Ikigabane ca 31

Aho twokura ikiduhumuriza

Aho twokura ikiduhumuriza

VYOBA bimaze gushika ukumva wihebuye canke ufise irungu?— Vyoba bimaze gushika ukibaza nimba hari umuntu n’umwe agukunda?— Abana bamwebamwe birabashikira. Mugabo Imana isezerana iti: “Jeho sinoshobora kukwibagira” (Yesaya 49:15, ni twe tubihiritse.). None ntibiteye umunezero kuzirikana kuri ivyo?— Yehova Imana vy’ukuri aradukunda!

Wibaza yuko aka kagazi kazimiye kumva kamerewe gute?

Umwanditsi umwe wa Bibiliya yavuze ati: “N’iyo data na mama bonta, Uhoraho azonyitorera” (Zaburi 27:10). Kumenya ivyo birashobora kuduhumuriza vy’ukuri, si ko none?— Emwe, Yehova atubwira ati: ‘Ntutinye, kuko ndi kumwe nawe nzogutabara’.Yesaya 41:10.

Ariko rero, rimwe na rimwe Yehova arareka Shetani ikaduteza ingorane. Yehova mbere arareka Shetani igateza ibigeragezo abasavyi b’Imana. Umusi umwe Shetani yatumye Yezu acumukura cane gushika n’aho Yezu asemerera abwira Yehova ati: ‘Mana yanje, Mana yanje, ni igiki gitumye umpeba?’ (Matayo 27:46). Naho nyene Yezu yariko aracumukura, yaguma azi yuko Yehova amukunda (Yohana 10:17). Mugabo, Yezu yari azi kandi yuko Imana ireka Shetani agateza abasavyi bayo ibigeragezo be n’uko ireka Shetani agatuma bacumukura. Ikindi kigabane kiraza gusigura igituma Imana ireka Shetani akagira ivyo bintu.

Igihe turi batoyi, turagira ubwoba rimwe na rimwe. Nk’akarorero, woba warigeze kuzimira?— None woba waragize ubwoba bwinshi?— Abana benshi bogira ubwoba bwinshi. Wa Mwigisha Ahambaye igihe kimwe yariganye inkuru yavuga ivyo gutakara. Mugabo umwana si we yari yatakaye. Intama ni yo yari yatakaye.

Mu buryo kanaka umeze nk’intama. Ni kubera iki twoshobora kuvuga yuko umeze nk’intama? Urumva, intama ni ntonto kandi ntizikomera cane. Zirakenera kandi umuntu azibungabunga akongera akazikingira. Umuntu abungabunga intama bamwita umwungere.

Muri iyo nkuru ya Yezu, yiganye ivyerekeye umwungere yari afise intama ijana. Mugabo imwe muri zo irazimira. Ishobora kuba yashatse kuraba ivyari ku rundi ruhande rw’umusozi. Mugabo haciye akanya gato, iyo ntama yasanze yamaze gushika kure cane y’izindi. Woba ushobora kwiyumvira ingene iyo ntama yumvise imerewe igihe yaraba hirya no hino igasanga ni yonyene?—

Nya mwungere yari gukora iki igihe yari gusanga nya ntama imwe ibuze? Yoba yari kuvuga ko uko bimeze kwose ikosa ari iry’iyo ntama, ari co gituma bitamuraza ishinga? Canke yoba yari gusiga za ntama 99 mu mutekano maze akaja kurondera iyo yindi imwe? Uyo mwungere yoba yari akwiye kwigora kugeza iyo hose, kubera iyo ntama imwe?— Iyo uza kuba uri iyo ntama yazimiye, woba wari kwipfuza yuko uwo mwungere akurondera?—

Ni nde ameze nka wa mwungere yatoye intama yiwe?

Nya mwungere yarakunda cane intama ziwe zose, n’imwe nyene yari yazimiye. Ni co gituma yaciye aja kurondera iyari yazimiye. Iyumvire umunezero nya ntama yari yazimiye yagize igihe yabona wa mwungere ariko araza! Yezu yaciye avuga yuko nya mwungere yagize umunezero w’uko yatoye intama yiwe. Yaramunezereje kuruta za ntama 99 zitari zatakaye. None, ni nde ameze nk’uwo mwungere avugwa mu nkuru ya Yezu? Ni nde atubungabunga nk’uko uwo mwungere yabungabunga intama ziwe?— Yezu yavuze yuko Se wiwe wo mw’ijuru ari we atubungabunga. Se wiwe akaba ari Yehova Imana.

