Ikigabane ca 22

Igituma tudakwiye kubesha

Igituma tudakwiye kubesha

DUFATE yuko hari agakobwa kabwiye nyina gati: “Ivyigwa nivyarangira kw’ishure, sinteba nca ntaha”. Mugabo hageze gutaha, kakigumira kw’ishure gakina n’abandi bana, mu nyuma kakabwira nyina gati: “Mwigisha ni we yansavye gusigara akanya gato inyuma y’ivyigwa”. Vyoba ari vyiza kuvuga ikintu nk’ico?—

Aka gahungu kakoze ikihe kintu kibi?

Canke, kumbure hari agahungu kabwiye se gati: “Si jewe natereye umupira mu nzu”. Mugabo, mu gihe koba vy’ukuri ariko kawutereye mu nzu, ubona koba kagize iki? Vyoba ari bibi kuvuga yuko atari ko kawutereyeyo?—

Wa Mwigisha Ahambaye yaratweretse ikintu kibereye twokora. Yavuze ati: ‘Igihe mwavuze Ego, ni bibe ari Ego, igihe naho mwavuze Oya ni bibe ari Oya; kubera ko ikindi kirenze ivyo kiba cavuye kuri wa mubisha’ (Matayo 5:37). None igihe Yezu yavuga ivyo yashaka kwerekana iki?— Yashaka kwerekana yuko ivyo tuvuga dukwiye kubishitsa.

Hari inkuru imwe yo muri Bibiliya yerekana ukuntu kuvuga ukuri ari ikintu gihambaye. Iyo nkuru yerekeye abantu babiri bavuga yuko ari abigishwa ba Yezu. Reka turabe ivyabaye.

Amezi abiri atarahera Yezu apfuye, abantu benshi bavuye mu mihingo ya kure baraje i Yeruzalemu guhimbaza umusi mukuru uhambaye w’Abayuda witwa Pentekote. Intumwa Petero yarashikirije insiguro y’akaroruhore, aho yabwiye abantu ivyerekeye Yezu, uwo Yehova yazuye mu bapfuye. Ubwo bwari bwo bwa mbere benshi mu baje i Yeruzalemu bumva ivyerekeye Yezu. Ico gihe bashaka kumenya vyinshi. None bakoze iki?

Bahamaze igihe kirenze ico bari biteze kuhamara. Mugabo, haciye igihe bamwebamwe amahera arabaherana, ku bw’ivyo bakaba bakeneye imfashanyo kugira bashobore kugura imfungurwa. Abigishwa b’i Yeruzalemu bashaka gufasha abo bashitsi. Ni co gituma benshi muri bo bagurishije ibintu bari batunze maze bakazana ayo mahera ku ntumwa za Yezu. Hanyuma intumwa zigaca ziha ayo mahera abayakeneye.

Ananiya n’umugore wiwe Safira, abari mu bagize ishengero rya gikirisu ry’i Yeruzalemu, baragurishije itongo bari batunze. Nta muntu yabategetse kurigurisha. Ni bo bifatiye iyo ngingo. Mugabo, ivyo bakoze, ntibabikoze babitumwe n’ugukunda nya bigishwa bashasha ba Yezu. Mu bisanzwe, Ananiya na Safira bashaka gutuma abantu biyumvira yuko ari beza, kandi atari beza. Baca rero bafata ingingo yo kuvuga yuko bashikanye amahera yose kugira ngo afashe abandi. Mu vy’ukuri baza gutanga igice cayo, mugabo bavuge yuko batanze yose. Ivyo uvyibazako iki?—

Ananiya aje kuraba intumwa. Azihaye amahera. Birumvikana ko Imana izi yuko adatanze yose. Ni co gituma Imana ihishurira intumwa Petero yuko Ananiya atariko avugisha ukuri ku bijanye n’ico kintu.

Ananiya ariko abesha iki Petero?

Petero aca avuga ati: ‘Ananiya, ni kubera iki waretse Shetani agatuma ukora utyo? Iryo tongo ryari rwawe. Nta wakugobereye kurigurisha. Mbere aho umariye kurigurisha, wari ufise uburenganzira bwo kwifatira ingingo y’ico ukoza ayo mahera. Mugabo ni kubera iki ugira nk’aho utanze amahera yose, kandi utanze igice gusa? Mu gukora ivyo, ntubeshe twebwe gusa, mugabo ubeshe n’Imana’.

