Ikigabane ca 25

Abakora ibintu bibi boba bashobora guhinduka?

Abakora ibintu bibi boba bashobora guhinduka?

MBEGA ntivyoba ari akaroruhore mu gihe abantu bose boba bakora ivyiza?— Mugabo nta muntu yama akora ibintu vyiza imisi yose. Woba uzi igituma twese rimwe na rimwe bishika tugakora ibintu bibi n’igihe nyene twoba dushaka gukora ivyiza?— Ni kubera yuko twese tuvukana icaha. Mugabo, hari abantu usanga bakora ibintu vyinshi bibi cane. Baranka abandi bantu kandi bakabagirira nabi n’ibigirankana. Woba wibaza ko bashobora guhinduka bakiga gukora iciza?—

Raba uyo musore acunze impuzu z’abariko baratera amabuye Sitefano. Izina ryiwe ry’igiheburayo ni Sauli, mugabo izina ryiwe ry’ikiroma ni Paulo. Aranezerejwe no kubona bariko barica Sitefano, umwigishwa wa wa Mwigisha Ahambaye. Reka turabe igituma Sauli akora ibintu bibi nk’ivyo.

Sauli akukira akagwi k’idini ry’Abayuda bitwa Abafarizayo. Abafarizayo barafise Ijambo ry’Imana, ariko bitwararika cane inyigisho za bamwebamwe mu bakuru bo mw’idini ryabo. Ivyo bituma Sauli akora ibintu bibi.

Igihe Sitefano afatiwe i Yeruzalemu, Sauli ni yo ari. Sitefano ajanywe muri sentare, aho abacamanza bamwebamwe ari Abafarizayo. Naho nyene Sitefano bamuvugako ibintu bibi, ntatinya. Aravuga adatinya, agashinga intahe ikomeye kuri abo bacamanza, ku vyerekeye Yehova Imana no ku vyerekeye Yezu.

Mugabo, abo bacamanza ntibashima ivyo ariko aravuga. Basanzwe bazi vyinshi ku biraba Yezu. Kukaba nkako, hari haciye igihe gito gusa bicishije Yezu! Mugabo, inyuma y’aho bamwiciye, Yehova yarasubije Yezu mw’ijuru. Muri ico gihe, aho kugira ngo abo bacamanza bahindure ingendo zabo, bariko bararwanya abigishwa ba Yezu.

Abo bacamanza baracakiye Sitefano, maze bamujana inyuma y’igisagara. Baramukubise hasi, maze bamutera amabuye. Nk’uko ubibona kuri iyo shusho, Sauli yibereye aho ariko ararorera. Yiyumvira ko bibereye kwica Sitefano.

Ni kubera iki Sauli yiyumvira yuko bibereye kwica Sitefano?

Woba uzi igituma Sauli yiyumvira gutyo?— Urumva, Sauli yahora ari Umufarizayo, gutyo akemera ko inyigisho z’Abafarizayo ari iz’ukuri. Yabona ko yokurikiza akarorero k’abo Bafarizayo, ari co gituma yabigana.—Ivyakozwe 7:54-60.

None Sitefano amaze kwicwa, Sauli akora iki?— Emwe, agerageza guherengeteza abigishwa ba Yezu basigaye! Arinjira no mu mazu yabo, agasohora hanze abagabo n’abagore. Maze agatuma batabwa mu munyororo. Benshi mu bigishwa ba Yezu, vyabaye ngombwa ko bava i Yeruzalemu, mugabo ntibahagarika kwamamaza ivyerekeye Yezu.—Ivyakozwe 8:1-4.

Ivyo bituma Sauli arushiriza mbere kwanka abigishwa ba Yezu. Ni co gituma agenda ku Muherezi Mukuru Kayafa maze agahabwa uruhusha rwo gufata Abakirisu bo mu gisagara ca Damasiko. Sauli ashaka kubazana ari imbohe i Yeruzalemu, kugira ngo bahanwe. Mugabo, ari mu nzira ija i Damasiko, hari ikintu gitangaje kiba.

Ni nde ariko arabwira ibintu Sauli kandi atuma Sauli gukora iki?

Imishwarara y’umuco irashe ivuye mw’ijuru, maze ijwi rivuga riti: “Sauli, Sauli, umpīgira iki?”. Uyo ni Yezu ariko avuga ari mw’ijuru! Uyo muco ni mwinshi cane ku buryo utuma Sauli ahuma, maze abantu bari kumwe na we baramwandaza gushika i Damasiko.

Haciye imisi itatu, Yezu yiyereka umwe mu bigishwa biwe b’i Damasiko yitwa Ananiya. Yezu abwira Ananiya kuja kugendera Sauli, amuhumure, maze aganire na we. Ananiya aganiriye na Sauli, Sauli aremera ukuri kwerekeye Yezu. Aca arahumuka. Arahindura rwose ukuntu yigenza mu buzima, maze acika umusavyi w’Imana w’umwizerwa.—Ivyakozwe 9:1-22.

