Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya

Inkuru ya 71: Iparadizo Twaraganiwe

Inkuru ya 71: Iparadizo Twaraganiwe

IYI ni ishusho y’iparadizo Imana yoba yareretse Yesaya umumenyesha kazoza wayo. Yesaya yabayeho munyuma ya Yona.

Abantu bari mw’Iparadizo

Iparadizo ni ukuvuga “itongo ryiza” canke “ikigo gisharije.” Ntikwibukije ikintu twamaze kwiga muri iki gitabu? Irasa cane na rya tongo ryiza Yehova yategurira Adamu na Eva, si ko? Isi yose izoteba ibe iparadizo none?

Yehova yabwiye umusavyi wiwe Yesaya kwandika ivy’iyindi paradizo azoha abantu biwe ati: ‘Amabingira n’intama bizobana mu mahoro. Imitavu n’abana b’intambwe bizorisha hamwe, umwana mutoyi azobiragira. N’umucuko nyene azokinira hambavu y’inzoka ikomora ntaco azoba.’

‘Hari abovuga ko ivyo bidashoboka, amarushwa kw isi yamyeho kandi azokwamaho.’ Iyumvīre: Adamu na Eva Imana yabagerereye ahantu hameze gute?

Yabashize mw iparadizo. Igituma bāyivuyemwo, barasaza hanyuma barapfa, ni uko batāyumviye. Imana yavuze ko abayikunda izobaha ivyo Adamu na Eva bātakaje.

Muri iyo paradizo izoza, nta kizobabaza canke ngo cice ikindi, hazoba hari amahoro nyakuri. Nta n’umwe azorwara. Bizomera nk’uko Imana yabishatse kuva mu ntango. Tuzokwiga uko izobigenza munyuma.

Yesaya 11:6-9; Ivyahishuriwe Yohani 21:3, 4.



Ibibazo

  • Yesaya yari nde, yabayeho ryari, kandi Yehova yamweretse iki?
  • Ijambo “iparadizo” risobanura iki, kandi rikwibutsa iki?
  • Yehova yabwiye Yesaya kwandika ibiki ku vyerekeye iyindi Paradizo?
  • Ni kubera iki Adamu na Eva bakuwe nya hantu heza cane baba?
  • Yehova asezeranira iki abamukunda?

Ibibazo vy’inyongera

  • Soma Yesaya 11:6-9.

    Ijambo ry’Imana ridondora gute amahoro azoba hagati y’ibikoko n’abantu mw’isi nshasha (Zab. 148:10, 13; Yes. 65:25; Ezk. 34:25)?

    Muri iki gihe, amajambo Yesaya yavuze ariko araranguka gute mu buryo bw’impwemu mu basavyi ba Yehova (Rom. 12:2; Ef. 4:23, 24)?

    Amahinduka abantu bagira muri kamere zabo muri kino gihe be n’ayo bazogira mw’isi nshasha bayakesha nde (Yes. 48:17, 18; Gal. 5:22, 23; Flp. 4:7)?

  • Soma Ivyahishuriwe 21:3, 4.

    Ivyanditswe vyerekana gute yuko kuba Imana izoba kumwe n’abantu bidasigura ko izoba kw’isi buhabe, mugabo yuko izoba ihari mu buryo bw’ikigereranyo (Lew. 26:11, 12; 2 Ngo. 6:18; Yes. 66:1; Ivyah. 21:2, 3, 22-24)?

    Ni amosozi nyabaki be n’uburibwe nyabaki bizokurwaho (Luka 8:49-52; Rom. 8:21, 22; Ivyah. 21:4)?