Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya

Inkuru ya 81: Bizeye Imfashanyo y’Imana

Inkuru ya 81: Bizeye Imfashanyo y’Imana

ABANTU bashika 50 000 ni bo bavuye i Babiloni. Bashitse basanga i Yeruzalemu ni amatongo nta muntu n’umwe ahaba. Bātegerezwa rero gusubira kwubaka vyose.

Uruhimbi ni rwo rwari urwa mbere mu vyo babanje kwubaka vyose. Uruhimbi ni ahantu bashikanira Yehova ibitungwa. Hashize amezi make batangura kwubaka urusengero. Ariko abansi bāba hafi y’aho ntibāshaka ko barwubaka. Baragerageza kubatera ubwoba ngo bareke. Munyuma abo bansi bosha umwami w’i Buperesi ngo ashinge itegeko ribabuza kubandanya kwubaka.

Imyaka irahera, iteba iba 17 kuva bavuye i Babiloni. Yehova atuma abamenyesha kazoza biwe Hagayi na Zekariya ngo babwire abantu basubire kwubaka, n’aho itegeko ryabibuza.

Umukuru wo muri Reta y’i Buperesi yitwa Tatenayi araza, ababaza uwabarekuriye kwubaka urusengero uwo ari we. Bamubwira ko igihe bari i Babiloni, umwami Kuro yababwiye ati: ‘Ni mugende i Yeruzalemu, mwubake urusengero rwa Yehova Imana yanyu.’

Tatenayi atuma ikete i Babiloni, kubaza ko Kuro igihe yari akiriho yigeze kuvuga ivyo. Ikete rivuye ku mwami mushasha w’i Babiloni riraza, rivuga ko Kuro yigeze kubivuga. Nya mwami yandika ati: ‘Reka Abisirayeli bubake urusengero rw’Imana yabo, kandi ntegetse ko ubafasha.’ Mu myaka nk’ine urusengero rwari rwuzuye, abantu baranezerwa.

Iyindi myaka myinshi irahera, hafi ya 48 kuva aho urusengero rwuzuriye. I Yeruzalemu abantu bari bakene, igisagara n’urusengero ntivyari vyiza. Ezira umwisirayeli yari akiri i Babiloni, yumva ko urusengero rukeneye gusharizwa. Urazi ico yagize?

Yagiye kwa Aritazeruzi umwami w’i Buperesi, uwo mwami mwiza amuha ibintu vyinshi vyo gutahana i Yeruzalemu. Ezira asaba abisirayeli bāri i Babiloni ko bomufasha kubitwara. Abantu bashika 6 000 baramwemerera. Bāgiye batwaye ifeza, inzahabu n’ibindi bintu vy’igiciro.

Ezira yari ahagaritswe umutima n’uko mu nzira hari abantu babi, bashobora kubanyaga ifeza n’inzahabu hanyuma bakabica. Aca arabakoranya nk’uko ubibona ngaha, basaba Yehova ngo abakingire mu rugendo rwabo.

Ezira n’abantu bariko barasenga

Yarabakingiye bashika amahoro. Bāmaze amezi ane mu nzira. Ivyo ntivyerekana ko Yehova ashobora kuzigama abamwizigiye?

Ezira ikigabane ca 2-8.



Ibibazo

  • Ni abantu bangahe bagira urugendo rurerure ruva i Babiloni gushika i Yeruzalemu, mugabo bashitseyo bahasanga iki?
  • Abisirayeli bamaze gushika babanza kwubaka iki, mugabo abansi babo bagira iki?
  • Hagayi na Zekariya ni abaki, kandi babwira abantu gukora iki?
  • Ni kubera iki Tatenayi atuma ikete i Babiloni, kandi aronka iyihe nyishu?
  • Ezira akora iki amaze kumenya yuko urusengero rw’Imana rukeneye gusharizwa?
  • Kuri iyo shusho, Ezira ariko asaba Imana iki, isengesho ryiwe ryishurwa gute, kandi ivyo bitwigisha iki?

Ibibazo vy’inyongera

  • Soma Ezira 3:1-13.

    Mu gihe vyoshika tugasanga turi mu karere katarimwo ishengero ry’abasavyi b’Imana, dukwiye kubandanya dukora iki (Ezr. 3:3, 6; Ivyak. 17:16, 17; Heb. 13:15)?

  • Soma Ezira 4:1-7.

    Ni akarorero akahe Zerubabeli yahaye abasavyi ba Yehova ku bijanye no kuvatiranya ukwizera (Kuv. 34:12; 1 Kor. 15:33; 2 Kor. 6:14-17)?

  • Soma Ezira 5:1-5, 17 na 6:1-22.

    Ni kubera iki abarwanya Abisirayeli batashoboye guhagarika igikorwa co kwubaka urusengero (Ezira 5:5; Yes. 54:17)?

    Ivyo abakuru b’Abayuda bakoze biremesha gute abakurambere bakirisu kurondera uburongozi buva kuri Yehova igihe bahanganye n’ababarwanya (Ezr. 6:14; Zab. 32:8; Rom. 8:31; Yak. 1:5)?

  • Soma Ezira 8:21-23, 28-36.

    Imbere y’uko dutangura gukora ikintu kinaka, ni akarorero akahe ka Ezira vyoba vyiza twiganye (Ezr. 8:23; Zab. 127:1; Imig. 10:22; Yak. 4:13-15)?