Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya

Inkuru ya 97: Yezu Aje nk’Umwami

Inkuru ya 97: Yezu Aje nk’Umwami

YEZU amaze gukiza impumyi zari zitunzwe n’ugusega aca ashikīra imihana y’i Betaniya. Abwira babiri mu bigishwa biwe ati: ‘Ni mwinjire mu mihana, muraza kubona inyana y’indogoba, muyiziture muyinzanire.’

Bayimuzaniye ayicarako aja i Yeruzalemu, na ho ntihari kure cane. Yegereje kuhashika, ishengero riza kumusanganira. Benshi muri ryo bambura imyitwikiro yabo bayisasa mu nzira. Abandi na bo baca amashami y’ibigazi, na yo nyene barayasasa. Baca batera urwamo bati: ‘Mana hezagira umwami aje mw izina rya Yehova!’

Abantu bariko basanganira Yezu

Kera mu Bisirayeli, abami bashasha binjira i Yeruzalemu bari ku nyana y’indogoba ngo biyerekane ku bantu. Ivyo ni vyo na Yezu yagize, abantu na bo baca berekana ko bashaka ko aba umwami wabo. Ariko si bose bāmushaka. Ivyo tuvyerekwa n’ivyabaye yinjiye mu rusengero.

Yinjiye akiza impumyi n’ibimuga. Abana babibonye batera urwamo bamushemeza. Abaherezi barashavura, bati ‘ntiwumva ivyo abo bana bariko baravuga?’

Na we ati: ‘Egome ndavyumva. Ntimurasoma muri Bibiliya ahanditswe ngo: “Mu kanwa k’abana bato, Imana izokurayo amajambo yo gushemeza?” ’ Nya bana baguma bashemeza umwami yatowe n’Imana.

Dushaka kuba nk’abo bana, si ko? Hari aho bamwe bamwe bogerageza kutubuza ngo ntitugānire ivy’ubwami bw’Imana. Ariko twoguma tubwira abandi ibitangaza Yezu azokorera abantu.

Aho Yezu yari kw isi, igihe co kuba umwami nticari bwagere. Kizogera ryari none? Abigishwa ba Yezu bārashaka kubimenya. Ivyo tuza kuvyumva mu nkuru ikurikira.

Matayo 21:1-17; Yohani 12:12-16.



Ibibazo

  • Yezu ashitse mu gisagara gitoyi hafi y’i Yeruzalemu, abwira abigishwa biwe kugira iki?
  • Kuri iyo shusho, ni ibiki biba igihe Yezu ashitse hafi y’igisagara ca Yeruzalemu?
  • Abana batoyi bagira iki babonye Yezu akiza impumyi n’ibimuga?
  • Yezu abwira iki abaherezi bashavuye?
  • Dushobora gute kumera nk’abo bana bashemeje Yezu?
  • Abigishwa bashaka kumenya iki?

Ibibazo vy’inyongera

  • Soma Matayo 21:1-17.

    Ukwinjira kwa Yezu i Yeruzalemu ari Umwami kwari guhushanye gute n’abajenerali b’Abaroma baba batahukanye intsinzi (Mat. 21:4, 5; Zek. 9:9; Flp. 2:5-8; Kol. 2:15)?

    Ni icigwa ikihe abakiri bato bashobora gukura ku bana b’abahungu b’Abisirayeli bavuze amajambo yo muri Zaburi 118 aho Yezu yinjiriye mu rusengero (Mat. 21:9, 15; Zab. 118:25, 26; 2 Tim. 3:15; 2 Pet. 3:18)?

  • Soma Yohana 12:12-16.

    Kuba abashemeza Yezu bakoresheje amashami y’ibigazi bigereranya iki (Yoh. 12:13; Flp. 2:10; Ivyah. 7:9, 10)?

Raba n'ibindi

Umwami yinjira i Yeruzalemu

Ashitsa amajambo amaze imyaka amajana atanu avuzwe.