Ikigabane ca 2
Ikete ryavuye ku Mana y’urukundo
MBWIRA, ni igitabu ikihe ukunda cane kuruta ibindi vyose?— Abana bamwebamwe botora igitabu kivuga ivyerekeye ibikoko. Abandi botora igitabu kirimwo amashusho menshi. Gusoma ivyo bitabu ushobora gusanga biryoshe.
Mugabo, ibitabu vyiza kuruta ibindi vyose mw’isi, ni ibitubwira ukuri kwerekeye Imana. Kimwe muri ivyo bitabu kiri n’agaciro kuruta ibindi vyose. None urazi ico gitabu ico ari co?— Ni Bibiliya.
Ni kubera iki Bibiliya ihambaye gutyo?— Ni kubera ko yavuye ku Mana. Bibiliya iratubwira ivyerekeye Imana be n’ibintu vyiza izotugirira. Vyongeye iratwereka ivyo dukwiye gukora kugira ngo duhimbare Imana. Imeze nk’ikete ryavuye ku Mana.
Imana yari gushobora kwandika Bibiliya yose uko ingana, ikayandikira mw’ijuru hanyuma ikayiha umuntu. Mugabo nta vyo yagize. Naho nyene ivyiyumviro vyava ku Mana, yakoresheje abasavyi bayo bo kw’isi ngo babe ari bo canecane bakora ico gikorwa co kwandika Bibiliya.
Imana ivyo yabigize gute?— Kugira ngo utahure ingene vyagenze, reka turimbure ibi. Iyo twumvise ijwi ry’umuntu kw’iradiyo, nya jwi rishobora kuba ryavuye ku muntu ari kure. Igihe turaba televiziyo, turashobora no kubona amashusho y’abantu bo mu bindi bihugu vyo kw’isi, tugashobora no kwumva ivyo bariko baravuga.
Abantu barashobora mbere kugenda bagashika ku kwezi, bari mu bigendajuru. Kandi barashobora kurungika ubutumwa kw’isi bari ku kwezi. Ivyo wari ubizi?— Niba abantu bashobora kugira ivyo, none wumva Imana ishobora kurungika ubutumwa iri mw’ijuru?— Ego cane, irabishoboye! Kandi yarabikoze kera cane imbere y’uko abantu baronka iradiyo na televiziyo.
Tuzi gute yuko Imana ishobora kutuyagira iri kure?
Musa ubwiwe yarumvise Imana. Ntiyashobora kubona Imana, mugabo yarashobora kwumva ijwi ryayo. Abantu amamiliyoni ni ho bari igihe ivyo vyaba. Mu vy’ukuri, kuri uwo musi Imana yaratumye umusozi wose unyiganyiga, kandi haraba imituragaro n’imiravyo. Abantu bari bazi yuko ari Imana ivuze, mugabo bari bagize ubwoba cane. Nuko babwira Musa bati: “Imana yoye kuba ari yo itwibaririra, ntiduhave dupfa”. Mu nyuma, Musa yaranditse ibintu Imana yavuze. Kandi ivyo Musa yanditse biri muri Bibiliya.—Kuvayo 20:18-21.
Musa yanditse ibitabu bitanu vya mbere vya Bibiliya, mugabo si we wenyene yanditse Bibiliya. Imana yakoresheje abantu nka 40 mu kwandika ibitabu bigize Bibiliya. Abo bagabo babayeho kera, kera cane, kandi vyatwaye imyaka myinshi kugira ngo Bibiliya ihere kwandikwa. Urazi, vyatwaye ikiringo c’imyaka 1.600! Igitangaje ni uko naho bamwe muri abo bagabo batigeze babonana, ibintu vyose banditse birahuza rwose.
Amazina y’aba banditsi ba Bibiliya ni ayahe?
Abantu bamwebamwe bakoreshejwe n’Imana mu kwandika Bibiliya, bari barurangiranwa. Naho Musa yari yarabaye umwungere, ni we yacitse indongozi y’ihanga rya Isirayeli. Salomo yari umwami, akaba yari we mugabo w’umunyabwenge n’umutunzi kurusha abandi bose mw’isi. Mugabo abandi banditsi ntibari bazwi cane. Amosi yikorera akazi ko kubungabunga ibiti vyama inzabibu.
Vyongeye, umwanditsi umwe wa Bibiliya yari umuganga. Woba uzi ukuntu yitwa?— Yitwa Luka. Uwundi mwanditsi yahora ari umutozakori. Yitwa Matayo. Uwundi na we yahora ari umuhanga mu vy’amategeko, akaba yari umuhanga mu vy’amategeko y’idini ry’Abayuda. Ni we yanditse ibitabu vya Bibiliya vyinshi kurusha abandi bose. Urazi uko yitwa?— Yitwa Paulo. Vyongeye, abigishwa ba Yezu ari bo Petero na Yohani, na bo nyene bakaba ari abanditsi ba Bibiliya, bari abarovyi.
