Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya

Inkuru ya 110: Timoteyo—Umufasha wa Paulo

Inkuru ya 110: Timoteyo—Umufasha wa Paulo

UYO musore ubona ari kumwe n’intumwa Paulo ni Timoteyo. Timoteyo yabana n’ab’iwabo i Lusitira. Nyina yari Ewunike, inakuru na we Lowisi.

Aha bwari ubugira gatatu Paulo ashika i Lusitira. Umwaka umwe imbere y’aho, Paulo na Baranaba bari bahaje bari ku rugendo rwabo rwa mbere rwo gukwiza hose inkuru nziza. Ico gihe Paulo yari asubiyeyo, ari kumwe na mugenziwe Sila.

Timoteyo na Paulo

Urazi ivyo Paulo yariko arabwira Timoteyo? Ngo ‘woshima kuduherekeza twe na Sila? Woshobora kudufasha gutwara inkuru nziza kure.’

Na we ati: ‘Egome nobishima.’ Timoteyo aca asiga ab’iwabo, ajana na Paulo na Sila. Imbere y’uko twiga ivy’urwo rugendo rwabo, reka tubanze tumenye ivyagiye birashikira Paulo. Kuva igihe yariko aja i Damasiko Yezu akamubonekera, imyaka ishika 17 yari imaze guhera.

Ibuka ko yari yajanyweyo n’ukugirira nabi abigishwa ba Yezu, we nyene aca aba umwigishwa! Munyuma abansi baja inama yo kumwica, kuko batāshaka uwuvuga ivya Yezu, abigishwa baramufasha arahunga. Bāmwururukije mu kivumvu ku rugo rw’igisagara.

Aca aja i Antiyokiya kwigisha. Abigishwa ba Yezu ni ho bitiwe abakirisu. Ni ho kandi Paulo na Barunaba bāba, igihe batumwa gukwiza inkuru nziza mu bihugu vya kure. Bārashitse n’i Lusitira kwa ba Timoteyo.

Hashize nk’umwaka, Paulo asubira i Lusitira ubugira kabiri. Timoteyo, Paulo na Sila bavuyeyo urazi iyo baroye? Rāba kuri iyo ndondabihugu twige hamwe hamwe.

Bābanje aho hafi Ikoniyo, hanyuma baja i Antiyokiya. Bahavuye baja i Tirowa, i Filipi, i Tesalonike n’i Beroya. I Atenayi urahabona? Paulo yarahigishije, bahavuye bamara umwaka n’inusu i Korinto, hanyuma bamara imisi mike i Efeso, baca burira imeri bagaruka i Kayisariya, hanyuma badūga i Antiyokiya aho Paulo yaba.

Timoteyo yaragenze ibirometero vyinshi ariko afasha Paulo gutwara “inkuru nziza” no gushinga amashengero menshi y’abakirisu. Ni wakura uzoba umukozi w’Imana w’umwizigirwa nka Timoteyo?

Ivyakozwe n’intumwa 9:19-30; 11:19-26; Ikigabane ca 13-17; 18:1-22.

Ikarata ndondabihugu

1. Roma; 2. Melita; 3. Beroya; 4. Tesalonike; 5. Korinto; 6. Filipi; 7. Atenayi; 8. Kirete; 9. Tirowa; 10. Efeso; 11. Mileto; 12. Kolosayi; 13. Antiyokiya; 14. Ikoniyo; 15. Lusitira; 16. Kupuro; 17. Antiyokiya; 18. Kayisariya; 19. Yopa; 20. Damasiko; 21. Yeruzalemu; 22. Ibahari Nini (Mediterane)



Ibibazo

  • Kuri iyo shusho, uwo musore ni nde, aba hehe, kandi nyina wiwe na inakuru bitwa ngw’iki?
  • Timoteyo yishura ngw’iki igihe Paulo amubajije ko yoshima kujana na Sila be na Paulo nyene mu gikorwa co gutwara inkuru nziza kure?
  • Ni hehe abigishwa ba Yezu bitiwe abakirisu ari bwo bwa mbere?
  • Inyuma y’aho Paulo, Sila na Timoteyo baviriye i Lusitira, bimwebimwe mu bisagara bagendeye ni ibihe?
  • Timoteyo afasha Paulo gute, kandi ni ikibazo ikihe abakiri bato bakwiye kwibaza muri iki gihe?

Ibibazo vy’inyongera

  • Soma Ivyakozwe n’intumwa 9:19-30.

    Intumwa Paulo yerekanye gute ko yiyubara igihe yahura n’abarwanya inkuru nziza (Ivyak. 9:22-25, 29, 30; Mat. 10:16)?

  • Soma Ivyakozwe n’intumwa 11:19-26.

    Inkuru ivugwa mu Vyakozwe n’intumwa 11:19-21, 26 yerekana gute yuko impwemu ya Yehova iriko irarongora abantu yongera iberekeza ku gikorwa c’ukwamamaza?

  • Soma Ivyakozwe n’intumwa 13:13-16, 42-52.

    Ibivugwa mu Vyakozwe n’intumwa 13:51, 52 vyerekana gute yuko abigishwa bataretse ngo ukurwanywa kubace intege (Mat. 10:14; Ivyak. 18:6; 1 Pet. 4:14)?

  • Soma Ivyakozwe n’intumwa 14:1-6, 19-28.

    Imvugo ngo “babaragiza [“Yehova” NW]” idufasha gute kwikurako amaganya adakenewe igihe dufasha abashasha (Ivyak. 14:21-23; 20:32; Yoh. 6:44)?

  • Soma Ivyakozwe n’intumwa 16:1-5.

    Umutima ukunze Timoteyo yagize wo kwemera gukebwa werekana neza gute yuko bihambaye gukora “vyose…kubg’ubutumwa bgiza” (Ivyak. 16:3; 1 Kor. 9:23; 1 Tes. 2:8)?

  • Soma Ivyakozwe n’intumwa 18:1-11, 18-22.

    Mu Vyakozwe n’intumwa 18:9, 10 herekana iki ku biraba uruhara Yezu ubwiwe yagira mu vyo kuyobora igikorwa co kwamamaza, kandi ivyo bidukura amazina ku biki muri iki gihe (Mat. 28:20)?

Raba n'ibindi

Timoteyo yashaka gufasha abantu

Ushobora gute kugira ubuzima buteye umunezero, nka kumwe kwa Timoteyo?