Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya

Inkuru ya 99: Mu Nzu yo Hejuru

Inkuru ya 99: Mu Nzu yo Hejuru

HARI ku wa kane ku mugoroba inyuma y’imisi ibiri, Yezu adugana n’abigishwa biwe 12, mu nzu yagutse yo hejuru kurya ivyokurya vya Pasika. Urya ubona agiye ni Yuda Isikariyoti. Agiye kubwira abaherezi ingene bofata Yezu.

Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba

Umusi umwe imbere y’aho yari yagiye ku baherezi, ababwira ati: ‘Ndabafashije gufata Yezu mwompa iki?’ Bati ‘ibiceri 30.’ Ubu agiye kubatora kugira ngo abereke aho Yezu ari. Ivyo si bibi none?

Ivyokurya vya Pasika biheze, Yezu atangura izindi mfungurwa z’imbonekarimwe. Afata umukate awuha intumwa ziwe ati: ‘Ni murye kuko uwo ari nk’umubiri wanje uzotangwa ku bwanyu.’ Hanyuma abaha igikombe c’umuvinyu, ati: ‘Ni munywe kuko ico ari nk’amaraso yanje azosēswa ku bwanyu.’ Izo Bibiliya izita ‘imfungurwa zo ku mugoroba,’ canke imfungurwa z’Umukama.’

Abisirayeli bārya Pasika bibuka igihe umumarayika w’Imana yarengana inzu zabo mu misiri, akīca imfura mu mazu y’Abanyamisiri. Ubu ho Yezu yashaka ko abigishwa biwe bamwibuka, bakibuka n’ingene yatanze ubuzima bwiwe ku bwabo. Ni co gituma yababwiye ngo bame barya izo mfungurwa uko umwaka utashe.

Bahejeje kuzirya, ababwira ngo ntibatinye, bakomere mu kwizera. Bahejeje baririmbira Imana, baca baragenda. Hāri mw ijoro rinini, ngira ngo mu gicugu. Reka turabe iyo bāgiye.

Matayo 26:14-30; Luka 22:1-39; Yohani ikigabane ca 13-17; 1 Ab’i Korinto 11:20.



Ibibazo

  • Nk’uko vyerekanwa kuri iyo shusho, Yezu n’intumwa ziwe 12 bariko bakora iki mu nzu yagutse yo hejuru?
  • Urya muntu agiye ni nde, kandi agiye gukora iki?
  • Ni imfungurwa zidasanzwe izihe Yezu atanguza bahejeje gufungura ku vya Pasika?
  • Pasika yari iyo kwibutsa iki Abisirayeli, kandi ivyo bifungurwa bidasanzwe vyibutsa iki abigishwa ba Yezu?
  • Inyuma y’Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba, Yezu abwira iki abigishwa biwe, na bo baca bagira iki?

Ibibazo vy’inyongera

  • Soma Matayo 26:14-30.

    Muri Matayo 26:15 herekana gute yuko igikorwa Yuda yakoze co kugura Yezu yagikoze nkana?

    Ni intumbero zibiri izihe zishitswa n’amaraso ya Yezu yasesetse (Mat. 26:27, 28; Yer. 31:31-33; Ef. 1:7; Heb. 9:19, 20)?

  • Soma Luka 22:1-39.

    Ni mu buryo ki Shetani yinjiye muri Yuda (Luka 22:3; Yoh. 13:2; Ivyak. 1:24, 25)?

  • Soma Yohana 13:1-20.

    Uravye ibivugwa muri Yohana 13:2, Yuda yoba ashobora kwagirwa n’ivyo yakoze? Kandi ni icigwa ikihe abasavyi b’Imana bashobora kwigira kuri ivyo (Ita. 4:7; 2 Kor. 2:11; Gal. 6:1; Yak. 1:13, 14)?

    Ni icigwa gikomeye kandi kiboneka ikihe Yezu yatanze (Yoh. 13:15; Mat. 23:11; 1 Pet. 2:21)?

  • Soma Yohana 17:1-26.

    Yezu yasengeye abigishwa biwe ngo babe “umwe” mu buryo ki (Yoh. 17:11, 21-23; Rom. 13:8; 14:19; Kol. 3:14)?

Raba n'ibindi

YEZU NI INZIRA, UKURI N’UBUZIMA

Icibutso c’urupfu rwa Yezu

Yezu aratanguza icibutso abayoboke biwe bakwiye kwibuka uko umwaka utashe ku wa 14 Nisani.