Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya

Inkuru ya 72: Imana Ifasha Hezekiya

Inkuru ya 72: Imana Ifasha Hezekiya

URAZI igituma uyo muntu ariko arasaba Yehova? Ni kuki ashanje ayo makete imbere y’uruhimbi rwa Yehova? Ni Hezekiya, umwami wa ya miryango ibiri y’Abisirayeli. Ari mu kaga kanini. Kuki?

Umwami Hezekiya ariko arasenga

Kubera ko Abasiriya bari bamaze kwica ya miryango 10 yo mu burarūko, bayihora ububi bwayo. Abo Basiriya bari baje gutera iyo miryango ibiri na yo.

Umwami w’Abasiriya atuma amakete kwa Hezekiya. Ngayo ayashize imbere y’Imana. Ni ayo gutuka Yehova, no kubwira Hezekiya ngo yemere ko atsinzwe. Ni co gituma ariko arasaba ati: ‘Ewe Yehova, dukize uwo mwami w’Abasiriya, ni ho ibihugu vyose bizomenya ko ari wewe Mana wenyene.’ Yehova araza kumwumvira?

Hezekiya yari umwami mwiza, ntiyari ameze nka ba bami babi ba ya miryango 10, canke nka se Ahazi. We yarubaha rwose amategeko ya Yehova yose. Ahejeje gusenga, umumenyesha kazoza Yesaya amurungikira agakuru kavuye kwa Yehova ati: ‘Umwami w’Abasiriya n’abasoda biwe ntibazokwinjira i Yeruzalemu, mbere ntibazoruha banahegera. Nta mwampi n’umwe bazorasayo.’

Rāba ngaha kuri iki gishushanyo. Abo basoda bapfuye urazi abo ari bo? Ni abasiriya. Yehova yatumye umumarayika, yica abasoda 185 000 mw ijoro rimwe, umwami wabo aca ariruka.

Abasoda b’Abasiriya bapfuye

Iyo miryango ibiri irarokoka, imara imisi iri mu mahoro. Hezekiya arapfa, umuhungu wiwe Manase aba umwami. Manase n’umuhungu wiwe Amoni baba babi, inkozi z’ibibi zisubira kugwira mu gihugu. Amoni yicwa n’umusuku wiwe, Yosiya umuhungu wiwe aca aba umwami w’iyo miryango ibiri.

2 Abami 18:1-36; 19:1-37; 21:1-25.



Ibibazo

  • Uwo muntu ari kuri iyo shusho ni nde, kandi ni kubera iki ari mu kaga kanini?
  • Ayo makete Hezekiya yashize imbere y’Imana ni ay’iki, kandi Hezekiya asaba Imana iki?
  • Hezekiya ni umwami ameze gute, kandi ni ubutumwa ubuhe Yehova amurungikira biciye ku mumenyeshakazoza Yesaya?
  • Umumarayika wa Yehova akorera iki Abasiriya, nk’uko vyerekanwa kuri iyo shusho?
  • Naho ubwo bwami bugizwe n’imiryango ibiri bumara imisi buri mu mahoro, bigenda gute Hezekiya amaze gupfa?

Ibibazo vy’inyongera

  • Soma 2 Abami 18:1-36.

    Rabushake umuvugizi w’i Ashuri yagerageje gute gutuma ukwizera kw’Abisirayeli kugoyagoya (2 Abm. 18:19, 21; Kuv. 5:2; Zab. 64:3)?

    Igihe Ivyabona vya Yehova bari imbere y’ababarwanya, bakurikiza gute akarorero ka Hezekiya (2 Abm. 18:36; Zab. 39:1; Imig. 26:4; 2 Tim. 2:24)?

  • Soma 2 Abami 19:1-37.

    Abasavyi ba Yehova muri iki gihe bigana gute Hezekiya mu bihe vy’amagorwa (2 Abm. 19:1, 2; Imig. 3:5, 6; Heb. 10:24, 25; Yak. 5:14, 15)?

    Umwami Senakeribu yaneshejwe mu buryo butatu ubuhe, kandi agereranya nde (2 Abm. 19:32, 35, 37; Ivyah. 20:2, 3)?

  • Soma 2 Abami 21:1-6, 16.

    Ni kubera iki twovuga yuko Manase yari umwe mu bami babaye ababisha kurusha abandi bose bigeze kuganza i Yeruzalemu (2 Ngo. 33:4-6, 9)?