Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya

Inkuru ya 102: Yezu Ni Muzima

Inkuru ya 102: Yezu Ni Muzima

UWO mugore n’abo bagabo urazi abo ari bo? Ni Mariya Magadalena, umwe yakunda Yezu. Abo na bo bambaye izera ni abamarayika. Aho hantu Mariya ariko ararunguruka ni aho bāri bashize ikiziga ca Yezu. Hitwa imva. Ariko nya kiziga ntikikiriyo! Ni nde yagitwaye none? Reka turābe.

Abamarayika bariko bavugana na Mariya Magadalena

Yezu amaze gupfa, abaherezi babwira Pilato ko ‘igihe yari akiriho, yavuze ko yozutse hashize imisi itatu. Bati shira rero abarinzi ku mva, abigishwa biwe ntibaze bibe ikiziga ciwe, hanyuma bavuge ngo yazutse!’ Pilato ababwira ko batuma abasoda kurinda imva.

Mu mutwenzi ku musi ugira gatatu kuva apfuye, umumarayika wa Yehova araza, atembagaza ikibuye cari ku mva. Ba basoda baragira ubwoba barananirwa no gutambuka. Barāvye mu mva, babona ikiziga cagiye! Umwe muri bo aja kubwira abaherezi. Urazi ico abo baherezi babi bāgize? Bahēreye abo basoda, bababwira ngo ‘muvuge ko abigishwa biwe baje mw ijoro dusinziriye baragitwara.’

Muri uwo mwanya nyene, abagore bākunda Yezu baja kuraba imva, baratangara basanze igaragara! Buno nyene abamarayika bambaye ivyera barababonekera. Bati ‘ni kuki muronderera Yezu ngaha? Yazutse. Nyaragasa mubibwire abigishwa biwe.’ Bariruka n’ingoga! Bateye mu nzira, umuntu arabahagarika. Urazi uwo ari we? Yari Yezu. Ati ‘genda mubibwire abigishwa banje.’

Bababwiye ko Yezu yazutse kandi ko bamubonye, bumva bisa n’ibidashoboka. Petero na Yohani bariruka baja ku mva ngo bavyibonere, basanga iragaragara! Bavuyeyo, Mariya Magadalena asigarayo, ni ho yabona abo bamarayika.

Ikiziga ciwe Imana yarakizimanganije. Ntiyamuzuye afise wa mubiri w’inyama bīca. Yamuhaye umubiri w’impwemu nk’uw’abamarayika. Ariko kugira ngo yereke abigishwa biwe ko ari muzima, yīyambika umubiri abantu bashobora kubona, nk’uko tuza kuvyumva.

Matayo 27:62-66; 28:1-15; Luka 24:1-12; Yohani 20:1-12.



Ibibazo

  • Uwo mugore aboneka kuri iyo shusho ni nde, barya bagabo babiri na bo bakaba bande, kandi bari hehe?
  • Ni kubera iki Pilato abwira abaherezi gutuma abasoda kurinda imva ya Yezu?
  • Ni igiki umumarayika agira mu mutwenzi ku musi ugira gatatu kuva Yezu apfuye, mugabo ba baherezi na bo bagira iki?
  • Ni kubera iki abagore bamwe batangara bagiye kuraba imva ya Yezu?
  • Ni kubera iki Petero na Yohani biruka bakaja ku mva ya Yezu, kandi basanga ibintu bimeze gute?
  • Ikiziga ca Yezu vyakigendeye gute, mugabo akora iki kugira ngo yereke ba bigishwa biwe ko ari muzima?

Ibibazo vy’inyongera

  • Soma Matayo 27:62-66 na 28:1-15.

    Igihe Yezu yazuka, ni mu buryo ki abakuru b’abaherezi, Abafarizayo be n’abagabo b’inararibonye bacumuye ku mpwemu yera (Mat. 12:24, 31, 32; 28:11-15)?

  • Soma Luka 24:1-12.

    Inkuru yerekeye izuka rya Yezu yerekana gute yuko Yehova abona abakenyezi nk’amasura yo kwizigirwa (Luka 24:4, 9, 10; Mat. 28:1-7)?

  • Soma Yohana 20:1-12.

    Muri Yohana 20:8, 9 hadufasha gute kubona ko bikenewe yuko turindira igihe tuba tudatahura neza iranguka ry’ubuhanuzi bunaka bwa Bibiliya (Imig. 4:18; Mat. 17:22, 23; Luka 24:5-8; Yoh. 16:12)?

Raba n'ibindi

Yiyereka abantu benshi amaze kuzuka

Ni gute Yezu ajijura abigishwa biwe ko yazuwe?

Yezu yoba yazukanye umubiri w’inyama canke w’impwemu?

Bibiliya ivuga ko Yezu “[yagizwe] muzima mu mpwemu,” none ni gute abigishwa biwe bari gushobora kumubona no kumukorako amaze kuzuka?

Urupfu rwa Yezu n’izuka ryiwe vyokumarira iki?

Raba ibintu bitandatu vy’ishimikiro Bibiliya yigisha vyerekana ukuntu urupfu rw’umuntu umwe rushobora gutuma abantu benshi baronka ubuzima.