bakoze iki none?— Barabwiye abandi ivyerekeye Ubwami bw’Imana. Ico cari igikorwa gihambaye mu buzima bwabo. None natwe twoshobora gukora igikorwa nk’ico?— Ego cane. Tuzogikora nimba ivyo tuvuga igihe dusaba ngo Ubwami bw’Imana buze biba bivuye ku mutima.

Ndakwinginze urabe ibi bindi vyanditswe bitubwira ico dushobora gukora kugira ngo twerekane yuko dushaka ko Ubwami bw’Imana buza: Matayo 6:24-33; 24:14; 1 Yohana 2:15-17; na 1 Yohana 5:3.