Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya

Inkuru ya 107: Sitefano Aterwa Amabuye

Inkuru ya 107: Sitefano Aterwa Amabuye

UYO apfukamye ngaha ni Sitefano. Ni umwigishwa wa Yezu w’umwizigirwa. Rāba ibimushikiye! Abo bagabo bariko bamutera ibibuye. Ni kuki bamwanka gushika aho bamugirira nabi gutyo? Reka tubirabe.

Sitefano ariko aterwa amabuye

Imana yari yamufashije gukora ibitangaro, abo bagabo na bo ntibabishima. Baca baramuhaririza kubera ko yigisha abantu ukuri. Imana imuha ubwenge bwinshi, arerekana ko abo bagabo bigisha ibinyoma. Birabashavuza cane baca baramufata, bahamagara abantu bo kumubeshera.

Umuherezi mukuru amubaza ati: ‘Ivyo none si ivy’ukuri?’ Mu kwishura atanga ikiganiro kiryoshe, kivuye muri Bibiliya. Mu kukirangiza avuga ingene kēra abantu babi bānka abamenyesha kazoza ba Yehova. Hanyuma ati: ‘Na mwebwe nyene mumeze nka bo. Mwishe Yezu umukozi w’Imana, kandi ntimwubashe amategeko yayo.’

Birabashavuza cane, baryanya insya z’amenyo. Sitefano arangamije, ati ‘rāba Yezu ahagaze iburyo bw’Imana mw ijuru!’ Baca bapfuka amatwi, bamugwako bamukwegera inyuma y’igisagara.

Bashitseyo bambura imyitwikiro yabo, bayiha umusore umwe yitwa Sauli ngo ayibazigamire. Sauli uramuzi none? Bamwe muri bo batangura kumutera amabuye. Arapfukama nk’uko ubibona, arasenga ati: ‘Yehova, ntubahanire iki kibi bakoze.’ Yari azi ko bamwe muri bo bahenzwe n’abakuru b’idini. Aca aracikāna.

Umuntu akugiriye nabi, uca ugerageza kumwihora canke gusaba Imana ngo imugirire nabi na we? Sitefano na Yezu si ko bāgize. Bārakunda n’abansi babo. Natwe tugerageze kubigana.

Ivyakozwe n’intumwa 6:8-15; 7:1-60.



Ibibazo

  • Sitefano ni nde, kandi Imana yamufashije gukora iki?
  • Ni ibiki Sitefano avuga bigatuma abakuru b’idini bashavura cane?
  • Aho nya bagabo bamariye gukwegera Sitefano hanze y’igisagara, bamugira iki?
  • Kuri iyo shusho, urya musore ahagaze hambavu y’imitamana ni nde?
  • Imbere y’uko Sitefano asandaba, asaba Yehova iki?
  • Twebwe mu kwigana Sitefano dukwiye gukora iki igihe hagize umuntu atugirira nabi?

Ibibazo vy’inyongera

  • Soma Ivyakozwe n’intumwa 6:8-15.

    Ni ibintu vy’uruhendo ibihe abakuru b’idini bagerageza gukoresha kugira bahagarike igikorwa co kwamamaza kirangurwa n’Ivyabona vya Yehova (Ivyak. 6:9, 11, 13)?

  • Soma Ivyakozwe n’intumwa 7:1-60.

    Ni ibiki vyafashije Sitefano kugira aroranirwe mu kuburanira inkuru nziza imbere y’abanyekombe, kandi ni igiki dushobora kwigira ku karorero kiwe (Ivyak. 7:51-53; Rom. 15:4; 2 Tim. 3:14-17; 1 Pet. 3:15)?

    Ni agatima akahe dukwiye kugira ku bijanye n’abarwanya igikorwa cacu (Ivyak. 7:58-60; Mat. 5:44; Luka 23:33, 34)?