Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya

Inkuru ya 84: Umumarayika kwa Mariya

Inkuru ya 84: Umumarayika kwa Mariya

UWO mwigeme asa neza ni Mariya. Ni umwisirayeli aba i Nazareti. Imana irazi ko yari umuntu mwiza, ni co gituma yatumye Gaburiyeli umumarayika wayo kumubwira amakuru. Urazi ivyo yashitse amubwira? Reka tubirabe.

Yarashitse ati: ‘Mwaramutse, wewe watewe iteka rinini. Yehova ari kumwe nawe.’ Uyo muntu Mariya ntiyari bwamubone. Aca arahagarika umutima, kuko atamenye ico ashaka kuvuga. Gaburiyeli aramuhumuriza.

Mariya

Ati ‘ntutinye Mariya, Yehova yagushimye cane, ni co gituma ashaka kukugirira igitangaza. Uzovyara umwana, uze umwite Yezu.’

Arabandanya ati: ‘Azoba mukuru, kandi azokwitwa Umwana w’Imana Isumba Vyose. Yehova azomugira umwami nka Dawidi, ariko we azoganza imyaka yose, ubwami bwiwe ntibuzohera!’

Mariya ati: ‘Ivyo bishoboka bite? Sinabiriwe. Sindabana n’umugabo. Noshobora nte kuvyara umwana?’

Gaburiyeli ati: ‘Inguvu z’Imana zizokuzako, ni co gituma uwo mwana azokwitwa Umwana w’Imana.’ Hanyuma ati: ‘Ibuka incuti yawe Elizabeti. Bāvuze ko ashaje cane adashobora kuvyara, ariko ari hafi kuvyara umuhungu. Urabona rero ko ata kinanira Imana.’

Ubwo nyene Mariya ati: ‘Jewe ndi umusukukazi wa Yehova, ni bimbere nk’uko ubivuze.’ Nya mumarayika aca aragenda.

Mariya aca arahaguruka aja kurāba Elizabeti. Elizabeti yumvise ijwi ryiwe, umwana ari mu nda aranezerwa aca arasimbagurika. Yuzura impwemu y’Imana abwira Mariya ati: ‘Mu bagore bose wewe warahezagiwe.’ Mariya amarayo nk’amezi atatu, hanyuma arataha i Nazareti.

Mariya yari hafi kwabīrwa n’umugabo yitwa Yozefu. Yozefu yumvise ko ari mu kuvyara, yumva ntagishaka kumwabīra. Umumarayika ati: ‘Ntutinye kumutwara ngo abe umugore wawe, kuko Imana ari yo yamuhaye umwana.’ Mariya na Yozefu barabīrana, barindīra ko Yezu avuka.

Luka 1:26-56; Matayo 1:18-25.



Ibibazo

  • Uwo mwigeme ari kuri iyo shusho ni nde?
  • Gaburiyeli abwira iki Mariya?
  • Gaburiyeli asigurira gute Mariya yuko azovyara umwana naho ata mugabo bari bwabane?
  • Ni ibiki bishika igihe Mariya agiye kuraba incuti yiwe Elizabeti?
  • Yozefu yiyumvira iki amaze kumenya ko Mariya ari mu kuvyara, mugabo ni kubera iki yisubirako?

Ibibazo vy’inyongera

  • Soma Luka 1:26-56.

    Muri Luka 1:35 herekana iki ku vyerekeye agasembwa ako ari ko kose gakomoka kuri Adamu kari mu kabuto ka Mariya igihe ubuzima bw’Umwana w’Imana bwimurwa bukuwe mu karere k’impwemu (Hag. 2:11-13; Yoh. 6:69; Heb. 7:26; 10:5)?

    Yezu yatewe iteka gute n’imbere nyene y’uko avuka (Luka 1:41-43)?

    Ni akarorero keza akahe Mariya yahaye abakirisu muri iki gihe baterwa agateka kadasanzwe k’umurimo (Luka 1:38, 46-49; 17:10; Imig. 11:2)?

  • Soma Matayo 1:18-25.

    Naho Yezu atiswe izina rya Imanuweli, uruhara yagize igihe yari ng’aha kw’isi rwashikije gute insobanuro y’iryo zina (Mat. 1:22, 23; Yoh. 14:8-10; Heb. 1:1-3)?

Raba n'ibindi

YEZU NI INZIRA, UKURI N’UBUZIMA

Ubutumwa bubiri buvuye ku Mana

Umumarayika Gaburiyeli yashikirije ubutumwa bugoye kwemera.

NIWIGANE UKWIZERA KWABO

Mariya—“Ehe ndi umushumbakazi wa Yehova!”

Inyishu Mariya yahaye umumarayika Gaburiyeli ihishura iki ku bijanye n’ukwizera kwiwe? Ni izindi kamere nziza izihe yerekanye?