Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya

Inkuru ya 67: Yehoshafati Yizera Yehova

Inkuru ya 67: Yehoshafati Yizera Yehova

ABO BANTU urazi abo ari bo, kandi urazi ico bariko barakora? Bariko baja mu ndwano, abo bari imbere bariko bararirimba. Hari aho wobaza uti: ‘Ni kuki abo baririmvyi batagira inkota n’amacumu vyo kurwanisha?’ Ni vyo tugira turabe.

Abisirayeli bariko baja ku rugamba

Yehoshafati yari umwami w’imiryango ibiri y’Abisirayeli. Yatwara igihe Ahabu na Yezebeli bāgaba imiryango 10 mu burarūko. Yari umwami mwiza, eka na Asa se wiwe ntiyari mubi namba. Imiryango ibiri rero yari mu bumanuko, yamaze imyaka myinshi imerewe neza.

Munyuma haba ikintu giteye ubwoba. Haza abantu babwira Yehoshafati bati: ‘Ingabo nyinshi z’i Mowabu, i Amoni no mu misozi ziraguteye.’ Ishengero ry’Abisirayeli rikoranira i Yeruzalemu gusaba imfashanyo kwa Yehova. Yehoshafati arasenga ati: ‘Ewe Mana yacu Yehova, ntituzi uko tubigira, turatewe dufashe.’

Yehova arumva, ategeka umusavyi wiwe umwe ngo abwire abantu ati: ‘Urugamba si urwanyu ni urw’Imana. Mwebwe ntimuza kurwana. Muraza kubona ingene Yehova aza kubatabara.’

Bukeye, Yehoshafati abwira abantu ati: ‘Ni mwizigire Yehova!’ Ashira abaririmvyi imbere y’ingabo ziwe, bagenda barashemeza Yehova. Urazi ivyabaye bageze hafi y’indwano? Yehova atuma abasoda b’abansi barwana bo nyene, Abisirayeli bashitse basanga bose bapfuye!

Yehoshafati ntiyerekanye ubukerebutsi mu kwizigira Yehova? Natwe nyene tumwizigiye, twoba twerekanye ko dukerebutse.

1 Abami 22:41-53; 2 Ngoma 20:1-30.


Ibibazo

  • Yehoshafati yari nde, kandi yabayeho ryari?
  • Ni igiki gituma Abisirayeli bagira ubwoba, kandi benshi muri bo baca bakora iki?
  • Yehova yishura gute isengesho rya Yehoshafati?
  • Yehova atuma haba iki imbere y’uko indwano itangura?
  • Ni icigwa ikihe twokwigira kuri Yehoshafati?

Ibibazo vy’inyongera

  • Soma 2 Ngoma 20:1-30.

    Yehoshafati yerekanye gute ico abasavyi b’Imana b’intahemuka bakwiye gukora igihe bahanganye n’ibintu biteye ubwoba (2 Ngo. 20:12; Zab. 25:15; 62:1)?

    Kubera ko Yehova yamye akoresha umuhora acishako amakuru mu vyo agiranira n’abasavyi biwe, ni umuhora uwuhe akoresha muri iki gihe (2 Ngo. 20:14, 15; Mat. 24:45-47; Yoh. 15:15)?

    Imana niyatangura ya “ntambara yo ku musi uhambaye w’Imana ishobora vyose”, ni mu buryo nyabaki ivyacu bizoba bimeze nk’ivya Yehoshafati (2 Ngo. 20:15, 17; 32:8; Ivyah. 16:14, 16)?

    Mu kwigana Abalewi, abatsimvyi be n’abamisiyonari batanga intererano bwoko ki ku gikorwa co kwamamaza kirangurirwa kw’isi muri iki gihe (2 Ngo. 20:19; Rom. 10:13-15; 2 Tim. 4:2)?