Benshi muri abo banditsi ba Bibiliya banditse ivyerekeye ibintu Imana yari igiye gukora muri kazoza. None bamenye gute ivyo bintu kandi bitaraba?— Ivyo bintu, Imana yari yarabimenyesheje abo bantu. Yari yarababwiye ivyobaye ivyo ari vyo.
Igihe Yezu wa Mwigisha Ahambaye yari kw’isi, igice kinini ca Bibiliya cari kimaze kwandikwa. Mugabo niwibuke yuko uwo Mwigisha Ahambaye yari yarabaye mw’ijuru. Yari azi ivyo Imana yari yarakoze. Yoba yaremera yuko Bibiliya yavuye ku Mana?— Egome, yaravyemera.
Igihe Yezu yaganiriza abantu ku vyerekeye ibikorwa vy’Imana, yasoma muri Bibiliya. Rimwe na rimwe ivyo Bibiliya ivuga yabibabwira ku mutwe. Yezu kandi yaratuzaniye ayandi makuru ku vyerekeye Imana. Yezu yavuze ati: “Ivyo namwumvanye ni vyo mvuga mw isi” (Yohana 8:26). Yezu yari yarumvise ibintu vyinshi ku Mana, kubera ko yari yarabanye n’Imana. None ni hehe dushobora gusoma ivyo bintu Yezu yavuze?— Ni muri Bibiliya. Vyose vyanditswe ku bwacu.
Uca wumva yuko igihe Imana yakoresha abo bantu mu kwandika, banditse mu rurimi rwakoreshwa mu buzima bwa misi yose. Ni co gituma ibitari bike muri Bibiliya vyanditswe mu giheburayo, dukeyi twandikwa mu giharameya, ibindi vyinshi muri yo na vyo vyandikwa mu kigiriki. Kubera ko abantu benshi muri iki gihe usanga batazi gusoma izo ndimi, Bibiliya yarahinduwe mu zindi ndimi. Ubu hariho ibihimba vya Bibiliya bishobora gusomwa mu zindi ndimi zirenga 2.260. Ibaze gatoyi ivyo bintu! Bibiliya ni ikete Imana yandikiye abantu aho bari hose. Naho yoba yimuwe mu ndimi zingana iki, ubutumwa burimwo bwavuye ku Mana.
Ivyo Bibiliya ivuga birahambaye kuri twebwe. Yanditswe kera cane. Mugabo iratubwira ibintu biriko biraba muri iki gihe. Kandi iratubwira ico Imana igiye gukora ubu bwa vuba. Ivyo ivuga biteye akanyamuneza! Iraduha icizigiro gihimbaye cane.
Ni ibintu ibihe ushobora kumenya usomye Bibiliya?
Bibiliya kandi iratubwira ingene Imana ishaka ko tubaho. Iratubwira iciza ico ari co n’ikibi ico ari co. Ivyo urakeneye kubimenya, eka na jewe nyene ndabikeneye. Iratubwira ivyerekeye abantu bakoze ibintu bibi n’ivyabashikiye, ku buryo dushobora kwirinda ingorane zabashikiye. Iratubwira kandi ivyerekeye abantu bakoze ivyiza hamwe n’ingaruka nziza vyabaviriyemwo. Ivyo vyose vyanditswe ku neza yacu.
Mugabo kugira ngo twungukire rwose kuri Bibiliya, hariho ikibazo dukeneye kuronkera inyishu. Ico kibazo ni iki: Ni nde yaduhaye Bibiliya? Wewe wovuga iki?— Emwe, Bibiliya yose uko ingana yavuye ku Mana. None dushobora gute kwerekana ko tuzi ubwenge koko?— Ni mu gutega amatwi Imana no mu gukora ivyo ivuga.
Turakeneye rero gufata umwanya wo gusomera hamwe Bibiliya. Iyo turonse ikete rivuye ku muntu dukunda cane, turarisoma tukarisubiramwo kenshi. Riba rifise agaciro kuri twebwe. Ukwo ni ko Bibiliya ikwiye kumera kuri twebwe, kubera ko ari ikete twandikiwe n’Umwe adukunda kuruta abandi bose. Ni ikete ryavuye ku Mana y’urukundo.
Fata akandi kanya gatoyi ubu, usome ibi vyanditswe vyerekana yuko Bibiliya ari Ijambo ry’Imana koko, ryanditswe ku neza yacu: Abaroma 15:4; 2 Timoteyo 3:16, 17; na 2 Petero 1:20, 21.

