Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya

Inkuru ya 75: Abahungu Bane i Babiloni

Inkuru ya 75: Abahungu Bane i Babiloni

UMWAMI Nebukadinezari afata abisirayeli b’incabwenge abatwara i Babiloni, hanyuma atora imisore myiza myiza kandi ikerebutse. Bane muri yo ni aba ubona ngaha: Daniyeli n’abo batatu bītiwe i Babiloni ngo ni Shadaraki, Meshaki na Abedinego.

Yashaka kubigisha kugira ngo baze bakore ibwami. Imyaka itatu iheze bariko biga, yotoye abafise ubwenge cane, bakamufasha gutunganya ingorane. Yashaka ko bakomera kandi bakavyibuha, aca ategeka ko bagaburirwa ku vyokurya vy’ibwami muri ico gihe c’ukwiga.

Daniyeli, Shadaraki, Meshaki na Abedinego bariko basigura ivyo bemera

Rāba Daniyeli ngaha. Urazi ivyo ariko arabwira Ashipenazi umusuku mukuru wa Nebukadinezari? Ariko amubwira ko adashaka kurya ivyokurya bivuye ku meza y’umwami. Ashipenazi ahagarika umutima, ati: ‘Umwami ni we yagenye ivyo mukwiye kurya no kunywa, none ni yabona mutavyibushe nk’abandi ntazonyica?’

Daniyeli aca aja ku mugapita Ashipenazi yari yabahaye ati: ‘Ndagusavye utugerageze mu misi 10, uduhe imboga n’amazi yo kunywa, hanyuma utugereranye n’abarya ku vyokurya vy’umwami, urabe abazoba basa neza abo ari bo.’

Nya mugapita aravyemera. Ya misi 10 iheze, asanga Daniyeli na bagenzi biwe baravyibushe kurusha abandi bose, aca arareka barabandanya kurya imboga mu gishingo c’ibiva ibwami.

Imyaka itatu iheze, ya misore yose ijanwa kwa Nebukadinezari. Abaganirije bose, asanga Daniyeli na bagenzi biwe barakerebutse cane. Aca arabagumya kugira ngo bakorere ibwami. Aho hose umwami yabaza Shadaraki, Meshaki na Abedinego ibibazo bigumye, bāravyishura kurusha abanyabwenge biwe bose incuro 10.

Daniyeli 1:1-21.



Ibibazo

  • Abo bahungu bane bari kuri iyo shusho ni bande, kandi ni kubera iki bari i Babiloni?
  • Ni imigambi iyihe Nebukadinezari afitiye abo bahungu bane, kandi ategeka iki abasuku biwe?
  • Ni ibiki Daniyeli yisabira akabisabira na bagenziwe batatu ku bijanye n’ivyo gufungura be n’ivyo kunywa?
  • Daniyeli na bagenzi biwe batatu bamaze imisi cumi barya imboga, baca bamera gute ubagereranije n’abandi basore?
  • Bigenda gute ngo Daniyeli na bagenzi biwe batatu baje kuba ku kirimba c’umwami, kandi ni mu buryo ubuhe baruta abaherezi be n’abanyabwenge?

Ibibazo vy’inyongera

  • Soma Daniyeli 1:1-21.

    Ni akigoro nyabaki gakenewe nitwaba turondera kunanira inyosha mbi no gutsinda ubugoyagoye (Dan. 1:8; Ita. 39:7, 10; Gal. 6:9)?

    Ni mu buryo butandukanye ubuhe abakiri bato muri iki gihe bohava boshwa canke bagahatirwa kuja mu vyo bamwe babona ko ari nk’ “ivyo kurya” biryoshe (Dan. 1:8; Imig. 20:1; 2 Kor. 6:17-7:1)?

    Inkuru yo muri Bibiliya yerekeye ya misore ine y’Abaheburayo idufasha gutahura iki ku bijanye no kurondera ubwenge bwo mw’isi (Dan. 1:20; Yes. 54:13; 1 Kor. 3:18-20)?