Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya

Inkuru ya 94: Yezu Agaburira Ishengero

Inkuru ya 94: Yezu Agaburira Ishengero

IKINTU kibi cāri gihejeje kuba. Yohani Umubatizi bāri bāmwishe. Herodiya umugore w’umwami ntiyamukunda, aca yosha umwami ngo amuce umutwe.

Yezu avyumvise arababara cane. Aja kwiherēra, abantu baramukurikira. Ababonye bamutera ikigongwe, aca abasigurira ivy’ubwami bw’Imana, atako akiza n’abarwaye.

Kuri ako kagoroba abigishwa biwe baramwegēra bati: ‘Buragorovye, aha na ho ni mu gahinga. Rungika abantu baje kwironderera aho bogura utwokurya mu mihana iri hafi.’

Yezu ariko agaburira isinzi

Na we ati: ‘Si ngombwa ngo bajeyo, ni mubagaburire mwebwe nyene.’ Abaza Filipo ati: ‘Ni he twogurira ivyokurya bihagije aba bantu bose?’

Filipo ati: ‘Ivyogaburirwa aba bantu umwe umwe akaronka na dukeyi vyogurwa amahera menshi cane.’ Andereya na ati: ‘Uyu mwana adutwarira ivyokurya afise imikate itanu n’udufi tubiri, ariko ivyo ntivyokwira aba bantu bose.’

Yezu ati: ‘Babwire bicare ku bwatsi.’ Aca ashimira Imana, atangura kubimanyagura, abigishwa biwe babigaburira abantu bose. Abagabo bari 5 000, abagore n’abana na bo bari benshi cane. Bararya barahaga. Abigishwa bakoranije ibisigaye buzuza ibiseke 12!

Hanyuma Yezu abwira abigishwa biwe ngo binjire mu bwato, bajabuke ikiyaga c’i Galilaya. Mw ijoro haza umuyaga mwinshi cane, ibisebuzi (imipfunda) bibaterera irya n’ino baratinya cane. Mu gicugu hagati, babona umuntu ariko aza iyo bari agendera ku mazi. Baca bavuza induru, kuko batazi ico kintu ico ari co.

Yezu ati: ‘Ntimutinye ni jewe!’ Ariko ntibavyemera. Petero ati: ‘Muhanyi, niba ari wewe koko, mbwira nanje nze iyo ngendere ku mazi.’ Na we ati: ‘Ngwino!’ Petero ava mu bwato agendagenda ku mazi! Agira ubwoba atangura kwibira, ariko Yezu aramukiza.

Munyuma Yezu agaburira kandi ishengero ry’abantu, akoresheje imikate indwi n’udufi dukeyi. Bararya barahaga kandi. Uburyo Yezu yagaburira abantu ntibutangaje? Igihe azoba atwara mu bwami bw’Imana, nta kintu na kimwe tuzobura!

Matayo 14:1-32; 15:29-38; Yohani 6:1-21.



Ibibazo

  • Ni ikintu kibi ikihe cashikiye Yohani Umubatizi, kandi gituma Yezu amererwa gute?
  • Yezu agaburira gute isinzi ry’abantu bamukurikiye, kandi hasigara ibifungurwa bingana iki?
  • Ni kubera iki abigishwa batinya mw’ijoro, kandi Petero bimugendera gute?
  • Yezu agaburira gute abantu ibihumbi ubugira kabiri?
  • Ni kubera iki bizoba ari vyiza cane Yezu niyaganza isi ari Umwami yashizweho n’Imana?

Ibibazo vy’inyongera

  • Soma Matayo 14:1-32.

    Inkuru iri muri Matayo 14:23-32 itwereka iki ku bijanye na kamere ya Petero?

    Inkuru yo mu Vyanditswe yerekana gute ko Petero yahavuye acika umuntu ahumuye kandi akarengera inyifato yiwe yo kuba umuntu akora ibintu gihuruduka (Mat. 14:27-30; Yoh. 18:10; 21:7; Ivyak. 2:14, 37-40; 1 Pet. 5:6, 10)?

  • Soma Matayo 15:29-38.

    Yezu yerekanye gute ko yubaha ibintu vy’umubiri Se atanga (Mat. 15:37; Yoh. 6:12; Kol. 3:15)?

  • Soma Yohana 6:1-21.

    Abakirisu muri iki gihe bashobora gukurikiza gute akarorero ka Yezu ku bijanye n’intwaro (Yoh. 6:15; Mat. 22:21; Rom. 12:2; 13:1-4)?