Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya

Inkuru ya 78: Indome Zandikwa ku Ruhome

Inkuru ya 78: Indome Zandikwa ku Ruhome
Ukuboko kuriko kwandika ku ruhome

NI IBIKI bibaye ngaha? Hāri ku musi mukuru; umwami w’i Babiloni yari yātumiye abantu bakuru bakuru. Bāriko banywesha ibikombe vy’inzahabu n’ivy’ifeza, hamwe n’inzavya bānyaze mu rusengero rwa Yehova i Yeruzalemu. Baza babona ukuboko gusokorotse mu kirere kwandika ku ruhome. Bahindira agashitsi icarimwe.

Belushaza n’abatumire biwe

Belishaza umwuzukuru wa Nebukadinezari ni we yari umwami ico gihe. Arataka ngo bahamagare abanyabwenge. Ati ‘uwuza gusoma zirya ndome akambwira n’insobanuro yazo, arahabwa impera nini, ateko abe umukuru agira gatatu mu ntwaro.’ Nta n’umwe muri bo yashoboye kuzisoma no kuzisobanura.

Nyina w’umwami yumva urwamo, yinjira mu ngoro bāriko bariramwo, ati ‘shira umutima mu nda. Mu gihugu cawe hariho umuntu azi imana zitagira agahonzi. Sogokuru Nebukadinezari akiriho, yamugize umukuru w’abanyabwenge bose. Yitwa Daniyeli. Mutumeko, araza kugusobanurira vyose.’

Buno nyene Daniyeli arinjizwa. Ahejeje kwanka impera, atangura kumubwira igituma Yehova yakuye ku ntwaro sekuru Nebukadinezari ati: ‘Yarishima, Yehova aca aramuhana.’

Abwira Belishaza ati: ‘Urazi ivyamubayeko vyose, ariko nawe nyene uguma wirata nka we. Wafashe ibikombe n’inzavya vyāvuye mu rusengero rwa Yehova urabinywesha. Washimagije imana zabajwe mu biti no mu mabuye ntiwubaha Umuremyi mukuru, ni co gituma Imana yatumye ukuboko kwandika zirya ndome.

‘Ivyanditswe ngibi: ‘MENE, MENE, TEKEL NA PARSIN.’

‘MENE ni ukuvuga ngo Imana yaharūye imisi y’ubwami bwawe isanga yaheze. TEKEL ni ukuvuga ngo bagupimye ku munzane basanga ntaco umaze. PARSIN ni ukuvuga ngo ubwami bwawe bwahawe Abamedi n’Abaperesi.’

Daniyeli akiriko aravuga, Abamedi n’abaperesi baba bamaze gutera Babiloni. Barahafata, Belishaza baramwica. Ivyanditswe ku ruhome birangūka muri iryo joro nyene, Abisirayeli bo vyabagendeye gute? Turaza kuvyiga munyuma, tubanze turabe ivyashikiye Daniyeli.

Daniyeli 5:1-31.



Ibibazo

  • Ni ibiki biba igihe umwami w’i Babiloni agirisha umusi mukuru maze agakoresha ibikombe hamwe n’inzavya vyakuwe mu rusengero rwa Yehova i Yeruzalemu?
  • Belishaza abwira iki abanyabwenge biwe, mugabo ni igiki badashobora kugira?
  • Nyina w’uwo mwami amubwira gukora iki?
  • Twisunze ivyo Daniyeli abwira umwami, ni kubera iki Imana yatumye ukuboko ngo kwandike ku ruhome?
  • Daniyeli asigura gute nya majambo yanditse ku ruhome?
  • Ni ibiki bishika Daniyeli akiriko aravuga?

Ibibazo vy’inyongera

  • Soma Daniyeli 5:1-31.

    Ugutinya Imana gutandukaniye he n’ugutinya Belushaza yagize igihe yabona ukuboko kuriko kurandika ku ruhome (Dan. 5:6, 7; Zab. 19:9; Rom. 8:35-39)?

    Daniyeli yerekanye gute uburindutsi bukomeye igihe yariko abwira Belushaza n’abaganwa biwe (Dan. 5:17, 18, 22, 26-28; Ivyak. 4:29)?

    Ni mu buryo ubuhe Daniyeli ikigabane ca 5 hashimika ku vy’uko Yehova ari we Segaba w’ibiriho vyose (Dan. 4:17, 25; 5:21)?