Yehova Imana ni we Mwungere Mukuru w’abasavyi biwe. Arakunda abo bose bamusukurira, harimwo n’abakiri bato nka wewe. Ntashaka yuko hagira n’umwe muri twebwe ababara canke arandurwa. Vy’ukuri biraduhumuriza kumenya yuko Imana itubungabunga gushika iyo hose!—Matayo 18:12-14.

Wewe woba wemera ko Yehova ari umuntu abaho koko nk’uko wemera ko so wawe canke uwundi muntu babaho koko?

Woba koko wizera Yehova Imana?— Kuri wewe yoba ari umuntu abaho koko?— Ni ivy’ukuri yuko tudashobora kubona Yehova. Ntidushobora kumubona kubera ko ari Impwemu. Afise umubiri tudashobora kubona n’amaso yacu. Mugabo ni umuntu abaho koko, kandi arashobora kutubona. Igihe tuba dukeneye gufashwa arabimenya. Vyongeye, turashobora kumuganirira mw’isengesho, nk’uko nyene tuganirira uwundi muntu nkatwe. Yehova ashaka ko tumuganirira mw’isengesho.

Nimba rero bishika ukumva ubabaye canke ukumva ufise irungu, ukwiye gukora iki?— Kubibwira Yehova. Numwiyegereze, azoguhumuriza yongere agufashe. Uribuka yuko Yehova agukunda, n’igihe nyene wumva umenga urafise irungu. Dufate Bibiliya zacu. Tuje muri Zaburi ya 23. Ku murongo wa 1 hatubwira hati: “Uhoraho ni we mwungere wanje, sinzokena. Amvyagiza mu canya c’ubgatsi butotahaye: andōngōrera i ruhande y’amazi adasūma”.

Ehe raba ivyo uwo mwanditsi yongerako, ku murongo wa 4: “Mbere naho noca mu mwonga w’igitūtu c’urupfu sinzogira ikibi ntinya; kuk’uri kumwe nanje: inyobozo yawe n’ubuhiri bwawe ni vyo bimpumuriza”. Ukwo ni ko abantu bumva bamerewe mu gihe Imana yabo ari Yehova. Barahumurizwa igihe bari mu ngorane. None ukwo ni ko wumva umerewe?—

Nka kurya umwungere munyarukundo abungabunga umukuku wiwe, ni ko Yehova abungabunga neza abasavyi biwe. Arabereka inzira nziza bacamwo, maze bakamukurikira banezerewe. N’igihe nyene boba bari ahantu hari uruhagarara, nta kibatera ubwoba. Umwungere arakoresha inkoni yiwe canke ubuhiri bwiwe kugira akingire intama ibikoko vyohava bizigirira nabi. Bibiliya iravuga ingene wa mwungere w’umusore Dawidi yakingira intama ziwe intambwe n’idubu (1 Samweli 17:34-36). Kandi abasavyi b’Imana barazi yuko na bo nyene Yehova azobakingira. Barashobora kwumva batekaniwe kubera yuko Imana iri kumwe na bo.

Yehova arakunda vy’ukuri intama ziwe, kandi arazibungabunga abigiranye ikibabarwe. Bibiliya ivuga iti: ‘Azoragira intama ziwe nk’umwungere, azoterura imyagazi mu maboko yiwe’.—Yesaya 40:11.

None kumenya yuko Yehova ameze gutyo ntibituma wumva umerewe neza?— Woba ushaka kuba imwe mu ntama ziwe?— Intama zirumviriza ijwi ry’umwungere wazo. Ziguma hafi yiwe. Woba wumviriza Yehova?— Woba uguma hafi yiwe?— Ntukwiye rero kugira ubwoba. Yehova azoba ari kumwe nawe.

Yehova arabungabunga abamusukurira abigiranye urukundo. Dusomere hamwe ico Bibiliya ivuga kuri ivyo, muri Zaburi 37:25; 55:22; no muri Luka 12:29-31.