Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Inyishu z’ibibazo 10 urwaruka rwibaza

 IKIBAZO CA 5

Nokora iki bansindiye kw’ishure?

Nokora iki bansindiye kw’ishure?

IGITUMA BIHAMBAYE

Ukuntu uvyifatamwo birashobora gutuma iyo ngorane ihera canke ikunyuka.

WARI GUKORA IKI?

Iyumvire iki kintu: Toma yumva atagishaka kuja kw’ishure. Vyatanguye mu mezi atatu aheze, igihe abo bigana batangura kuza baramubeshera. Haciye hakurikira ivyo kumutazira amazina. Vyarashika bakamupapura amakaye yiwe bagaca bigirisha nk’aho umengo ni isanganya. Canke na ho akaza yumva umwe mu bana bari inyuma yiwe aramusunuye, agize ngo arahindukira bose bagaca bigira ab’ejo. Ejo bundi ho vyarunyutse igihe bamutera ubwoba biciye kuri internet . . .

Iyaba wari Toma, wari kuvyifatamwo gute?

BANZA UZIRIKANE!

Ntiwibaze ko ata kundi uri bugire. Ahubwo mbere urashobora kunesha uwugusindira utamuriye n’urwara. Uti gute?

  •   BEREKE KO ATA CO BIGUTWAYE. Bibiliya ivuga iti: “Ikijuju kirekura umutima waco wose, mugabo umuntu w’inkerebutsi atuma uguma utekanye gushika kw’iherezo.” (Imigani 29:11) Ugerageje kuguma utekanye naho mu mutima woba wumva ubwoba, abagusindira boshobora kubivamwo.

  • NTIWIHORE. Bibiliya ivuga iti: “Ntihagire n’umwe mwishura ikibi ku kindi.” (Abaroma 12:17) Kwihora nta kindi bivamwo atari kwunyura ibintu.

  • NTIWITE MU NGORANE. Bibiliya ivuga iti: “Umunyabwenge ni uwubonye ivyago akihisha.” (Imigani 22:3) Uko bishoboka kwose, niwirinde abantu bogusindira n’ibintu vyotuma bakubuza amahoro.

  • TANGA INYISHU ITARI YITEZWE. Bibiliya ivuga iti: “Inyishu, iyo irimwo ubwitonzi, ikevya uburake.” (Imigani 15:1) Woshobora no kubatwenza. Nimba hari uwukubwiye ko uvyibushe rwose, numwereke ko ata co bigutwaye mu kwivugira uti: “Ubona utobeshera imvubu?”

  • NIWIGIRE. Nora w’imyaka 19 avuga ati: “Winumiye uba werekanye ko uhumuye be n’uko uruta uwuriko aragucokoza. Birerekana ko ufise ukwigumya, ico kikaba ari ikintu uwugucokoza adafise.”​—2 Timoteyo 2:24.

  • NIWIHAGARAREKO. Abasindira abandi barashobora kubona umuntu yikengera ku buryo adashobora kwirwanira. Ariko benshi muri bo barateshwa bagata iyo babonye ko wihagararako.

  • VYIGANIRE UMUNTU. Umugore umwe yahoze ari umwigisha agira ati: “Noremesha umuntu wese abandi basindira ko yobishira ahabona. Ni vyiza kubivuga, kandi birashobora gukingira n’abandi.”

Kwihagararako biratuma urusha inguvu uwugusindira