Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya

Inkuru ya 89: Yezu Ahumānura Urusengero

Inkuru ya 89: Yezu Ahumānura Urusengero

AHA YEZU asa n’uko ashavuye, si ko? Urazi ikimushavuje none? Ni uko abo bantu bari mu rusengero rw’Imana i Yeruzalemu bakunda amahera cane. Bāshaka gutungishwa n’abaje ngaha gusenga Imana.

Yezu ariko atembagaza imeza z’amahera

Urabona ayo mashuri n’izo ntama bo n’izo numa? Bariko babigurishiriza ngaha mu rusengero. Urazi igituma? Ni uko Abisirayeli bari bakeneye ibitungwa n’inuma vyo gushikanira Imana.

Itegeko ry’Imana ryavuga ngo igihe umwisirayeli akoze nabi, atange ishikanwa ku mana. Hariho n’ibindi bihe yatanga ayo mashikanwa. Ivyo bitungwa n’izo numa vyo gushikanira Imana yobikuye he?

Abisirayeli bamwe bamwe bari babitunze. Abo bo bāca babitanga. Ariko benshi nta na kimwe bari batunze, abandi na bo bāba kure y’i Yeruzalemu, ntibari gushobora kubizana ku rusengero. Abantu rero bāza kubigurira ngaha. Ariko aba ubona aha bārabizimbako, kandi ni ikosa kubigurishiriza mu rusengero.

Ico ni co cashavuje Yezu. Imeza zabo arazitembagaza, ibiceri arabisanzaza. Atsiba inkoni mu migozi, ayikubitisha ibitungwa abisohora mu rusengero. Abwira abāriko bagurisha inuma ati: ‘Kura ibi ngaha! Inzu ya Data ni mureke kuyigira ahantu ho kudandariza.’

Bamwe mu bigishwa biwe bari kumwe na we. Bāratangaye babonye ivyo ariko aragira. Baca bibuka ahavuga ivyerekeye Umwana w’Imana muri Bibiliya ngo: ‘Urukundo afitiye inzu y’Imana ruzomwakamwo nk’umuriro.’

Igihe yari ngaha i Yeruzalemu arindiriye Pasika, yakoze ibitangaro vyinshi. Ivyo biheze ava i Yudaya asubira i Galilaya. Yategerezwa guca mu ntara y’i Samariya. Reka turābe ivyahabaye.

Yohani 2:13-25; 4:3, 4.



Ibibazo

  • Ni kubera iki ibitungwa biriko bigurishirizwa ku rusengero?
  • Yezu ashavujwe n’iki?
  • Nk’uko ubibona kuri iyo shusho, Yezu akora iki, agaca ategeka iki abagabo bariko bagurisha inuma?
  • Abigishwa ba Yezu babonye ivyo Yezu ariko arakora, baca bibuka iki?
  • Igihe Yezu asubiye i Galilaya, aca mu ntara iyihe?

Ikibazo c’inyongera

  • Soma Yohana 2:13-25.

    Uravye ingene Yezu yarakiye abavunjira amahera mu rusengero, dukwiye kubona gute ivy’ukugirira urudandaza mu Ngoro y’Ubwami (Yoh. 2:15, 16; 1 Kor. 10:24, 31-33)?

Raba n'ibindi

Yezu yerekana umwete afitiye ugusenga kw’ukuri

Kubera iki Yezu yashavuriye abadandariza ku rusengero kandi amategeko y’Imana yararekurira abantu kugurira i Yeruzalemu ibitungwa batangako ibimazi?