Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya

Inkuru ya 115: Iyindi Paradizo kw Isi

Inkuru ya 115: Iyindi Paradizo kw Isi

RABA ivyo biti birebire, ayo mashurwe meza n’iyo misozi miremire. Aho si heza none? Rāba iyo mpongo iriko irarīra mu ntoki z’uyo mwana. Raba izo ntare n’arya mafarasi ahagaze hariya mu bwatsi. Woshima kuba mu nzu iri ahantu nk’aha?

Imana ishaka ko ubaho imyaka yose mw iparadizo ngaha kw isi. Ntishaka ko ugira umubabaro canke amarushwa, bishikira abantu muri iki gihe. Abazoba mw iparadizo izoza, ivyo Bibiliya ibaraganira ngibi: ‘Imana izobāna na bo, nta rupfu nta gutaka, nta n’amarushwa azoba akiriho. Ivya kera vyaheze.’

Yezu azoshirwa abonye ibintu bihindutse. Urazi igihe bizobera? Bizoba ahejeje guhanagura isi, akayikiza ababi n’ibibi bakora. Ibuka ko igihe Yezu yari kw isi yakijije abantu indwara z’ubwoko bwose, atako azura n’abapfuye. Yabigize ngo yerekane ivyo azokora kw isi yose igihe azoba ari umwami mu bwami bw’Imana.

Iyumvīre ukuntu bizoba ari vyiza kuba mu yindi paradizo ngaha kw isi! Yezu azoba atwara ari mw ijuru, ari kumwe n’abo yitoreye. Abo bami bazokwitwararika abari kw isi bose, bashirwe babonye ko bahimbawe. Reka turābe ivyo twokora kugira ngo Imana ibone kuduha ubuzima bwamaho mu yindi paradizo izozana.

Ivyahishuriwe Yohani 21:3, 4; 5:9, 10; 14:1-3.

Iparadizo


Ibibazo

  • Bibiliya yerekana ko tuzohimbarwa n’ibintu bimeze gute mw’Iparadizo kw’isi?
  • Bibiliya isezeranira ibiki abazoba baba mw’Iparadizo?
  • Ni ryari Yezu azoshirwa abonye ibintu bihindutse bikamera nk’uku?
  • Igihe Yezu yari ng’aha kw’isi, ni ibiki yakoze kugira ngo yerekane ivyo azokora niyaba Umwami w’Ubwami bw’Imana?
  • Yezu hamwe n’abazoba bamufasha kuganza bazoshirwa ari uko bigenze gute igihe bazoba baganza isi bari mw’ijuru?

Ibibazo vy’inyongera

  • Soma Ivyahishuriwe 5:9, 10.

    Ni kubera iki dushobora kwizigira tudakeka yuko abazoba baganza isi mu gihe ca ya Ngoma y’imyaka igihumbi bazoba ari abami n’abaherezi b’impuhwe n’ikigongwe (Ef. 4:20-24; 1 Pet. 1:7; 3:8; 5:6-10)?

  • Soma Ivyahishuriwe 14:1-3.

    Kuba izina rya Se n’iry’Umwagazi w’intama vyanditswe mu ruhanga rwa ba bandi 144.000 bisobanura iki (1 Kor. 3:23; 2 Tim. 2:19; Ivyah. 3:12)?

Raba n'ibindi

Ubwami bw’Imana buzokora iki?

Numenye ivyo wokwitega igihe intwaro y’Imana izoba iganza isi.