Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya

Inkuru ya 73: Umwami wa Nyuma Mwiza

Inkuru ya 73: Umwami wa Nyuma Mwiza

YOSIYA yabaye umwami wa ya miryango ibiri amaze imyaka umunani. Iyo myaka ni mike cane ku mwami, ni co gituma abashingantahe babanje kumufasha kuganza.

Yosiya amaze imyaka indwi atwara, atangura kurondera Yehova, akurikira akarorero ka Dawidi, Yehoshafati na Hezekiya. Akiri muto, akora ikintu c’ubugabo.

Umwami Yosiya n’abantu biwe bariko bamenagura ibishusho

Abisirayeli nka bose bari bamaze igihe basenga imana zitari zo, bapfukamira ibishusho. Yosiya ajana n’abantu biwe, batangura gukuraho ugusenga kubi mu gihugu. Ntikari akazi koroshe, kubera ko ibishusho vyari vyinshi cane. Ngabo bariko barabimenagura.

Ivyo biheze, atora abantu batatu abashinga gusanura urusengero rwa Yehova. Abantu barasorōranya amahera, bayaha abo bakoresha ngo barihe abakozi. Bariko bararusanura, Hilikiya umuherezi mukuru atora ikintu c’ingirakamaro cane. Igitabu c’amategeko ya Yehova cānditswe na Musa kera cane, cari caratakaye kuva kera.

Bagishīra Yosiya, asaba ko bakimusomera. Arumviriza, yumva ko abantu bātakurikije amategeko ya Yehova. Arababara cane, yitaburirako impuzu nk’uko ubibona ngaha. Ati ‘Yehova aradushavuriye, kubera ko abatuvyaye batakurikije amategeko yanditswe muri iki gitabu.’

Shafani n’Umwami Yosiya

Yosiya ategeka Hilikiya ngo abaze ico Yehova azobagira. Hilikiya aja kubaza Hilida, umugore yari umumenyesha kazoza. Ababwira inkuru iva kwa Yehova ngo bayishikane kwa Yosiya ati: ‘Yeruzalemu n’abantu bose bagiye guhanwa kubera ko bāsenze ibishusho, igihugu cuzuramwo inkozi z’ibibi. Ariko kubera ko wewe Yosiya wakoze neza, ico gihano kizoza utakiriho.’

2 Ngoma 34:1-28.



Ibibazo

  • Yosiya aja ku ngoma afise imyaka ingahe, kandi atangura gukora iki amaze imyaka indwi atwara?
  • Ubona Yosiya ariko arakora iki ng’aho kw’ishusho ya mbere?
  • Umuherezi mukuru atora iki igihe abantu bariko barasanura urusengero?
  • Ni kubera iki Yosiya yitaburirako impuzu?
  • Ni ubutumwa ubuhe buvuye kuri Yehova umumenyeshakazoza Hilida ashikiriza Yosiya?

Ibibazo vy’inyongera

  • Soma 2 Ngoma 34:1-28.

    Ni akarorero akahe Yosiya aha aboba bategerezwa kwihanganira ingorane mu bwana bwabo (2 Ngo. 33:21-25; 34:1, 2; Zab. 27:10)?

    Ni ibintu bihambaye ibihe Yosiya yakoze mu guteza imbere ugusenga kw’ukuri mu mwaka ugira umunani ari ku ngoma, mu wugira cumi na kabiri be no mu wugira cumi n’umunani (2 Ngo. 34:3, 8)?

    Ni ivyigwa ibihe mu bijanye no kubungabunga aho dusengera twokwigira ku karorero k’Umwami Yosiya no ku karorero k’Umuherezi Mukuru Hilukiya (2 Ngo. 34:9-13; Imig. 11:14; 1 Kor. 10:31)?