Ikigabane ca 39
Imana iribuka Umwana wayo
YEZU yararize igihe umugenzi wiwe Lazaro yapfa. Wibaza none ko Yehova yagize umubabaro igihe Yezu yababazwa maze agapfa?— Bibiliya ivuga yuko Imana ishobora ‘kubabara’ eka mbere ‘ikaratswa’ n’ibintu bishika.—Zaburi 78:40, 41; Yohana 11:35.
Woba ushobora kwiyumvira umubabaro Yehova yagize igihe yabona Umwana wiwe mukundwa ariko arapfa?— Yezu yari azi neza yuko Imana itari kumwibagira. Ni co gituma amajambo ya nyuma yavuze imbere y’uko apfa yabaye aya: “Data, mu maboko yawe ni ho nshize ubu[zima] bganje”.—Luka 23:46.
Yezu yari azi neza ko yozuwe, yuko atorekewe “mu kuzimu” canke mu mva. Yezu amaze kuzurwa, intumwa Petero yarasubiyemwo amajambo yerekeye Yezu yanditswe muri Bibiliya, ati: ‘Ntiyarekewe mu kuzimu, kandi n’umubiri wiwe ntiwigeze ubora’ (Ivyakozwe 2:31; Zaburi 16:10). Emwe, umubiri wa Yezu ntiwigeze uborera mu mva, ni ukuvuga ko utigeze ubora ngo unuke.
Igihe Yezu yari kw’isi, yarabwiye mbere abigishwa biwe yuko atomaze igihe kirekire mu mva. Yabasiguriye yuko ‘yokwishwe hanyuma ku musi ugira gatatu akazurwa’ (Luka 9:22). Birumvikana rero ko abo bigishwa batari bakwiye gutangara babonye Yezu azutse. None ntibatangaye?— Reka tubirabe.
Hari ku wa Gatanu nk’isaha icenda zo ku muhingamo igihe wa Mwigisha Ahambaye yapfira ku giti co kubabarizwako. Umugabo w’umutunzi yitwa Yozefu ni umwe mu bagize Ikombe akaba kandi yizera Yezu mu mpisho. Amaze kumenya ko Yezu yapfuye, aja kwa Pilato, uwo na we akaba yari buramatari w’Umuroma. Amusaba nimba yomanura ikiziga ca Yezu ku giti kugira ngo agihambe. Mu nyuma, Yozefu ajana ikiziga ca Yezu mw’itongo ry’abapfuye, aho na ho hakaba ari ahantu bahamba abapfuye.
Ico kiziga kimaze gushirwa mu mva, bashira urubuye runini imbere y’iyo mva, iba irugawe. Ubu ni ku musi ugira gatatu, ni ukuvuga ku musi w’Iyinga. Ni mu mutwenzi, hakaba hakiri mw’ijoro. Ngaho hari abagabo barinze iyo mva. Abaherezi bakuru ni bo babarungitse kuyirinda. None urazi igituma?—
Abo baherezi na bo nyene bari barumvise ko Yezu yavuze yuko yozutse. Rero, kugira ngo babuze abigishwa biwe kwiba ico kiziga hanyuma bakavuga ko Yezu yazutse, abaherezi bahashira abaharinda. Bukwi na bukwi, isi itangura kunyiganyiga. Muri uwo mwiza haboneka umuco. Ni umumarayika wa Yehova! Abasoda baharinze bagira ubwoba bwinshi cane ku buryo badashobora kuva aho bari. Nya mumarayika aja kuri ya mva hanyuma akuraho rwa rubuye. Imva iragaragara!
Emwe, vyagenze nk’uko intumwa Petero yabivuze mu nyuma iti: “Uwo Yezu Imana yaramuzuye” (Ivyakozwe 2:32). Imana yatumye Yezu asubira kuba muzima imuha umubiri umeze nk’uwo yari afise imbere y’uko aza kw’isi. Yazutse afise umubiri w’impwemu nk’uwo abamarayika bafise (1 Petero 3:18). Kugira ngo umuntu abone Yezu rero, Yezu ategerezwa kwihindura akagira umubiri w’inyama. None ivyo arabigira?— Reka tubirabe.
Ubu izuba ritanguye guseruka. Ba basoda bahunze. Mariya Magadalene hamwe n’abandi bigishwa ba Yezu b’abagore bariko baraza ku mva. Bariko barabazanya bati: ‘Ni nde adutembagariza ca kibuye?’ (Mariko 16:3). Ariko bashitse ku mva, basanga rwa rubuye rwamaze gutembagazwa. Imva na yo iragaragara! Ikiziga ca Yezu nta kiriyo! Ubwo nyene, Mariya Magadalene yiruka kurondera bamwe mu ntumwa za Yezu.
