Ikigabane ca 9

Turakeneye kunanira ibitwosha nabi

Turakeneye kunanira ibitwosha nabi

HOBA hari umuntu amaze kugusaba gukora ikintu kibi?— Yoba yaraguhase kugikora? Canke yoba yavuze yuko vyoba vyiza kandi ko kugikora ata kibi kirimwo vy’ukuri?— Igihe umuntu adusavye gukora ico kintu, aba ariko aragerageza kutwosha nabi.

Dukwiye gukora iki igihe twohejwe nabi? Twoba dukwiye kwemera tugakora ikintu kitabereye?— Ivyo ntivyohimbara Yehova Imana. None, woba uzi uwo vyohimbara?— Emwe, ni Shetani wa Mucokoranyi.

Shetani ni umwansi w’Imana, kandi Shetani ni umwansi wacu. Ntidushobora kumubona kubera ko ari ikiremwa c’impwemu kitaboneka. Mugabo we arashobora kutubona. Umusi umwe, Shetani yaravugishije Yezu, wa Mwigisha Ahambaye, agerageza kumwosha nabi. Reka turabe ico Yezu yakoze, gutyo duce tumenya ikintu kibereye twokora igihe twohejwe nabi.

Igihe Yezu yabatizwa, ashobora kuba yaciye atangura kwibuka iki?

Yezu yama imisi yose ashaka gukora ivyo Imana igomba. Ivyo yaravyerekanye ku mugaragaro, mu kubatizwa mu Ruzi Yorodani. Yezu akimara kubatizwa, ni ho Shetani yagerageje kumwosha nabi. Bibiliya ivuga yuko ‘ijuru ryugurukiye’ Yezu (Matayo 3:16). Ivyo vyoshobora gusobanura yuko ico gihe Yezu yatanguye kwibuka ibintu vyose vyerekeye ubuzima yahorana mw’ijuru ari kumwe n’Imana.

Amaze kubatizwa, Yezu yaragiye mu bugaragwa kuzirikana ku bintu yari atanguye kwibuka. Yamaze imisi mirongo ine n’amajoro mirongo ine. Muri ico gihe cose, nta kintu na kimwe Yezu yafungura, ari co gituma yari ashonje cane. Ico gihe nyene ni ho Shetani yagerageje kwosha nabi Yezu.

Shetani yakoresheje gute amabuye kugira ngo agerageze Yezu?

Shetani yavuze ati: “Ni waba ur’Umwana w’Imana, bgira aya mabuye acike [umukate]”. Ese ukuntu umukate wari kuryoha! Mugabo, Yezu yoba yari afise ubushobozi bwo gufata amabuye akayahindura imikate?— Egome yari abufise. Uti kubera iki? Kubera yuko Yezu Umwana w’Imana yari afise ububasha budasanzwe.

Iyo Shetani agusaba gufata amabuye ngo uyahindure umukate, woba wari kubikora?— Yezu yari ashonje. None ntivyari kuba bibereye kubigira iryo rimwe risa?— Yezu yaramenye ko vyari bibi gukoresha ububasha bwiwe muri ubwo buryo. Yehova yari yamuhaye ubwo bubasha kugira ngo akwegere abantu ku Mana, ntikwari kugira ngo abukoreshe ku nyungu ziwe bwite.

Ni co gituma Yezu aho kubigira, yabwiye Shetani ivyari vyanditswe muri Bibiliya ati: ‘Umuntu ntategerezwa gutungwa n’umukate gusa, ariko ategerezwa gutungwa n’ijambo ryose riva mu kanwa ka Yehova’. Yezu yari azi ko gukora ibihimbara Yehova bihambaye kuruta mbere no kuronka ibifungurwa vyo gufungura.

Mugabo, Shetani yarasubiriye kumugerageza. Yarafashe Yezu amujana i Yeruzalemu, amuhagarika ku kibanza kiri hejuru cane c’urusengero. Maze Shetani avuga ati: ‘Ni waba uri Umwana w’Imana, ikororere hasi. Kuko vyanditswe yuko abamarayika b’Imana bazokurinda kugira ntiwibabaze’.

Ni kubera iki Shetani yavuze ivyo?— Yabivuze ashaka kugerageza Yezu ngo akore ikintu kiranga ubujuju. Mugabo, no muri ico gihe Yezu ntiyumviye Shetani. Yabwiye Shetani ati: “Haranditswe, ngo Ntukagerageze Uhoraho, Imana yawe”. Yezu yari azi yuko vyari bibi kugerageza Yehova mu gushira mu kaga ubuzima bwiwe.

