Ikigabane ca 26

Igituma bigoye gukora ivyiza

Igituma bigoye gukora ivyiza

CA GIHE Sauli yakora ibintu bibi, ni nde yanezerwa?— Shetani wa Mucokoranyi ni we yanezerwa. Mugabo n’indongozi z’idini y’Abayuda zaranezerezwa n’ico kintu. Igihe rero Sauli yacika umwigishwa wa wa Mwigisha Ahambaye maze akitwa Paulo, izo ndongozi z’idini zaciye zitangura kumwanka. None ubu woba ubona igituma bigoye ko abigishwa ba Yezu bakora ivyiza?—

Paulo yashikiwe n’ingorane izihe igihe yakora ivyiza?

Igihe kimwe, umuherezi mukuru yitwa Ananiya yarabwiye abantu gukubita Paulo mu maso. Ananiya yaragerageje mbere gutuma bata Paulo mw’ibohero. Paulo yaracumukuye cane igihe yacika umwigishwa wa Yezu. Nk’akarorero, abantu babi barakubise Paulo kandi baragerageza kumwicisha ibibuye bininibinini.—Ivyakozwe 23:1, 2; 2 Ab’i Korinto 11:24, 25.

Abantu benshi bazogerageza gutuma dukora ibintu bibabaza Imana. Zirikana rero ku bibazo bikurikira: Ukunda ivyiza ku rugero rungana iki? Woba ubikunda cane ku buryo uzokora ivyiza n’igihe mbere abandi bokwanka baguhora gukora ivyiza? Kubigira bisaba uburindutsi, si ko?—

Wokwibaza uti: ‘Kubera iki abantu batwanka baduhora ko dukora ivyiza? Mbega ntibari bakwiye kunezerwa?’. Birumvikana ko bari bakwiye kunezerwa. Kenshi wasanga abantu bakunda Yezu kubera ibintu vyiza yakora. Igihe kimwe, abantu bose bo mu gisagara kimwe barakoraniye ku muryango w’inzu yarimwo. Bazanywe n’uko Yezu yari yamye akiza abarwaye.—Mariko 1:33.

Mugabo, rimwe na rimwe abantu ntibakunda ivyo Yezu yigisha. Naho nyene yama imisi yose yigisha ukuri, bamwebamwe baramwanse urunuka bamuhora ko avuga ukuri. Ivyo vyarashitse umusi umwe i Nazareti, igisagara Yezu yakuriyemwo. Yaragiye mw’isinagogi imwe, akaba ari ikibanza Abayuda bahuriramwo kugira ngo basenge Imana.

Aho hantu, Yezu yarashikirije insiguro iryoshe ishingiye ku Vyanditswe. Abantu babanje kuyikunda. Baratangajwe n’amajambo aryoheye ugutwi ava mu kanwa kiwe. Baratangaye cane kubona ivyo bigirwa na wa musore yakuriye mu gisagara iwabo.

Mugabo, Yezu yaciye avuga ikindi kintu. Yavuze ivyerekeye igihe Imana yagiriye ubutoni budasanzwe abantu batari Abayuda. Aho Yezu avugiye ivyo, abari mw’isinagogi baca barashavura. Woba uzi icabashavuje?— Biyumvira ko ari bo bonyene Imana yatonesheje mu buryo budasanzwe. Biyumvira ko ari bo bagize ihanga ryiza kuruta ayandi mahanga yose. Ni co gituma banse Yezu bamuhoye ivyo avuze. None, woba uzi ico bagerageje kumukorera?—

Bibiliya ivuga iti: ‘Bacakira Yezu bamukwegera hanze y’igisagara. Bamujana ku nkombe y’umusozi bagira bamushiburire mu manga ngo bamwice! Mugabo Yezu arabacika’.—Luka 4:16-30.

Ni kubera iki aba bantu bariko baragerageza kwica Yezu?

Iyo ivyo biza kuba ari wewe vyashikiye, woba wari kwigera usubirayo kuganira n’abo bantu ivyerekeye Imana?— Ivyo vyosavye ko ugira umutima rugabo, si ko?— Yamara, haheze nk’umwaka, Yezu yarasubiye i Nazareti. Bibiliya ivuga iti: ‘Atangura kubigishiriza mw’isinagogi yabo’. Abantu badakunda Imana, ntibatumye Yezu areka kuvuga ukuri.—Matayo 13:54.