Ubu none woba ubonye igituma Sauli yahora akora ibintu bibi?— Ni kubera yuko yari yarigishijwe ibintu bibi. Yari yakurikiye abantu batari abizerwa ku Mana. Ikindi kandi, yakukira umugwi washira imbere ivyiyumviro vy’abantu aho gushira imbere Ijambo ry’Imana. Mugabo none, ni kubera iki Sauli ahinduye ubuzima bwiwe agatangura gukora ivyiza, naho nyene abandi Bafarizayo babandanya kurwanya Imana?— Ni kubera yuko mu bisanzwe Sauli atanka ukuri. Ni co gituma igihe yeretswe ibigororotse, atagonanwa kubikora.

Woba uzi uwo Sauli yabaye mu nyuma?— Emwe, mu nyuma yacitse intumwa Paulo, intumwa ya Yezu. Ikindi kandi, ntiwibagire yuko Paulo ari we yanditse ibitabu vyinshi vya Bibiliya kuruta uwundi muntu uwo ari we wese mu bayanditse.

Hariho abantu benshi bameze nka Paulo, bashobora guhinduka. Mugabo, ntivyoroshe kubera yuko hariho umuntu ariko arakora uko ashoboye kwose kugira ngo atume abantu bakora ibintu ibibi. Woba umuzi?— Yezu yaravuze ivy’uwo muntu igihe yabonekera Sauli mu nzira ija i Damasiko. Ico gihe, Yezu ari mw’ijuru yabwiye Sauli ati: ‘Ngutumye guhumura amaso y’abantu, kubakura mu mwiza bakaja mu muco, bakava mu bubasha bwa Shetani bakaja ku Mana’.—Ivyakozwe 26:17, 18.

Emwe, Shetani wa Mucokoranyi ni we agerageza gukwegera umuntu wese ku gukora ibintu bibi. Vyoba rimwe na rimwe bikugora gukora ibigororotse?— Twese rimwe na rimwe biratugora. Shetani ni we atuma bitugora. Mugabo, hariho ikindi kintu gituma gukora ibigororotse bitama vyoroshe imisi yose. Ico kintu gituma bitoroha woba ukizi?— Ni kubera yuko tuvukana icaha.

Ico caha ni co kenshi gituma tworoherwa no gukora ikibi kuruta uko tworoherwa no gukora iciza. None dukeneye gukora iki?— Dutegerezwa kurwana urugamba kugira ngo dukore ibigororotse. Ivyo tubigize, turashobora kudakeka yuko Yezu, we adukunda, azodufasha.

Igihe Yezu yari kw’isi, yarakunze abantu bari bahora bakora ibintu bibi kera, mugabo bagahinduka. Yari azi ingene bitaboroheye guhinduka. Nk’akarorero, hariho umugore yasambana n’abagabo benshi. Nta nkeka ko ivyo vyari bibi. Abagore nk’abo Bibiliya ibita abamaraya.

Ni kubera iki Yezu yahariye uyo mugore yari yarakoze ibintu bibi?

Igihe kimwe, hari umugore ameze gutyo yumvise ivyerekeye Yezu, maze aza aho yari ari mu nzu y’Umufarizayo. Yarasutse amavuta ku birenge vya Yezu, amosozi yiwe yari yaguye ku birenge vya Yezu na yo ayahanaguza umushatsi wiwe. Yaricuza cane kubera ivyaha vyiwe, ari co gituma Yezu yamuhariye. Mugabo, wa Mufarizayo yabona ko nya mugore adakwiye guharirwa.—Luka 7:36-50.

Woba uzi ico Yezu yabwiye bamwebamwe mu Bafarizayo?— Yababwiye ati: ‘Abamaraya barabatanga kwinjira mu bwami bw’Imana’ (Matayo 21:31). Yezu yavuze ivyo kubera yuko abamaraya bamwizeye, maze bagahindura ingeso zabo mbi. Mugabo, Abafarizayo bagumye bakorera ibintu bibi abigishwa ba Yezu.

Ni co gituma igihe Bibiliya yerekanye ko ivyo turiko turakora ari bibi, dukwiye kugira umutima ukunze wo guhindura. Vyongeye, igihe tumenye ivyo Yehova ashaka ko dukora, dukwiye kugira icipfuzo gikomeye co kubikora. Maze, Yehova azohimbarwa kubera twebwe, bizotume aduha ubuzima budahera.

Kugira ngo bidufashe kwirinda gukora ibibi, ingo dusomere hamwe Zaburi 119:9–11; Imigani 3:5-7 na 12:15.