Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya

Inkuru ya 104: Yezu Asubira mw Ijuru

Inkuru ya 104: Yezu Asubira mw Ijuru

IMISI irahera Yezu aciyereka abigishwa biwe. Umusi umwe abonwa n’abashika 500. Igihe yababonekera urazi ivyo yababwiye? Yababwiye ivy’ubwami bw’Imana. Imana yamutumye kw isi kwigisha ivy’ubwo bwami. N’aho amariye kuzuka yagumye avyigisha.

Yezu ariko asubira mw’ijuru

Uribuka ubwami bw’Imana ico ari co? Ni intwaro y’Imana vy’ukuri iri mw ijuru, Yezu na we ni we yatowe n’Imana ngo abe umwami. Nk’uko twavyize, Yezu yarerekanye ko azoba umwami w’igitangaza igihe yagaburira abashonje, igihe yakiza abarwaye azura n’abapfuye!

Igihe Yezu azoba ari umwami w’imyaka igihumbi mw ijuru, isi izomera ite? Yose izohinduka iparadizo y’akaroruhore. Indwano, ubugarariji, indwara n’urupfu ntibizoba bikiriho. Turazi ko ivyo ari ivy’ukuri kubera ko Imana yaremye isi ngo ibe iparadizo, abantu bayibemwo. Ni co gituma mu ntango yaremye itongo ry’i Edeni. Yezu na we azoshirwa abonye ko ico Imana yashatse kirangūtse.

Igihe c’uko Yezu asubira mw ijuru kirashika. Imisi 40 yayimaze yiyereka abigishwa biwe, baca baremera ko yasubiye kuba muzima. Imbere y’uko agenda, ababwira ati: ‘Muragume i Yeruzalemu gushika muronse impwemu yera.’ Impwemu yera ni inguvu z’Imana zimeze nk’umuyaga uhuhuta, zobafashije gukora ivy’Imana igomba. Munyuma ababwira ati: ‘Inkuru yanje muyijane muyishikane kure.’

Amaze kuvuga ivyo haca haba igitangaza. Atangura kuduga mw ijuru nk’uko ubibona ngaha. Hanyuma igicu kiramuhisha ntibaba bakimubona. Aja mw ijuru, atangura kuganza abigishwa biwe ariyo ari.

Abigishwa barangamije mu kirere

1 Ab’i Korinto 15:3-8; Ivyahishuriwe Yohani 21:3, 4; Ivyakozwe n’intumwa 1:1-11.



Ibibazo

  • Umusi umwe Yezu abonwa n’abigishwa bangahe, kandi ababwira ibiki?
  • Ubwami bw’Imana ni iki, kandi ubuzima bwo kw’isi buzoba bumeze gute igihe Yezu azoba atwara ari Umwami mu kiringo c’imyaka igihumbi?
  • Yezu amaze imisi ingana iki yiyereka abigishwa biwe, mugabo ubu na ho ni igihe c’uko agira iki?
  • Hagisigaye gato ngo Yezu atandukane n’abigishwa biwe, ababwira gukora iki?
  • Kuri iyi shusho ubona hariko haba iki, kandi vyagenze gute ngo Yezu ntibabe bakimubona?

Ibibazo vy’inyongera

  • Soma 1 Ab’i Korinto 15:3-8.

    Ni igiki catumye intumwa Paulo ivugana ukujijuka nk’ukwo ku biraba izuka rya Yezu, kandi ni ibiki abakirisu na bo bashobora kuvuga bajijutse muri iki gihe (1 Kor. 15:4, 7, 8; Yes. 2:2, 3; Mat. 24:14; 2 Tim. 3:1-5)?

  • Soma Ivyakozwe n’intumwa 1:1-11.

    Igikorwa co kwamamaza cashitse hehe nk’uko vyari vyavuzwe mu Vyakozwe n’intumwa 1:8 (Ivyak. 6:7; 9:31; 11:19-21; Kol. 1:23)?