Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya

Inkuru ya 108: Mu Nzira Ija i Damasiko

Inkuru ya 108: Mu Nzira Ija i Damasiko

URAZI uwo aryamye hasi uwo ari we? Ni Sauli. Ibuka ko ari umwe yazigama imyitwikīro ya bamwe bātera Sitefano amabuye. Rāba uwo muco waka cane! Habaye iki?

Sitefano amaze kwicwa, Sauli aba indongozi mu guhīga abigishwa ba Yezu ngo abagirire nabi. Yava ku muhana akaja ku wundi, akabafata akabata mw ibohero. Benshi muri bo bahungira mu bindi bisagara, batangura kuhavugira “inkuru nziza.” Sauli na we aja mu bindi bisagara nyene kubarondera. Aha yariko aja i Damasiko. Ateye mu nzira, igitangaza cabaye ngiki:

Aza abona umuco uvuye mu kirere umwakiye hose. Aca agwa hasi nk’uko tubibona ngaha. Ijwi rica rivuga riti: ‘Sauli! Sauli! ni kuki uriko urangirira nabi?’ Abo vyari kumwe babona umuco bumva n’ijwi, ariko ntibumva ivyo ririko riravuga.

Sauli ahumishijwe n’umuco

Sauli ati: ‘Uri nde ga Mwami?’

Nya jwi riti: ‘Ndi Yezu uriko uragirira nabi.’ Yezu yavuze ivyo kubera ko Sauli yariko agirira nabi abigishwa biwe, ni nk’uko ari we nyene yariko abigirirwa.

Sauli ati: ‘Ushaka ko nkora iki ga Mwami?’

Yezu ati: ‘Haguruka uje i Damasiko, barakubwira ico uza gukora.’ Ahagurutse yugurura amaso, biranka ko abona ikintu na kimwe. Yari yabaye impumyi! Abo vyari kumwe bamufata ukuboko bamujana i Damasiko.

Yezu abwira umwe mu bigishwa biwe bari i Damasiko ati: ‘Ananiya, haguruka uje kw ibarabara ryitwa Rigororotse. Ushitse kwa Yuda ubaze umugabo yitwa Sauli, namutoye ngo abe umukozi wanje koko.’

Ananiya aragamburuka. Amubonye amurambikako ibiganza, ati ‘Umukama yantumye kugira ngo usubire kubona, wuzure impwemu yera.’ Buno nyene ibintu bimeze nk’amagamba vyomoroka ku maso yiwe, aca asubira kubona.

Sauli ni we yakoreshejwe cane mu kwigisha abantu bo mu bihugu vyinshi. Yahavuye yitwa Paulo. Turaza kwiga vyinshi kuri we, ariko tubanze turābe ico Imana yatumye Petero gukora.

Ivyakozwe n’intumwa 8:1-4; 9:1-20; 22:6-16; 26:8-20.



Ibibazo

  • Sauli akora ibiki Sitefano amaze kwicwa?
  • Igihe Sauli ari ku nzira aja i Damasiko, ni ikintu gitangaje ikihe kiba?
  • Yezu abwira Sauli gukora iki?
  • Yezu ategeka Ananiya gukora iki, kandi bigenda gute ngo Sauli asubire kubona?
  • Sauli arahava akitwa nde, kandi akoreshwa mu biki?

Ibibazo vy’inyongera

  • Soma Ivyakozwe n’intumwa 8:1-4.

    Ni gute uruhamo rukaze rwashikiye ishengero rya gikirisu ryari rihejeje gushingwa rwatumye ukwizera kwa gikirisu gukwiragira henshi, kandi ni ibintu ibihe bisa n’ivyo vyashitse muri ibi bihe turimwo (Ivyak. 8:4; Yes. 54:17)?

  • Soma Ivyakozwe n’intumwa 9:1-20.

    Ni igikorwa ikihe kirimwo bitatu Yezu yahishuye ko yari abikiye Sauli (Ivyak. 9:15; 13:5; 26:1; 27:24; Rom. 11:13)?

  • Soma Ivyakozwe n’intumwa 22:6-16.

    Twebwe dushobora gute kumera nka Ananiya, kandi ni kubera iki ivyo bihambaye (Ivyak. 22:12; 1 Tim. 3:7; 1 Pet. 1:14-16; 2:12)?

  • Soma Ivyakozwe n’intumwa 26:8-20.

    Ni mu buryo ki uguhinduka kwa Sauli akaba umukirisu ari indemesho ku babana n’abatizera muri iki gihe (Ivyak. 26:11; 1 Tim. 1:14-16; 2 Tim. 4:2; 1 Pet. 3:1-3)?