Ikigabane ca 13
Ababaye abigishwa ba Yezu
Uyu mugabo ni nde, kandi bigenda gute ngo abe umwigishwa wa Yezu?
NI NDE musuku w’Imana mwiza kuruta ababayeho bose?— Wishuye neza, ni Yezu Kirisitu. Woba wiyumvira yuko dushobora kumera nka we?— Urumva, Bibiliya ivuga yuko yadusigiye akarorero twokurikiza. Kandi adusaba ngo tube abigishwa biwe.
Woba uzi ico bisigura kuba umwigishwa wa Yezu?— Bisigura ibintu bitari bike. Ubwa mbere, dutegerezwa kumwigirako. Mugabo si ivyo gusa. Dutegerezwa kandi kwemera koko ivyo avuga. Namba tuvyemera, tuzokora ivyo atubwira.
Abantu benshi bavuga yuko bemera Yezu. Woba wiyumvira yuko abo bose ari abigishwa biwe vy’ukuri?— Oya, benshi si bo. Bashobora kuba baja mu misa. Mugabo benshi muri bo usanga batigeze bafata umwanya wo kwiga ivyo Yezu yigishije. Mu vy’ukuri, abakurikira akarorero ka Yezu bonyene ni bo bigishwa biwe.
Reka tuvuge ivyerekeye bamwe mu bari abigishwa ba Yezu igihe yari umuntu ngaha kw’isi. Uwa mbere yabaye umwigishwa wiwe yari Filipo. Filipo yagiye kurondera umugenzi wiwe Natanayeli (uno akaba kandi yitwa Barutolomayo), ari na we ubona yicaye musi y’igiti. Igihe Natanayeli aje kuri Yezu, Yezu avuga ati: ‘Ngurya umuntu atagira ubugunge, Umwisirayeli nyawe’. Natanayeli aratangara abaza ati: ‘Jewe wamenye gute?’.
Yezu ariko ahamagara bande ngo babe abigishwa biwe?
Yezu avuga ati: “Filipo ataraguhamagara, aho wari musi y’umusukoni, nakubonye”. Natanayeli arajorerwa no kwumva ko Yezu yari azi neza aho yari, maze Natanayeli aca avuga ati: “Ur’Umwana w’Imana, ni wewe Mwami w’Abisirayeli”.—Yohana 1:49.
Yuda Isikariyoti, Yuda (yitwa kandi Tadeyo)Simoni
Abandi babaye abigishwa ba Yezu umusi bwaca Filipo na Natanayeli baba abigishwa biwe. Abo ni Andereya na mwenewabo Petero hamwe na Yohani, kumbure be na Yakobo mwenewabo na Yohani (Yohana 1:35-51). Ariko rero haciye umwanya, abo bane bisubirira ku kazi kabo k’uburovyi. Maze umusi umwe, igihe Yezu yariko aragendagenda iruhande y’Ikiyaga c’i Galilaya, abona Petero na Andereya batera urusenga mu kiyaga. Yezu arabahamagara ati: “Ni munkurikire”.
Yakobo (mwene Alufayo), Toma, Matayo
Yigiye imbere gatoyi, Yezu abona Yakobo na Yohani. Bompi bari mu bwato bari kumwe na se, bariko barashona insenga zabo z’ukuroba. Na bo nyene Yezu arabahamagara ngo bamukurikire. Wewe wari kugira iki iyo Yezu aguhamagara? Woba wari guca ujana na we?— Abo bantu barazi Yezu uwo ari we. Barazi yuko yatumwe n’Imana. Ni co gituma baca buno nyene baheba akazi kabo k’ukuroba hanyuma bagakurikira Yezu.—Matayo 4:18-22.
Natanayeli, Filipo, Yohani
None igihe abo bagabo bacitse abayoboke ba Yezu, vyoba vyasobanura yuko mu nyuma bokwamye imisi yose bakora ibigororotse?— Oya. Woshobora kwibuka yuko abo bagabo bigeze mbere guhazuka hagati yabo ku vyerekeye uwari mukuru muri bo uwo ari we. Mugabo barumvirije Yezu, hanyuma baragira umutima ukunze wo guhindura ibintu. Nimba turi n’umutima ukunze wo guhindura ibintu, na twebwe turashobora kuba abigishwa ba Yezu.