Ico ni ikintu gikomeye. Ananiya ariko arabesha! Ivyo avuga ko ariko arakora, si vyo ariko arakora. Ariko gusa agira nk’aho ariko arabikora. Bibiliya iratubwira ivyaciye biba. Ivuga iti: ‘Ananiya yumvise amajambo ya Petero, agwa bukumbi arapfa’. Imana yarishe Ananiya! Maze, ikiziga ciwe gitwarwa hanze, baramuhamba.

Ni ibiki vyashikiye Ananiya kubera yabeshe?

Haciye nk’amasaha atatu, Safira arinjira. Ntazi ivyashikiye umugabo wiwe. Petero aca amubaza ati: ‘Mbega mwebwe babiri, rya tongo mwoba marigurishije aya mahera mwaduhaye?’.

Safira yishura ati: ‘Egome, ayo nyene ni yo twagurishije rya tongo’. Mugabo, ico ni ikinyoma! Bari bakebeje amwe mu mahera bagurishije iryo tongo. Kubera ivyo, Imana ica yica na Safira.—Ivyakozwe 5:1-11.

Ivyashikiye Hananiya na Safira, dukwiye kuvyigirako iki?— Bitwigisha yuko Imana idakunda ababeshi. Yama imisi yose ishaka ko tuvugisha ukuri. Mugabo, abantu benshi bavuga yuko ata kibi kiri mu kuvuga ibinyoma. Woba wibaza ko ivyo abo bantu bavuga ari vyo?— Wari uzi ko indwara zose, imibabaro yose n’urupfu biri kw’isi, vyaje kubera ikinyoma?—

Yezu yavuze ko ari nde yatanguye kubesha, kandi ivyo vyavuyemwo iki?

Nitwibuke yuko Shetani yabeshe wa mugore wa mbere Eva. Yamubwiye yuko atazopfa niyagambararira Imana akarya icamwa Imana yari yaravuze yuko adakwiye kurya. Eva yaremeye ivyo Shetani amubwiye, ararya ico camwa. Eva yarahendahenze Adamu ngo na we akirye. Ico gihe babaye abacumuzi, kandi abana babo bose bovutse ari abacumuzi. Maze, kubera ko abana ba Adamu bose bari abacumuzi, baracumukuye hanyuma barapfa. Izo ngorane zose zatanguye gute?— Zatanguriye ku kinyoma.

Ntibitangaje kubona Yezu yaravuze yuko Shetani ari “umunyabinyoma, kand’ari we se wavyo”! Ni we yatanguye kuvuga ikinyoma. Igihe umuntu wese avuze ikinyoma, aba ariko arakora ikintu catanguye gukorwa na Shetani. Dukwiye kuzirikana kuri ico kintu igihe cose tugeragejwe ngo tubeshe.—Yohana 8:44.

Ni ryari ushobora kwumva ugeragejwe ngo ubeshe?— None si igihe uba wakoze ikintu kibi?— Urashobora kumena ikintu, naho woba utabigize n’ibigirankana. Bakubajije uwakimenye, woba ukwiye kuvuga yuko ari mwenewanyu canke mushikawe yakimenye? Canke woba ukwiye kwigira uw’ejo, ukavuga yuko utazi uko vyagenze?—

Ni ryari woshobora kugeragezwa ngo ubeshe?

Bite hoho igihe wategerezwa gukora agakorwa wahawe kw’ishure ngo ugakorere i muhira, mugabo ukaba utagahejeje? Woba ukwiye kuvuga yuko wagahejeje, naho woba utaragaheza?— Turakwiye kwibuka Ananiya na Safira. Ntibavuze ibintu vyose uko biri. Ivyo vyatumye Imana igaragaza ukuntu ivyo ari bibi, mu kubica.

Rero, ico twokora cose, ibintu vyama imisi yose vyunyuka igihe tubeshe ku biraba ikintu twakoze, kandi dukwiye kuvuga ibintu vyose uko bimeze, ata na bimwe duhisha. Bibiliya ivuga iti: ‘Nuvuge ukuri’. Ivuga kandi iti: “Ntimukabeshane”. Yehova yama imisi yose avuga ukuri, kandi yitega ko natwe tuvuga ukuri.—Abanyefeso 4:25; Ab’i Kolosayi 3:9.

Dukwiye kwama imisi yose tuvuga ukuri. Ico ni co ciyumviro giseruka muri Kuvayo 20:16; Imigani 6:16-19; 12:19; 14:5; 16:6; no mu Baheburayo 4:13.