Abandi bagore baguma ngaho ku mva. Baribaza bati: ‘Mbega ikiziga ca Yezu coba kiri hehe?’. Buno nyene abagabo babiri bambaye impuzu zikayangana baraseruka. Ni abamarayika! Babwira abo bagore bati: ‘Ni kubera iki muronderera Yezu ngaha? Yazutse. Nimugende ningoga mubibwire abigishwa biwe’. Emwe, urashobora kwiyumvira ukuntu abo bagore bagiye amaguru adakora hasi! Bariko baragenda, bahura n’umugabo. Woba uzi uwo ari we?—
Ni Yezu yihinduye akagira umubiri w’inyama! Na we nyene abwira abo bagore ati: ‘Nimugende mubibwire abigishwa banje’. Nya bagore baranezerwa cane. Bashika aho intumwa ziri maze bazibwira bati: ‘Yezu ni muzima! Twamubonye!’. Mariya yamaze kubwira Petero na Yohani yuko imva igaragara. Ubu Petero na Yohani bari ku mva, nk’uko ubibona ngaha. Bitegereza za mpuzu zera batekeje Yezu, mugabo ntibazi neza uko vyagenze. Barashaka kwemera ko Yezu yasubiye kuba muzima, ariko ivyo birateye umunezero mwinshi ku buryo bisa n’ibidashoboka.
Petero na Yohani bashobora kuba bariko biyumvira iki?
Mu nyuma kuri uwo musi w’Iyinga, Yezu abonekera abigishwa biwe babiri bari mu nzira ija mu gasagara k’i Emawusi. Yezu ajana na bo abaganiriza, mugabo ntibamumenya kubera yuko umubiri w’inyama afise ubu, utameze nk’uwo yari afise ubwa mbere. Bamumenya gusa aho asengeye maze agasangira na bo imfungurwa. Abo bigishwa baranezerwa cane bituma bagenda ibirometero vyinshi banyaruka basubira i Yeruzalemu! Kumbure inyuma gato y’ivyo, ni ho Yezu abonekera Petero kugira amwereke yuko ari muzima.
Hanyuma ku mugoroba wo kuri uwo musi w’Iyinga, abigishwa benshi bakoranira mu cumba. Inzugi zirugaye. Bagize gutya baza babona Yezu ari kumwe na bo! Baca bamenya ko wa Mwigisha Ahambaye yasubiye kuba muzima koko. Iyumvire ukuntu banezerewe cane!—Matayo 28:1-15; Luka 24:1-49; Yohana 19:38–20:21.
Yezu amara imisi 40 aboneka afise imibiri y’inyama itandukanye kugira ngo yereke abigishwa biwe ko ari muzima. Hanyuma ava kw’isi asubira mw’ijuru kwa Se (Ivyakozwe 1:9-11). Bidatevye, abigishwa batangura kubwira umuntu wese ko Imana yazuye Yezu mu bapfuye. Mbere n’igihe abaherezi bakubita abo bigishwa bakongera bakicisha bamwe muri bo, baguma bamamaza. Barazi yuko bishitse bagapfa, Imana izobibuka nk’uko nyene yibutse Umwana wayo.
Mu mihingo imwimwe y’isi abantu benshi biyumvira iki kw’itariki Yezu yazukiyeko? Ariko wewe uvyiyumvirako iki?
Ese ukuntu abo bayoboke ba Yezu bo mu ntango bari batandukanye n’abantu benshi bo muri iki gihe! Mu mihingo imwimwe y’isi, kw’itariki Yezu yazukiyeko usanga abantu biyumvira gusa ivyerekeye inkwavu za Pasika be n’amagi ya Pasika ariko amabara. Mugabo Bibiliya nta co ivuga ku vyerekeye izo nkwavu be n’ayo magi vya Pasika. Ivuga ivyerekeye gukorera Imana.
Turashobora kumera nk’abigishwa ba Yezu mu kubwira abantu yuko Imana yakoze ikintu ciza cane igihe yazura Umwana wayo. Ntidukwiye kwigera dutinya, naho abantu bovuga ko botwica. Naho vyoshika tugapfa, Yehova azotwibuka maze atuzure, nk’uko nyene yazuye Yezu.
None ntiduhimbarwa no kumenya ko Imana yibuka abayikorera kandi ko izonabazura mu bapfuye?— Kumenya ivyo bintu bikwiye gutuma twipfuza kumenya ukuntu twohimbara Imana. Wari uzi none ko dushobora vy’ukuri guhimbara Imana?— Turabiraba mu kigabane gikurikira.
Kwemera izuka rya yezu bikwiye gutuma icizigiro cacu be n’ukwizera kwacu bikomera. Turakwinginze usome Ivyakozwe 2:22-36; 4:18-20; na 1 Ab’i Korinto 15:3-8, 20-23.