Yakobo (mwenewabo na Yohani), Andereya, Petero
Yezu yarasaba abantu b’uburyo bwose ngo babe abigishwa biwe. Igihe kimwe, umugabo umwe akiri muto w’umutunzi akongera akaba n’umutegetsi, yaregereye Yezu amubaza ukuntu yoshobora kuronka ubuzima budahera. Igihe nya mutegetsi w’umutunzi yavuga yuko yari asanzwe agamburuka amabwirizwa y’Imana guhera mu bwana bwiwe, Yezu yamusavye ati: ‘Nuze unkurikire’. None urazi uko vyagenze?—
Urumva, igihe nya mugabo yumviye yuko kuba umwigishwa wa Yezu vyategerezwa kuba ikintu gihambaye kuruta ukuba umutunzi, yaciye yumva ababaye cane. Ntiyabaye umwigishwa wa Yezu, kubera ko yakunda amahera yiwe kuruta uko yakunda Imana.—Luka 18:18-25.
Yezu amaze hafi umwaka n’igice yamamaza, yatoye abigishwa 12 ngo babe intumwa. Izo ntumwa ni abagabo yarungitse gukora igikorwa kidasanzwe. Woba uzi amazina yabo?— Reka turabe ko dushobora kuyamenya. Itegereze amashusho ari ngaha, hanyuma urabe ko ushobora kuvuga amazina yabo. Ca ugerageza kuvuga amazina yabo ku mutwe.
Aba bagore bafashije Yezu igihe yariko aramamaza bari bande?
Mu nyuma, umwe muri izo ntumwa 12 yarabaye mubi. Ni Yuda Isikariyoti. Mu nyuma, uwundi mwigishwa yaratowe ngo abe intumwa. Woba uzi ukuntu yitwa?— Yitwa Matiyasi. Mu nyuma Paulo na Barunaba na bo nyene barabaye intumwa, mugabo ntibari muri bamwe 12.—Ivyakozwe 1:23-26; 14:14.
Nk’uko twavyize mu Kigabane ca 1 c’iki gitabu, Yezu yaritaho abana batoyi. Ni kubera iki yabitaho?— Ni kubera ko yari azi yuko na bo nyene bari gushobora kuba abigishwa biwe. Kandi koko, abana barashobora kenshi kuvuga ibintu mu buryo bushobora no gutuma abakuze bumviriza kandi bagashaka kwiga vyinshi ku vyerekeye wa Mwigisha Ahambaye.
Abagore benshi na bo nyene barabaye abigishwa ba Yezu. Bamwe barajanye na we igihe yaja mu bindi bisagara kwamamaza. Mariya Magadalena, Yowana na Suzana, barajanye na we. Bashobora kandi kuba baramufashije mu kumutegurira ibifungurwa be no kumumesurira.—Luka 8:1-3.
Woba ushaka kuba umwigishwa wa Yezu?— Niwibuke ko kuvuga gusa yuko turi abigishwa ba Yezu bidatuma tuba bo. Dutegerezwa gukora nk’abigishwa biwe aho turi hose, atari gusa igihe tugiye ku makoraniro ya gikirisu. Woshobora none kwiyumvira ahantu bihambaye ko dukora nk’abigishwa ba Yezu?—
Egome, dukwiye gukora nka bo i muhira. Mugabo ahandi hantu ni kw’ishure. Ico wewe nanje tudakwiye kwibagira ni uko kugira ngo tube abigishwa b’ukuri ba Yezu, dutegerezwa gukora nk’uko yakora, tukabigira umusi wose, ku musi ku musi, aho tuba turi hose.
Ni hehe bihambaye ko dukora nk’abigishwa ba Yezu?
Ubu na ho dusomere hamwe ico Bibiliya ivuga ku vyerekeye abigishwa ba Yezu, muri Matayo 28:19, 20; Luka 6:13-16; Yohana 8:31, 32; no muri 1 Petero 2:21.

