Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya

Inkuru ya 98: Ku Musozi w’Imyelayo

Inkuru ya 98: Ku Musozi w’Imyelayo

UYO ni Yezu ari ku musozi w’ibiti vyama elayo. Abo bane bari kumwe na we ni intumwa ziwe. Ni abavukana Andereya na Petero, hamwe na Yakobo na Yohani, na bo nyene bavukana. Kirya ubona kure gato ni urusengero rw’i Yeruzalemu.

Hāri hashize imisi ibiri Yezu yinjiye i Yeruzalemu ari ku nyana y’indogoba. Hāri ku wa kabiri. Mu gitondo Yezu yari mu rusengero, abaherezi bashaka kumufata ngo bamwice. Ariko baratinya kuko yakundwa n’abantu.

Yezu n’intumwa ziwe

Abo bakuru b’idini Yezu yari yababwiye ati: ‘Mwa nzoka, mwa bana b’inzoka mwe!’ Yari yababwiye ko Imana izobahana kubera ibibi bākoze. Amaze gushika ku musozi w’ibiti vy’imyelayo, izo ntumwa ziwe zine zitangura kumubaza ibibazo. Urazi ivyo zamubajije?

Zabajije ivya kazoza. Zari zizi ko azokuraho ibibi kw isi, ariko zashaka kumenya igihe ivyo vyobereye. Yezu yogarutse ryari ari umwami?

Yari azi ko igihe yogarukiye, abigishwa biwe bari kw isi batoshoboye kumubona. Ni uko yobaye ari mw ijuru aho badashobora kubona. Aca ababwira ibintu bimwe bimwe vyobaye kw isi amaze kuba umwami mw ijuru. Ivyo bintu ni ibiki?

Yavuze ko hazoba indwano zikomeye, ko abantu bamwe bazorwara kandi ko bazosonza, ko ubugarariji buzoba bubi cane, ko n’isi izonyiganyiga. Yavuze kandi ko inkuru nziza y’ubwami bw’Imana izovugwa kw isi yose. Ivyo turamaze kubibona muri iki gihe cacu? Egome! Nta gukeka rero, Yezu ubu ni umwami mw ijuru. Ari hafi gukuraho ibibi vyose kw isi.

Matayo 21:46; 23:1-39; 24:1-14; Mariko 13:3-10.



Ibibazo

  • Kuri iyo shusho, Yezu ni uyuhe, kandi barya bari kumwe na we ni bande?
  • Abaherezi bagerageje kugira iki Yezu mu rusengero, na we ababwira iki?
  • Intumwa zibaza iki Yezu?
  • Ni kubera iki Yezu abwira intumwa ziwe bimwebimwe mu bintu bizoba kw’isi igihe azoba aganza ari Umwami mw’ijuru?
  • Ni ibiki Yezu avuga ko bizoba imbere y’uko akuraho ububi bwose kw’isi?

Ibibazo vy’inyongera

  • Soma Matayo 23:1-39.

    Naho Ivyanditswe vyerekana yuko gukoresha amazina y’icubahiro yo muri iyi si bishobora kuba bibereye, amajambo Yezu yavuze muri Matayo 23:8-11 yerekana iki ku biraba ikoreshwa ry’amazina y’icubahiro y’agahemo mw’ishengero rya gikirisu (Ivyak. 26:25; Rom. 13:7; 1 Pet. 2:13, 14)?

    Abafarizayo bakoresheje ibiki kugira ngo bagerageze kubuza abantu ntibacike abakirisu, kandi indongozi z’idini zikoresha gute amayeri nk’ayo nyene muri bino bihe (Mat. 23:13; Luka 11:52; Yoh. 9:22; 12:42; 1 Tes. 2:16)?

  • Soma Matayo 24:1-14.

    Akamaro ko kwihangana gashimikwako gute muri Matayo 24:13?

    Imvugo ngo “iherezo” iri muri Matayo 24:13 ishaka kuvuga iki (Mat. 16:27; Rom. 14:10-12; 2 Kor. 5:10)?

  • Soma Mariko 13:3-10.

    Ni amajambo ayahe ari muri Mariko 13:10 yerekana ko kwamamaza inkuru nziza vyihutirwa, kandi ayo majambo Yezu yavuze akwiye gutuma dukora iki (Rom. 13:11, 12; 1 Kor. 7:29-31; 2 Tim. 4:2)?

Raba n'ibindi

Intumwa zisaba ikimenyetso

Ubuhanuzi ashikiriza bwararangutse mu kinjana ca mbere. None ntibwoba bufise n’irindi ranguka rihambaye kuruta?

Umuhero woba uri hafi?

Kugira uronke inyishu, raba bine mu bintu bigize ikimenyetso Bibiliya yari yaravuze ko cokwerekanye yuko umuhero uri hafi.