Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya

Inkuru ya 83: Urugo rw’i Yeruzalemu

Inkuru ya 83: Urugo rw’i Yeruzalemu
Abakozi bariko basanura impome za Yeruzalemu

RABA ako kazi kariko gakorwa ngaha. Abisirayeli bariko bubaka urugo rw’i Yeruzalemu. Igihe Umwami Nebukadinezari yahayogeza imbere y’imyaka 152, n’urugo yararusenyuye, inzugi zarwo na zo araziturira. Abisirayeli bamaze kugaruka iwabo ntibashitse barwubaka.

Kumara imyaka ingana uko yose mu gisagara kitazitiye, wibaza ko abantu bābibona bate? Imitima ntiyari mu nda. Abansi boje kubatera. Aha, uwo Nehemiya yariko ararwubakisha kandi. Urazi Nehemiya uwo ari we?

Ni umwisirayeli yaje ava i Shushani, hamwe Morodekayi na Esiteri bāba. Nehemiya yakora mu ngoro ibwami, yoba rero yari akundanye na Morodekayi hamwe n’umwamikazi Esiteri. Ariko Bibiliya ntivuga ko yari umusuku w’umwami Ahasuwerusi umugabo wa Esiteri. Yari umusuku wa Aritazeruzi, umwami yasubiriye Ahasuwerusi.

Ibuka ko Aritazeruzi yari umwami mwiza, yahaye Ezira amahera menshi ngo ayajane i Yeruzalemu gushariza urusengero rwa Yehova, ariko ntiyubatse urugo rwari rwarasenyutse. Reka turabe uko vyagenze kugira ngo Nehemiya abe ari we arwubaka.

Hāri haheze imyaka 13 Aritazeruzi ahaye Ezira amahera. Ico gihe Nehemiya yari umukuru w’abakevyi b’umwami, ni ukuvuga abamuhereza umuvinyu, kandi bakarāba ngo ntihagire uwumuha ishano. Ako ni akazi keza cane.

Umusi umwe, Hanani mwenewabo na Nehemiya hamwe n’abandi bantu, baja kumurāba bavuye mu gihugu c’Abisirayeli. Bamubwira amakuba barimwo n’ingene urugo rw’i Yeruzalemu rutarubakwa. Biramubabaza cane, aca asaba Yehova.

Umusi umwe, umwami abona ko atanezerewe. Ati ‘ni kuki usa n’uwubabaye cane?’ Amwishura ko ari uko i Yeruzalemu hōnonekaye, kandi urugo rwasenyuwe. Umwami ati: ‘Ushaka iki none?’

Nehemiya ariko ayobora igikorwa co kwubaka

Ati ‘ndekura njeyo, kugira ngo ndarwubake.’ Umwami Aritazeruzi yari mwiza cane, aramurungika, amufasha no kuronka ibiti vyo kwubakisha. Amaze gushikayo, abwira abantu icamuzanye. Barabishima cane, bati ‘ni muze dutangure.’

Abansi babonye urugo ruhagaze, bati ‘tuzoja kubīca, bace bareka kwubaka.’ Nehemiya aravyumva, aca aha abakozi inkota n’amacumu, ati ‘ntimubatinye, murwanire benewanyu, abana n’abagore hamwe n’amazu yanyu.’

Abantu ntibātinya namba. Bītwaza ibirwanisho vyabo ku murango no mw ijoro, akazi na ko kakabandanya. Mu misi 52 baba barwujuje, imitima isubira mu nda. Nehemiya na Ezira bigisha abantu amategeko y’Imana, na bo baranezerwa.

Ariko ibintu ntivyari bimeze nk’uko vyari biri imbere y’uko bajanwa nk’imbohe i Babiloni. Bari basigaye bagabwa n’umwami w’i Buperesi, kandi bātegerezwa kumukorera. Ariko Yehova yaraganye ko azotuma umwami mushasha, azozanira abantu amahoro. Uwo mwami ni nde? Azoyazana ate kw isi? Imyaka ishika 450 yaheze agakuru kiwe kadasubiye kwumvikana. Munyuma umwana ahambaye aravuka. Iyo ni iyindi nkuru.

Nehemiya ikigabane ca 1-6.



Ibibazo

  • Abisirayeli babona gute ukuba igisagara cabo Yeruzalemu kitari kizitiye?
  • Nehemiya ni nde?
  • Akazi ka Nehemiya ni akahe, kandi ni kubera iki gahambaye?
  • Ni inkuru iyihe ibabaza cane Nehemiya, kandi aca akora iki?
  • Umwami Aritazeruzi agirira neza Nehemiya gute?
  • Nehemiya atunganya gute igikorwa co kwubaka kugira ngo abansi b’Abisirayeli ntibagihagarike?

Ibibazo vy’inyongera

  • Soma Nehemiya 1:4-6 na 2:1-20.

    Nehemiya yarondeye gute kuyoborwa na Yehova (Neh. 2:4, 5; Rom. 12:12; 1 Pet. 4:7)?

  • Soma Nehemiya 3:3-5.

    Abasukura bwa bakurambere n’abakozi b’ishengero bokwigira iki ku budasa bwari hagati y’ab’i Tekowa n’abitwa “abapfasoni” bo muri bo (Neh. 3:5, 27; 2 Tes. 3:7-10; 1 Pet. 5:5)?

  • Soma Nehemiya 4:1-23.

    Ni igiki cavyuriye Abisirayeli umutima wo kubandanya kwubaka naho bariko bararwanywa bimwe bikomeye (Neh. 4:6, 8, 9; Zab. 50:15; Yes. 65:13, 14)?

    Ni mu buryo ubuhe akarorero k’Abisirayeli katuremesha muri iki gihe?

  • Soma Nehemiya 6:15.

    Ukuba uruzitiro rw’i Yeruzalemu bahejeje kurwubaka mu mezi abiri vyerekana iki ku bijanye n’ububasha bw’ukwizera (Zab. 56:3, 4; Mat. 17:20; 19:26)?