Ku wundi musi, kw’isabato, Yezu yari ahantu hari umugabo yari yaranyunyutse ukuboko. Yezu yari afise ububasha buva ku Mana bwo gukiza uwo mugabo. Mugabo, bamwebamwe mu bantu baho baragerageje gutera ingorane Yezu. None wa Mwigisha Ahambaye yakoze iki?— Yabanje kubaza ati: ‘Mu gihe intama yawe yogwa mu kinogo kirekire kw’Isabato, woyikurayo?’.

Emwe, intama boyikuye mu kinogo, naho hoba ari kw’Isabato, ukaba ari umusi basanzwe badakora. Ni co gituma Yezu yavuze ati: ‘Gufasha umuntu ku musi w’Isabato ni vyiza kuruta, kubera yuko umuntu afise agaciro kuruta intama!’. Ese ukuntu vyari bitomoye ko Yezu afasha uyo mugabo mu kumukiza!

Yezu yabwiye uwo mugabo kuramvura ukuboko. Nya kuboko ubwo nyene guca kurakira. Ese ukuntu uwo mugabo yanezerewe! Mugabo, tuvuge iki ku bandi bantu bari aho? Boba baranezerewe?— Ekaye. Ahubwo baciye barushiriza kwanka Yezu. Barasohotse baja kwunga umugambi wo kumwica!—Matayo 12:9-14.

No muri iki gihe ni ukwo nyene ibintu vyifashe. Naho twokora iki, ntidushobora kwigera na rimwe tunezereza abantu bose. Ni co gituma dutegerezwa gufata ingingo y’uwo vy’ukuri dushaka kunezereza. Niba dushaka kunezereza Yehova Imana be n’Umwana wiwe Yezu Kirisitu, dutegerezwa rero kwama imisi yose dukora ivyo bigisha. Mugabo, nitwakora ivyo bigisha, ni nde azotwanka? Ni bande bazotuburabuza ngo ntidukore ivyiza?—

Shetani wa Mucokoranyi ni we azotwanka. Mugabo kandi ni bande bazotwanka?— Ni abahenzwe na Shetani, bakemera ibintu vy’ibinyoma. Yezu yabwiye indongozi z’idini zo mu misi yiwe ati: “Mur’aba so wa Murwanizi, kand’ivyo so yifuza ni vyo mushaka gukora”.—Yohana 8:44.

Hariho abantu benshi Shetani akunda. Yezu abita “isi”. Wiyumvira ko Yezu ariko avuga “isi” nyabaki?— Reka turabe muri Yohana ikigabane ca 15, umurongo wa 19 tubibone. Aho tuhasoma aya majambo ya Yezu agira ati: “Iyo muba ab’isi, isi iba ikunze icayo, maze kuko mutar’ab’isi, ariko nabatoranije mu b’isi, ni co gituma isi ibanka”.

Rero, isi yanka abigishwa ba Yezu igizwe n’abantu bose batari abayoboke biwe. Ni kubera iki isi yanka abigishwa ba Yezu?— Iyumvire gatoyi. Ni nde mutware w’isi?— Bibiliya ivuga iti: ‘Isi yose itwarwa na wa Mubisha’. Uyo mubisha ni Shetani wa Mucokoranyi.—1 Yohana 5:19.

Gushika ubu woba wabonye igituma bigoye gukora iciza?— Shetani n’isi yiwe ni bo batuma bigora gukora iciza. Mugabo hariho ikindi gituma bigora. Woba wibuka ico ari co?— Mu Kigabane ca 23 c’iki gitabu, twize yuko twese tuvukana icaha. None, ntibizoba ari akaroruhore igihe icaha, Shetani be n’isi yiwe bizoba bitakiriho?—

Iyi si niyakurwaho, abakora ivyiza bizobagendera gute?

Bibiliya isezerana iti: ‘Isi iriko irashira’. Ivyo bisobanura yuko abantu bose batari abayoboke ba wa Mwigisha Ahambaye batazoba bakiriho. Ntibazokwemererwa kubaho ibihe bidahera. Woba uzi abazobaho ibihe bidahera?— Bibiliya ibandanya ivuga iti: “Ūkora ivy’Imana igomba yamah’ibihe bidashira” (1 Yohana 2:17). Egome, abakora ivyiza, ni ukuvuga “ivy’Imana igomba”, ni bo gusa bazobaho ibihe bidahera mw’isi nshasha y’Imana. Naho rero bigoye gukora ivyiza, dushaka kubikora, si ko?—

Reka dusomere hamwe ibi vyanditswe vyerekana igituma bitoroshe gukora ivyiza: Matayo 7:13, 14; Luka 13:23, 24; n’Ivyakozwe 14:21, 22.