Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya

Inkuru ya 95: Ingene Yezu Yīgisha

Inkuru ya 95: Ingene Yezu Yīgisha

UMUSI umwe hari umuntu Yezu yabwiye ko ategerezwa gukunda mugenziwe. Nya muntu na we amubaza ati: ‘Mugenzanje ni nde?’ Yezu yari azi ivyo ariko ariyumvīra. Yīyumvira ko abagenzi biwe ari abo bisangiye ubwoko canke idini gusa. Reka rero turābe ivyo Yezu yamubwiye.

Rimwe rimwe Yezu mu kwigisha yaca umugani. N’ico gihe ni ko yagize. Yaciye umugani w’umuyahudi n’umunyasamariya. Twaramaze kwiga ko abayahudi benshi batakunda Abanyasamariya. Nya mugani rero ng’uyu:

Harabaye umuyahudi yamanutse mu nzira ija i Yeriko, abambuzi bamugwako bamutwara amahera yiwe, baramukubita bamusiga ari hafi gupfa.

Munyuma haza umuherezi w’umuyahudi, aramubona. Wibaza ko yagize iki? Yaciye hambavu arirenganira. Hanyuma haca uwundi muntu akunda ivy’idini cane bita umulewi. Yarahagaze? Haba namba! Na we nyene ntiyahagaze ngo amufashe. Wa muherezi na wa mulewi ngabo bariko baramanuka.

Ariko rāba uyo ari kumwe n’umwe bakubita. Ni umunyasamariya, ariko afasha umuyahudi. Ariko ashira umuti ku bikomere vyiwe, hanyuma amujane aho yoruhukira gushika akire.

Umusamariya w’imbabazi

Ahejeje uwo mugani, abwira uwabajije ikibazo ati: ‘Wibaza ko muri abo bantu ari nde yabaye umugenzi w’uyo bakubise? Ni urya muherezi n’urya mulewi, canke ni uyo munyasamariya?’

Yishura ati: ‘Ni uyo munyasamariya yamufashije.’

Yezu ati: ‘Wishuye neza. Genda rero ugirire abandi nk’uko uyo yagize.’

Urashima ingene Yezu yigisha? Turashobora kwiga ibintu vyinshi vy’ingirakamaro twumvirije ivyo yavuze biri muri Bibiliya, si ko?

Luka 10:25-37.



Ibibazo

  • Ni igiki umuntu umwe abaza Yezu, kandi akimubariza iki?
  • Yezu rimwe na rimwe mu kwigisha akoresha iki, kandi tumaze kwiga ibiki ku vyerekeye Abayahudi n’Abasamariya?
  • Mu nkuru Yezu yigana, ni ibiki bishikira Umuyahudi yari ku rugendo aja i Yeriko?
  • Bigenda gute igihe umuherezi w’Umuyahudi n’Umulewi bazananye nya nzira?
  • Kuri iyo shusho, ni nde ariko arafasha wa Muyahudi yagirirwa nabi?
  • Yezu arangije kwigana nya nkuru, ni ikibazo ikihe abaza, kandi nya mugabo yishura ngw’iki?

Ibibazo vy’inyongera

  • Soma Luka 10:25-37.

    Yezu aho guca yishura buno nyene, yafashije gute umugabo umwe yari azi cane Ivyagezwe kuzirikana ku kintu kimwe (Luka 10:26; Mat. 16:13-16)?

    Yezu yakoresheje gute ibigereranyo kugira ngo akure ivy’ukwinubana mu bariko baramwumviriza (Luka 10:36, 37; 18:9-14; Tito 1:9)?

Raba n'ibindi

YEZU NI INZIRA, UKURI N’UBUZIMA

Umugenzi nyakuri ni nde?

Ni gute Yezu akoresha umugani w’Umusamariya w’imbabazi kugira yigishe icigwa gikomeye?

YEZU NI INZIRA, UKURI N’UBUZIMA

Umwana w’icangazi agaruka

Ni ivyigwa ibihe dukura ku karorero Yezu yatanze k’umwana w’icangazi?