Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya

Inkuru ya 68: Abana Babiri Bazuka

Inkuru ya 68: Abana Babiri Bazuka

UPFUYE hanyuma ugasubira kubaho, nyoko wawe yomererwa gate? Yonezerwa cane! Birashoboka none ko uwapfuye asubira kubaho? Ivyo vyarigeze kuba?

Rāba uwo mugabo, uwo mugore n’uyo mwana. Uwo mugabo ni Eliya, umumenyesha kazoza. Uwo mugore ni umupfakazi yaba i Zarefati, ari kumwe n’umwana wiwe. Uwo mwana yararwaye araremba hanyuma arapfa. Eliya abwira uwo mugore ati: ‘Munzanire.’

Eliya ari kumwe n’umupfakazi be n’umwana wiwe yazuwe

Eliya amudugana mw igorofa aramuryamika, hanyuma arasenga ati: ‘Ewe Yehova, n’usubize ubuzima muri uyu mwana.’ Aca atangura guhēma! Eliya aramumanukana, abwira uwo mugore ati: ‘Rāba umwana wawe arakomeye!’ Ni co gituma ubona anezerewe.

Uwundi mumenyesha kazoza ahambaye wa Yehova yītwa Elisa, yari umufasha wa Eliya. Na we nyene yarakoze ibitangaro afashijwe na Yehova. Umusi umwe yagiye i Shunemu, umugore umwe aramwakīra neza. Munyuma uwo mugore avyara umwana w’umuhungu.

Umusi umwe mu gitondo uwo mwana amaze gukura, asanga se mu murima. Atangura kurira ngo ‘ndamenetse umutwe!’ Bamushikanye i muhira aca arapfa. Ese ukuntu nyina yababaye! Aja guhamagara Elisa.

Ashitse yinjirana ikiziga mu cumba, asaba Yehova kandi akiryamako. Ivyuya bimuzamwo, yasamura incuru indwi. Ese ukuntu nyina yanezerewe aho yinjiriye agasanga umwana wiwe arakomeye!

Abantu benshi cane bārapfuye, imiryango yabo n’abagenzi barababara. Twebwe ntidushobora kuzura abapfuye, ariko Yehova arabishobora. Munyuma tuzokwiga ingene azozura isinzi ry’abantu.

1 Abami 17:8-24; 2 Abami 4:8-37.


Ibibazo

  • Abo bantu batatu bari kuri iyo shusho ni bande, kandi ni ibiki bishikira ako gahungu?
  • Eliya asaba Imana iki ku bijanye n’ako gahungu, hanyuma bica bigenda gute?
  • Umufasha wa Eliya yitwa nde?
  • Ni kubera iki Elisa ahamagarwa ngo aje ku rugo rw’umugore umwe i Shunemu?
  • Elisa akora iki, kandi bigenda gute kuri nya mwana yari yapfuye?
  • Yehova afise ububasha bwo gukora iki nk’uko yabugaragaje biciye kuri Eliya na Elisa?

Ibibazo vy’inyongera

  • Soma 1 Abami 17:8-24.

    Ukugamburuka kwa Eliya be n’ukwizera kwiwe vyageragejwe gute (1 Abm. 17:9; 19:1-4, 10)?

    Ni kubera iki ukwizera kwa wa mupfakazi w’i Zarefati kwari ukudasanzwe (1 Abm. 17:12-16; Luka 4:25, 26)?

    Ivyashikiye wa mupfakazi w’i Zarefati vyerekana gute yuko amajambo ya Yezu ari muri Matayo 10:41, 42 ari ay’ukuri (1 Abm. 17:10-12, 17, 23, 24)?

  • Soma 2 Abami 4:8-37.

    Wa mugore w’i Shunemu atwigisha iki ku bijanye n’ubwakiranyi (2 Abm. 4:8; Luka 6:38; Rom. 12:13; 1 Yoh. 3:17)?

    Ni mu buryo butandukanye ubuhe twokorera ivyiza abasavyi b’Imana muri iki gihe (Ivyak. 20:35; 28:1, 2; Gal. 6:9, 10; Heb. 6:10)?