Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya

Inkuru ya 103: Mu Cumba Cugaye

Inkuru ya 103: Mu Cumba Cugaye

PETERO na Yohani bavuye ku mva aho ikiziga ca Yezu cari kiri, Mariya asigarayo wenyene atangura kurira. Arunama ararunguruka nk’uko twabibonye ku gishushanyo gikurikirwa n’iki, abonayo abamarayika babiri! Bati ‘urizwa n’iki?’

Na we ati: ‘Umuhanyi wanje bamutwaye sinzi iyo bamushize.’ Arahindukira abona umugabo umwe, nya mugabo ati ‘urondera nde?’

Mariya yībajije ko ari umurimyi, kandi ko ari we yoba yatwaye Yezu. Ati ‘nimba ari wewe wamutwaye, mbwira iyo wamushize.’ Uwo mugabo yari Yezu yiyambitse umubiri Mariya atazi. Yezu amuhamagaye mw izina, Mariya aca aramenya ko ari Yezu. Ariruka abwira abigishwa ati: ‘Nābonye Umukama!’

Uwo musi nyene, abigishwa babiri bāriko baja i Emausi, umugabo umwe abasanga mu nzira. Bari bababajwe cane n’uko bīshe Yezu. Bariko baragenda, nya mugabo agenda arabasigurira ibintu vyinshi vya Bibiliya, birabahimbara. Bashitse batangura gufungura. Baca baramenya ko ari Yezu, aca arazimangana. Bariruka basubira i Yeruzalemu kubibwira intumwa.

Ahejeje kuzimangana, abonekera Petero na we. Abandi bavyumvise baranezerwa. Ba bigishwa babiri baca baja iyo intumwa ziri i Yeruzalemu, bazibwira ingene Yezu yababonekeye mu nzira. Bariko baravyigana, urazi igitangaza cahabaye?

Rāba aho ku gishushanyo, Yezu ababonekeye bari mu nzu n’aho umuryango wugaye. Ese ukuntu banezerewe! Uwo si umusi w’agahimbare? Ubu urashobora guharūra incuro Yezu amaze kuboneka? Uharūye zitanu?

Yezu abonekeye abigishwa biwe

Intumwa Toma ntiyari kumwe na bo igihe Yezu yaboneka. Baramubwira bati: ‘Twabonye Umukama.’ Na we aca avuga ko azovyemera amwiboneye. Hashize imisi umunani basubira gukoranira mu nzu yugaye, na Toma yari kumwe na bo. Buno nyene arababonekera, Toma aca aravyemera.

Yohani 20:11-29; Luka 24:13-43.



Ibibazo

  • Mariya abwira iki umugabo yibaza ko ari umurimyi, mugabo ni igiki gituma amenya ko ari Yezu vy’ukuri?
  • Ni ibiki bishikira abigishwa babiri bariko baja i Emawusi?
  • Ni ikintu gitangaje ikihe gishika igihe ba bigishwa babiri babwiye intumwa yuko babonye Yezu?
  • Yezu yabonekeye abigishwa biwe incuro zingahe?
  • Toma avuga iki igihe yumvise ko abigishwa babonye Umukama, ariko ni igiki gishika inyuma y’imisi umunani?

Ibibazo vy’inyongera

  • Soma Yohana 20:11-29.

    Muri Yohana 20:23, Yezu yoba yariko avuga yuko abantu bafise uruhusha rwo kurekurira ivyaha? Sigura (Zab. 49:2, 7; Yes. 55:7; 1 Tim. 2:5, 6; 1 Yoh. 2:1, 2).

  • Soma Luka 24:13-43.

    Twotegura gute umutima wacu kugira ngo ubashe kwakira ukuri kwa Bibiliya (Luka 24:32, 33; Ezr. 7:10; Mat. 5:3; Ivyak. 16:14; Heb. 5:11-14)?

Raba n'ibindi

Yiyereka abantu amajana imbere ya Pentekoti

Yezu amaze kuzuka arashimika cane ku kintu abigishwa biwe boronse n’ico cobamariye.