Yamara, Shetani ntiyaciye amureka. Ubukurikira, yajanye Yezu ku musozi muremure cane. Aho, yamweretse ubwami bwose, ni ukuvuga intwaro zose z’isi n’ubuninahazwa bwazo. Maze, Shetani yabariye Yezu ati: “Ivyo vyose ndabiguha, ni wampfukamira, ukansenga”.

Niwiyumvire ivyo bintu Shetani yemereye Yezu. Mbega ubwo bwami bwose, ari zo ntwaro zose zo kw’isi, vyoba koko vyari ivya Shetani?— Emwe, Yezu ntiyahakanye ko vyari ivya Shetani. Iyo bitaba ari ivya Shetani, Yezu yari kubivuga. Egome, Shetani ni we vy’ukuri mutware w’amahanga yose yo kw’isi. Bibiliya mbere imwita “umutware w’iyi si”.—Yohana 12:31.

Ni kubera iki Shetani yemereye Yezu ubwo bwami bwose?

Wokora iki mu gihe Shetani yokwemerera kuguha ikintu uramutse umusenze?— Yezu yari azi ko aramutse asenze Shetani vyobaye ari bibi, naho vyotumye aronka iki. Ni co gituma Yezu yavuze ati: ‘Ja hiyo Shetani! Kuko Bibiliya ivuga yuko Yehova Imana yawe ari we utegerezwa gusenga kandi ko ari we musa utegerezwa gukorera’.—Matayo 4:1-10; Luka 4:1-13.

Mu gihe wogeragezwa, wokora iki?

Na twebwe nyene turahura n’ibitwosha nabi. Woba uzi bimwe muri ivyo bitwosha nabi?— Reka ndaguhe akarorero. Nyoko wawe yoshobora kuba yazanye utumaramasenge. Akakubwira ngo ntiwakireko na kamwe isaha yo gufungura itaragera. Mugabo urashonje cane, ku bw’ivyo ukumva ushaka kwakirako na kamwe. Woba uzogamburukira nyoko wawe?— Shetani ashaka ko umugambararira.

Ibuka Yezu. Na we nyene yari ashonje cane. Mugabo yari azi ko guhimbara Imana vyari bihambaye kuruta gufungura. Ukoze ivyo nyoko wawe avuze, uba ugaragaje ko umeze nka Yezu.

Birashobora gushika abandi bana bakaguha urumogi ngo unywe. Barashobora kukubwira yuko niwarunywa uza kwumva umerewe neza cane. Mugabo, urwo rumogi ni ikiyayuramutwe. Rurashobora kugusinzikariza amagara. Canke umuntu yoshobora kuguha itabi, na ryo nyene rikaba ririmwo ubumara, kandi akaguhata kurinywa. Uzokora iki?—

Niwibuke Yezu. Shetani yaragerageje gutuma Yezu ashira mu kaga ubuzima bwiwe, mu kumubwira ngo nasimbe avuye hejuru ku rusengero. Mugabo Yezu ntiyabigize. Uzokora iki umuntu niyagusaba gukora ikintu cokugirira nabi?— Yezu ntiyumviye Shetani. Na wewe ntukwiye kwumvira umuntu n’umwe agerageza kukwosha ngo ukore ibintu bibi.

Kubera iki ari bibi gusenga ukoresheje ibishushanyo?

Umusi uri izina, woshobora kuzosabwa gusenga igishushanyo, kandi ico ari ikintu Bibiliya ivuga ko tudakwiye gukora (Kuvayo 20:4, 5). Bishobora kuba ari ibirori bigirwa kw’ishure. Barashobora kukubwira yuko baza kukwirukana niwanka kubigira. None muri ico gihe uzokora iki?—

Biroroshe gukora ivyiza igihe abantu bose bariko bakora ivyiza. Ariko, gukora ivyiza birashobora kugora cane igihe abandi bagerageza kutwosha gukora ibibi. Barashobora kukubwira yuko ivyo bariko barakora mu bisanzwe atari bibi. Ariko ikibazo gihambaye ni iki: “Imana ibivugako iki?” Ni yo izi vyinshi kuruta.

Ni co gituma naho abantu bovuga iki, tudakwiye kwigera dukora ibintu Imana ivuga ko ari bibi. Muri ubwo buryo, tuzokwama imisi yose tunezereza Imana, kandi ntituzokwigera tunezereza Shetani.

Niba ushaka kumenya ibindi ku vyerekeye uburyo bwo kunanira ibigerageza kukwosha gukora ikibi, urashobora kubibona muri Zaburi 1:1, 2; Imigani 1:10, 11; Matayo 26:41; na 2 Timoteyo 2:22.