Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya

Inkuru ya 87: Umwana Yezu mu Rusengero

Inkuru ya 87: Umwana Yezu mu Rusengero

RABA uwo mwana ariko araganira n’abo batama. Ni abigisha bo mu rusengero i Yeruzalemu. Uwo mwana na we ni Yezu. Aramaze kwegera haruguru, amaze imyaka 12.

Abo bigisha batangajwe n’uko Yezu azi ibintu vyinshi vyerekeye Imana vyanditswe muri Bibiliya. Ni kuki none Yozefu na Mariya bo atari ho bari? Bari he? Reka tubirabe.

Umwana Yezu ariko avugana n’abigisha

Uko umwaka utashe, Yozefu yama ajana abiwe i Yeruzalemu ku musi mukuru uhambaye bita Pasika. I Yeruzalemu hari kure cane. Nta muntu yari afise umuduga, kandi nta magarimoshi yariho. Benshi bāgenda n’amaguru, bakamara nk’imisi itatu mu nzira.

Yozefu yari amaze kugira umuryango munini. Yari afise barumuna ba Yezu na bashikiwe yitwararika. Uwo mwaka, Yozefu na Mariya n’abana babo bāriko barataha kure i Nazareti. Bībaza ko Yezu ari kumwe n’abandi. Ku kagoroba baruhutse ntibamubona. Bamuronderera mu ncuti no mu bagenzi baramubura! Baca basubira i Yeruzalemu kumurondererayo.

Munyuma bamusanga ngaha ari kumwe n’abo bigisha, abumviriza, kandi ababaza ibibazo. Bose bāratangazwa n’ubwenge bwiwe. Mariya ati: ‘Mbega mwana watugize ibiki? So wawe nanje twagumye tukurondera umutima utari mu nda.’

Na we ati: ‘Ni kuki mwiriwe murandondera? Ntimuzi ko ntegerezwa kuba ndi mu ngoro ya Data?’

Yezu yarakunda kuja aho ashobora kwiga ivy’Imana. Aho si ho natwe twokunda kuja none? I Nazareti, Yezu yama aja ku makoraniro ya buri yinga. Kubera ko yūmviriza cane, yari azi ibintu vyinshi biri muri Bibiliya. Natwe tumwigane.

Luka 2:41-52; Matayo 13:53-56.



Ibibazo

  • Kuri iyo shusho Yezu amaze imyaka ingahe, kandi ari hehe?
  • Ni igiki Yozefu n’abiwe bagira uko umwaka utashe?
  • Inyuma y’umusi Yozefu na Mariya bamaze ku rugendo batashe iwabo, ni kubera iki basubira i Yeruzalemu?
  • Yozefu na Mariya basanga Yezu hehe, kandi abantu baho batangazwa n’iki?
  • Yezu abwira iki nyina wiwe Mariya?
  • Twebwe twokwigana Yezu gute mu kwiga ivyerekeye Imana?

Ibibazo vy’inyongera

  • Soma Luka 2:41-52.

    Naho nyene Ivyagezwe vyasaba ko abantu b’igitsina-gabo ari bo gusa bitaba imisi mikuru yaba ku mwaka ku mwaka, ni akarorero keza akahe Yozefu na Mariya basigiye abavyeyi bo muri iki gihe (Luka 2:41; Gus. 16:16; 31:12; Imig. 22:6)?

    Ni mu buryo ki Yezu yahaye akarorero keza abakiri bato muri iki gihe ku bijanye no kugamburukira abavyeyi babo (Luka 2:51; Gus. 5:16; Imig. 23:22; Kol. 3:20)?

  • Soma Matayo 13:53-56.

    Abahungu bane bavukana na Yezu bavugwa muri Bibiliya ni bande, kandi mu nyuma babiri muri bo bakoreshejwe gute mw’ishengero rya gikirisu (Mat. 13:55; Ivyak. 12:17; 15:6, 13; 21:18; Gal. 1:19; Yak. 1:1; Yuda 1)?

Raba n'ibindi

YEZU NI INZIRA, UKURI N’UBUZIMA

Umuryango wa Yezu uja i Yeruzalemu

Yozefu na Mariya barahagarika umutima kubera babuze Yezu, ariko Yezu aratangazwa no kuba bataciye bamenya aho bomuronderera.